Icigwa Nomero ya 2—Igihe be n’Ivyanditswe Vyeranda
Kwerekana ukuntu igihe gikoreshwa muri Bibiliya kigabuwe, ibirangamisi bikoreshwa mu gihe ca none, amagenekerezo ngenderwako ya Bibiliya be n’ivyiyumviro bishimishije vyerekeye “urukurikirane rw’igihe.”
27 Nzero
Ukuntu Igihe Gihera Ningoga
(si-SW rup. 278-279 ing. 1-6)
UMUNTU aratahura bimwe bishitse yuko igihe kirengana. Uko agashinge k’isaha gatarutse, ni ko atera iyindi ntambwe mu gihe. Kukaba nkako, iyo akoresheje neza umwanya afise aba ari inkerebutsi. Umwami Salomo yanditse ati: “Ikintu cose cashingiwe igihe caco, kand’igikorwa cose musi y’ijuru gifise akanya kaco: har’igihe co kuvuka n’igihe co gupfa; igihe co gutera n’igihe co kurandura ivyatewe; igihe co kwica n’igihe co gukiza; igihe co gusambura n’igihe co kwubaka; igihe co kurira n’igihe co gutwenga; igihe co kuboroga n’igihe co kuvyina.” (Umus. 3:1-4) Ese ukuntu igihe gihera ningoga! Imyaka 70 ubuzima busanzwe bumara ni igihe kigufiya cane ku buryo umuntu adashobora kwironsa ubumenyi bwinshi canke ngo yinovore ibindi bintu vyiza vyose Yehova yashiriyeho umuntu kuri iyi si. “Ikintu cose yakiremye ari ciza mu gihe caco: kandi yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo, nah’umuntu adashobora guserangura igikorwa Imana yakoze uhereye kw itanguriro ugashitsa kw iherezo.”—Umus. 3:11; Zab. 90:10.
2 Yehova ubwiwe yamaho ibihe vyose. Ku biraba ibiremwa vyiwe, yarahimbawe no kubishira ahanaka mu rukurikirane rw’igihe. Abamarayika bo mw’ijuru, harimwo mbere na wa mugarariji Shetani, baratahura bimwe bishitse yuko igihe kirengana. (Dan. 10:13; Ivyah. 12:12) Ku vyerekeye umuryango w’abantu vyanditswe ngo: “Ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose.” (Umus. 9:11) Hahiriwe umuntu atigera yibagira Imana mu vyiyumviro vyiwe akongera akakiriza yompi intunganyo Imana yashizeho yerekeye ukuronsa abantu “ibifungurwa ku gihe kibereye”!—Mat. 24:45, NW.
3 Igihe Kigenda Indamvu. Naho igihe kiri hose, nta muntu n’umwe ariho ashobora gusigura ico ari co. Cokimwe n’ikirere, igihe ntikigira aho kigarukira. Nta n’umwe ashobora gusigura aho igihe gitangurira n’aho kigarukira. Ivyo bintu vyegukira ubwenge butagira aho bugarukira bwa Yehova, we adondorwa ko ari Imana y’“ibihe bidashira.”—Zab. 90:2.
4 Mugabo ntiwumve, igihe kirafise ibintu bimwebimwe bikiranga dushobora gutahura. Umuntu arashobora gupima mu buryo buboneka ukuntu gisa n’ikigenda. Vyongeye, igihe kigenda indamvu. Cokimwe n’imiduga ica mw’ibarabara aho yemererwa kugenda ija imbere ata guhindukira ngo isubire inyuma, igihe kigenda kitagabanura umuvuduko, kigenda indamvu, ni ukuvuga ko cama nantaryo kigenda cerekeza imbere gusa. Igihe, umuvuduko uwo ari wo wose gikoresha muri ukwo kugenda cerekeza imbere, ntigishobora kwigera gisubizwa inyuma. Tuba mu gihe gito ca kubu. Ariko rero, ako kubu ntikaguma hamwe; kaguma gahinduka kahise. Ako kubu ntikigera gahagarara.
