“Nkwiye Gukora Iki?”
1 Niba ukiri umuto ariko aregereza kugera mu bigero, woshobora kwibaza uti: ‘Nkwiye gukora iki mu buzima bwanje?’ Abakirisu b’urwaruka barashaka kwagura umurimo barangurira Yehova mu gikenurwa. Ariko ivyo ushobora kubikora gute mu gihe uriko urashikira amabanga y’uwugeze mu bigero, hakaba harimwo no kwironsa utwo ubwawe ukenera mu vy’umubiri? Kubironkera inyishu bishobora kuba bitoroshe.
2 Abakiri bato bamwebamwe barahagarika umutima igihe batereje amaso ku kuntu ubutunzi bwifashe mw’isi n’igihe bagerageje kuraba uko ibintu bizoba vyifashe muri kazoza. Baribaza bati: ‘Noba nkwiye kwiyongeza amashure? Noba nkwiye kwinjira mu gikenurwa c’igihe cose ubu bwa none?’ Kugira ngo umuntu ashobore gufata ingingo ibereye, akeneye kwishura atibesha iki kibazo: ‘Ibintu nshira imbere mu buzima bwanje ni ibiki?’ Ategerezwa kurimbura imvo akorana ibintu.
3 Ni igiki washize imbere ngo kibe ari co witwararika mu buto bwawe? Woba ushimishwa canecane n’ukurondera amahera, canke woba vy’ukuri ushaka gukoresha ubuzima bwawe mu guteza imbere ivyungura Ubwami? Ukuba umuntu yaratsinze kaminuza si vyo bituma aca ategerezwa kuronka akazi. Abantu benshi batagiyeyo barigishijwe ubuhinga bwobatunga mu kuraba aho bamenyerezwa ibikorwa kanaka, mu gukurikirana amashure amwamwe y’imyuga cabure ivyigwa vya kaminuza vy’igihe gito kandi bidafatira umuntu cane.
4 Niwizigire Iryo Yehova Yasezeranye: Ikintu gihambaye kuruta umuntu yorimbura ni uko Yehova yadusezeraniye yuko abashira imbere ivyungura Ubwami mu buzima bwabo azobaronsa ivyo bakenera. (Mat. 6:33) Iryo si isezerano ry’uruhendo. Abavukanyi batari bake bitavye rya Shure Rimenyereza mu vy’Igikenurwa bari baratsinze muri za kaminuza imbere yuko biga ukuri. Mugabo, mu kazi kabo k’umubiri bakora iki? Bake cane ni bo wasanga bakora ivyo bari barigiye. Benshi wasanga bakora udukorwa two kwisumamwo, bakironsa neza uduhera bakeneye kugira bikenure mu gihe bakora ubutsimvyi. Mu kwagura umurimo barangura mu gikenurwa, bararonse imihezagiro iruta kure n’iyo amahera yose bociye.
5 Mu gufata ingingo y’ico wokora umaze guheza amashure, urashira ku munzane ibintu vyose wongere wihweze witonze ibigutuma ufata iyo ngingo. Kugira ngo ushobore kurabana uburimbane ivyo wohitamwo, ihweze nka bimwe vyashikirizwa muri Réveillez-vous! yo ku wa 8 Ntwarante 1998, urupapuro 19-21. Nubiganire n’abavyeyi bawe, abakurambere, umucungezi wanyu w’umuzunguruko be n’abatsimvyi bererwa bo mu karere ubamwo. Ivyo bizogufasha gufata ingingo iranga ubwenge ku vyerekeye ico wokora mu buzima bwawe.—Umus. 12:1, 13.