Amakoraniro y’Umurimo Muri Ndamukiza
Indwi Itangura ku wa 5 Ndamukiza
Ururirimbo rwa 55
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Nimwihweze ikiganiro kivuga ngo “Mbega Twoshobora Gushikiriza ca Gitabu Créateur?” Nimuremeshe amashengero afise amashure yisumbuye n’aya kaminuza mu turere yakebewe ngo ashikirize ico gisohokayandikiro abarezi be n’abanyeshure nyene. Nutere akamo abashimishijwe bose bazoze kuri ya nsiguro y’icese idasanzwe ku wa 18 Ndamukiza. Iyo nsiguro ifise umutwe ugira uti: “Tugiranire Ubugenzi Nyakuri n’Imana be n’Abantu Nkatwe.”
Imin. 15: “Niwamamaze Inkuru Nziza Ubishashaye.” Intangamarara y’iki kiganiro urayigira mu gihe kidashika umunuta umwe, maze ikurikirwe n’ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Nugisozeze indemesho zishingiye ku gitabu Kiongozi cha Shule, urupapuro rw’191-192, ingingo ya 12-13.
Imin. 20: “Ukuntu Abagize Umuryango Bafashanya Kugira Bagire Uruhara Bimwe Vyuzuye—Mu Gikenurwa.” Ikiganiro kiremeshwa n’abagize umuryango. Niwihweze imvo zotuma umuryango ubona umurimo wo mu ndimiro nk’ikintu gikwiye gukorwa ubudahengeshanya uko indwi itashe kandi bose bakakigiramwo uruhara. Nushikirize indemesho zitangwa mu Munara w’Inderetsi wo muri Nyakanga 1993, urupapuro rw’8-9, ingingo y’9-12. Nusabe abavyeyi bari mu bumviriza bigane ukuntu bererwa mu kwungunganya igikenurwa c’imiryango yabo indwi ku yindi.
Ururirimbo rwa 67 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 12 Ndamukiza
Ururirimbo rw’112
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’amakonte.
Imin. 15: Ibikenewe iwanyu.
Imin. 20: “Niturushirize Gushinga Intahe Uko Umuhero Wegereza.” Hakoreshwe ibibazo n’inyishu. Nubaze ibibazo umwamamaji umwe canke babiri boba hari igihe batigera biyumvira yuko bogize uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, ariko ubu bakaba babikora uko bukeye uko bwije kubera yuko bahavuye bagatahura ko gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami ari ikintu gikenewe bimwe vyihutirwa. Niba umwanya ubakundiye, nushiremwo n’ivyabonywe bigufibigufi ukuye muri Annuaire 1997, urupapuro rwa 42-48, vyerekana ukuntu abamamaji bongereje akigoro bagira ko gushinga intahe mu kuja aho abantu bari.
Ururirimbo rwa 93 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 19 Ndamukiza
Ururirimbo rwa 79
Imin. 5: Amatangazo y’iwanyu n’Udukuru twa Gitewokarasi.
Imin. 10: “Woba Uri n’Igitigiri c’Ibisohokayandikiro Wama Usaba?” Insiguro, niba bishoboka ishikirizwe n’umukurambere canke umukozi w’ishengero ajejwe ibinyamakuru. Nimumenyeshe ishengero igitigiri c’ibinyamakuru muronka ku kwezi ku kwezi be n’incahagati y’ibishikirizwa abantu. Ntidukwiye kureka ngo ibinyamakuru bipfe ubusa. Nutange inama zerekana ukuntu ibinyamakuru vya kera bishobora kugabanganywa mu bantu.
Imin. 30: “Gukora Ubutsimvyi—Ni Uburyo Bwo Gukoresha Umwanya Wacu n’Ubukerebutsi!” Hakoreshwe ibibazo n’inyishu. Nugene abantu batandukanye batatu bigane ivyabonywe vyashikirijwe mu ngingo ya 5-7. Nusozere mu gutera akamo ababishoboye bose barimbure ivyerekeye gusaba ubutsimvyi bwo gufasha n’ubw’intahorereza. Amafomu arashobora kuboneka ku wo ari we wese mu bagize Komite y’Umurimo y’Ishengero. Nucishemwo yuko hatararengerana gusaba gukora ubutsimvyi bwo gufasha muri Rusama.
Ururirimbo rw’165 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura ku wa 26 Ndamukiza
Ururirimbo rwa 70
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Niwibutse bose gutanga raporo z’umurimo za Ndamukiza. Nutangaze amazina y’abazokora ubutsimvyi bwo gufasha muri Rusama, kandi uremeshe abandi basabe kubukora. Nutange inama ngirakamaro zimwezimwe zerekeye ugushikiriza ibinyamakuru bigezweko.—Raba Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Munyonyo 1996, urupapuro rw’8.
Imin. 17: “ ‘Nkwiye Gukora Iki?’ ” Umaze kwihweza muri make ico kiganiro kumwe n’abumviriza, nimurorere umuyabaga ariko araganira na nyina canke na se ku vyerekeye ivyo ategekanya muri kazoza amaze kurangiza amashure yisumbuye. Bihwereze hamwe Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Mukakaro 1998, urupapuro rw’8. Uwo muvyeyi amuhe impanuro zijanye n’indemesho zatanzwe mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma 1996, urupapuro rwa 20, n’uwo ku wa 1 Kigarama 1996 urupapuro rwa 27-29. Ubu ko amahasa asabwa yageruwe, uwo muyabaga narimbure uburyo bwo gukora ubutsimvyi mu gihe ariko arasozera amashure yiwe.
Imin. 18: Nimubaze Ibibazo Abatsimvyi bo gufasha. Umucungezi w’umurimo nabaze ibibazo abamamaji bamwebamwe bakora ubutsimvyi bwo gufasha muri uku kwezi be n’abandi babukoze muri kahise. Nubasabe bigane imihezagiro imwimwe baronse, ivyo baranguye be n’igituma barindiranye umushasharo akandi karyo ko gusubira gukora ubutsimvyi bwo gufasha n’imiburiburi ukwezi kumwe canke abiri mu mwaka.
Ururirimbo rwa 69 n’isengesho ryo gusozera.