5 Kahise. Kahise karamaze kurengana, ni igihe ca kera, kandi ntigashobora kwigera gasubira kubaho. Nta na rimwe umuntu ashobora kugarukana kahise, nka kurya adashobora gusubiza inyuma amazi amanuka umusozi, canke gusubiza inyuma umwampi uri mu kirere ngo ugaruke ku muheto wawurashe. Amakosa twakoze yarasize iharama mu rukurikirane rw’igihe, Yehova wenyene akaba ari we ashobora kurihanagura. (Yes. 43:25) Muri ubwo buryo nyene, ivyiza umuntu yakoze muri kahise vyarazigamwe ku buryo ‘bizomugarukako’ mu kuronka umuhezagiro uvuye kuri Yehova. (Imig. 12:14; 13:22) Muri kahise k’umuntu, usanga yarerewe canke yarananiwe. Nta bubasha umuntu aba agifise kuri kahise. Ku vyerekeye ababisha, handitswe ngo: “Kuko bazotemwa vuba nk’ubgatsi, bazokwuma nk’ukw imboga zitotahaye zuma.”—Zab. 37:2.
6 Kazoza. Kazoza koko kameze ukundi. Kama nantaryo kaza katugana. Dufashijwe n’Ijambo ry’Imana, turashobora kumenya intambamyi zovyuka imbere yacu, maze tukitegurira kuzitsinda. Turashobora kwibikira “ubutunzi mw ijuru.” (Mat. 6:20) Ubwo butunzi ntibuzokurwaho n’ukurengana kw’igihe. Buzogumana natwe kandi buzokwamaho muri kazoza k’ibihe bidahera kuzuye imihezagiro. Turitwararika ivyo gukoresha igihe tubigiranye ubukerebutsi, kubera yuko ivyo bigira ico bikoze kuri ako kazoza.—Ef. 5:15, 16.
17 Ruhuhuma
Ibintu vyo Muri Bibiliya Vyerekana Igihe
(si-SW rup. 279-280 ing. 7-13)
7 Ibintu Vyerekana Igihe. Amasaha dukoresha mu gihe ca none ni ibintu vyerekana igihe. Akoreshwa nk’ibipimo bipima igihe. Muri ubwo buryo nyene, Yehova we Muremyi, yaratanguje urugendo rw’ibintu amahero vyerekana igihe, na vyo bikaba ari isi yizinguriza, ukwezi kuzunguruka isi, hamwe n’izuba, kugira ngo umuntu aho yibereye kw’isi ashobore kumenya aho igihe kigeze ata kwihenda. “Imana iravuga, iti Mw itāzānure ry’ijuru ni habeh’ivyāka vyo gutandukanya umurango n’ijoro; bibēreho kuba ibimenyetso, no kwerekana ibihe, n’imisi n’imyaka.” (Ita. 1:14) Gutyo, ivyo bisyo vyo mu kirere, kubera ari ibintu vyinshi bifise intumbero zifitaniye isano, bigendagenda bikurikije urutonde rudahinduka na gato, bigapima igihe kigenda indamvu, bidahagarara canke ngo vyihende.
8 Umusi. Muri Bibiliya, ijambo “umusi” rifise insobanuro nyinshi zitandukanye, nk’uko nyene mu bihe vya none rikoreshwa mu buryo butandukanye. Iyo isi yizingurije incuro imwe, haba haciye umusi umwe w’amasaha 24. Muri iyo nsobanuro, umusi uba ugizwe n’umurango be n’ijoro, akaba ari amasaha 24. (Yoh. 20:19) Ariko rero, ikiringo c’umuco ubwaco, igisanzwe kimara amasaha 12, na co nyene citwa umusi. “Imana yita umuco [“Umusi,” NW], umwiza iwita ijoro.” (Ita. 1:5) Ivyo bidushikana kw’ijambo “ijoro,” rikaba ari ijambo ryerekeye igihe, kikaba ari ikiringo c’umwiza kimara amasaha 12. (Kuv. 10:13) Iyindi nsobanuro y’ijambo “umusi (imisi)” ni ikiringo abantu bamwebamwe bakomakomeye babayemwo. Nk’akarorero, ivyo Yesaya yeretswe, yavyeretswe ‘[mu misi] ya Uziya no mu ya Yotamu no mu ya Ahazi no mu ya Hezekiya’ (Yes. 1:1), kandi bivugwa ko imisi ya Nowa be n’iya Loti ari imisi yo mu buryo bw’ubuhanuzi. (Luka 17:26-30) Akandi karorero k’ukuntu ijambo “umusi” rikoreshwa mu buryo bwinshi canke bw’ikigereranyo, ni igihe Petero avuga yuko kuri Yehova “umusi umwe umeze nk’imyaka igihumbi.” (2 Pet. 3:8) Mu nkuru yo mw’Itanguriro, umusi w’irema wowo mbere ni ikiringo kirekire kuruta. Ni imyaka ibihumbi n’ibihumbi. (Ita. 2:2, 3; Kuv. 20:11) Muri Bibiliya, ivyo baba bariko baravuga ni vyo bica vyerekana insobanuro y’ijambo “umusi” aho hantu.
9 Isaha. Igaburwa ry’umusi mu masaha 24 ryatanguriye mu Misiri. Igaburwa ry’isaha mu minuta 60 nk’uko bigirwa muri iki gihe, ryatangujwe hishimikijwe uburyo bwo guharura bw’Abanyababiloni, ubwo bukaba bwari bushingiye ku gitigiri 60. Mu Vyanditswe vy’Igiheburayo nta hantu havugwa igaburwa ry’igihe mu masaha.a Mu Vyanditswe vy’Igiheburayo, aho kugira ngo umusi ugaburwemwo amasaha, hakoreshwa imvugo nk’izi ngo “mu gitondo,” “ku murango,” “ku murango w’amashōka” no “ku mugoroba,” mu kwerekana igihe. (Ita. 24:11; 43:16; Gus. 28:29; 1 Abm. 18:26) Ijoro ryari rigabuwemwo ibiringo bitatu vyitwa “ibihe vy’amaterama” (Zab. 63:6), bibiri muri vyo bikaba bivugwa mu buryo butomoye muri Bibiliya. Na vyo akaba ari ikiringo c’“Umuteramyi wa kabiri” (Abac. 7:19) be n’ic’umuteramyi wo mu “gicugu ca nyuma.”—Kuv. 14:24; 1 Sam. 11:11.
10 Ariko rero, mu Vyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu ijambo “isaha” riravugwamwo incuro nyinshi. (Yoh. 12:23, NW; Mat. 20:2-6) Amasaha yatangura guharurwa izuba riserutse, ni ukuvuga nk’isaha 12 zo mu gatondo. Bibiliya iravuga ivyerekeye ‘isaha igira gatatu,’ aho na ho akaba ari nka satatu zo mu gitondo. Bivugwa yuko ‘isaha ya gatandatu’ ari co gihe ubwirakabiri bwakoranye kuri Yeruzalemu igihe Yezu yari amanitswe. Kuri twebwe ivyo vyohuye na sasita zo ku murango. Bivugwa yuko igihe Yezu yapfira ku giti co kubabarizwako hari ‘nko kw’isaha igira icenda,’ ni ukuvuga nka sacenda zo ku muhingamo.—Mrk. 15:25; Luka 23:44; Mat. 27:45, 46.
11 Iyinga. Mu ntango y’ukubaho kw’umuntu ni ho yatanguye guharura ikiringo c’imisi indwindwi. Mu kubigira gutyo, yarakurikije akarorero k’Umuremyi wiwe, uwasozereye imisi itandatu yiwe y’irema mu gushiraho ikiringo kigira indwi, na co nyene kikaba ciswe umusi. Nowa yaharura imisi aza arafatira ku biringo vy’imisi indwindwi. Mu Giheburayo, ijambo ‘iyinga’ urudome ku rundi rishaka kuvuga umugwi w’ibintu indwi canke ikiringo kigizwe n’ibintu indwi.—Ita. 2:2, 3; 8:10, 12; 29:27.
12 Amezi Baharurira ku Mboneko z’Ukwezi. Bibiliya iravuga ivyerekeye ‘amezi baharurira ku mboneko z’ukwezi.’ (NW) (Kuv. 2:2; Gus. 21:13; 33:14; Ezr. 6:15) Amezi dukoresha mu gihe ca none si amezi baharurira ku mboneko z’ukwezi. Bapfuye gufata ikiringo c’umwaka bakigaburamwo ibihe 12. Ukwezi guharurirwa ku mboneko z’ukwezi, batangura kuguharura iyo ukwezi kubonetse mu kirere. Ukwo kwezi kugira imero zine mu misi nka 29 n’amasaha 12 be n’iminuta 44. Umuntu akira gusa kwitegereza imero y’ukwezi agaca amenya umusi ugezweko w’ukwezi.
13 Nowa, aho gukoresha amezi baharurira ku mboneko z’ukwezi, bisa n’uko yiganye ivyabaye akoresheje amezi y’imisi mirongo itatitatu. Biciye ku vyo Nowa yaza arandika ku musi ku musi ari mu bwato, turatahura yuko amazi y’Umwuzure yabandanije kurengera isi mu kiringo c’amezi atanu, ni ukuvuga “imisi ijana na mirongwitanu.” Haciye amezi 12 n’imisi 10, ni ho amazi yakama kw’isi kugira ngo abari mu bwato bashobore gusohoka. Gutyo, ivyo bintu vyabaye muri kahise vyarashoboye kwandikwa ata gakosa ku vyerekeye igihe.—Ita. 7:11, 24; 8:3, 4, 14-19.
21 Ndamukiza
Intunganyo Yehova Yagize y’Ibihe Iranga Urukundo n’Ubukerebutsi
(si-SW rup. 280 ing. 14-17)
14 Ibihe vy’Umwaka. Mu gutegura isi kugira ngo abantu bayibeko, Yehova yaragize intunganyo iranga ubukerebutsi n’urukundo, ashiraho ibihe vy’umwaka. (Ita. 1:14) Ivyo bihe bikurikirana bitumwe n’uko isi ihengamye ku ngero za dogere 23 n’igice, dufatiye ku nzira isi ikurikira mu kuzunguruka izuba. Ivyo bituma igice c’isi c’amaja epfo kibanza kurabana n’izuba, hanyuma haciye amezi atandatu igice c’amaja ruguru kikaba ari co kirabana n’izuba, ku buryo ibihe biza birakurikirana ku rutonde. Iryo hinduka ry’ibihe vy’umwaka rituma ikirere gihindagurika, rikongera rikagenga ibihe vy’itera n’iyimbura. Ijambo ry’Imana riradusubiriza umutima mu nda yuko iyo ndinganizo yerekeye uguhindagurika n’uguhushana kw’ibihe vy’umwaka izokwamaho. “Isi ikiriho, ibiba n’iyimbura, n’imbeho n’ubushuhe, n’ici n’agatāsi, n’umurango n’ijoro ntibizovaho.”—Ita. 8:22.
15 Muri ca Gihugu c’Isezerano, muri rusangi umwaka ushobora kugaburwamwo igihe c’imvura n’igihe c’izuba. Nko kuva hagati muri Ndamukiza gushika hagati muri Gitugutu, usanga hagwa akavura gakeyi cane. Igihe c’imvura gishobora kugaburwamwo ikiringo c’imvura ya mbere ari yo y’“agatāsi” (Gitugutu-Munyonyo); ic’imvura nyinshi yo mu rushana be n’ibihe vy’imbeho nyinshi (Kigarama-Ruhuhuma); hamwe n’ikiringo c’imvura ya nyuma ari yo y’“impeshi” (NW) (Ntwarante-Ndamukiza). (Gus. 11:14; Yow. 2:23) Ibihe vy’umwaka birinjiranamwo, kubera ihindagurika ry’ikirere mu mihingo itandukanye y’ico gihugu. Imvura ya mbere irabombeka ubutaka buba bwumye, ku buryo bw’uko Gitugutu na Munyonyo kiba igihe c’“irima” n’“ibiba.” (Kuv. 34:21; Lew. 26:5) Mu mvura nyinshi y’urushana yo kuva muri Kigarama gushika muri Ruhuhuma, harakunze kugwa ubwoko bw’urubura bwitwa shelegi, muri Nzero na Ruhuhuma na ho, ahantu hakirurutse hagashobora gukanya kurenza ca gihe amazi acika ibuye. Bibiliya iravuga yuko Benaya, umwe mu bantu b’abanyenkomezi ba Dawidi, yishe intambwe “ku musi shelegi yar’iguye.”—2 Sam. 23:20.
16 Ukwezi kwa Ntwarante n’ukwa Ndamukiza (nko mu kwezi kw’Abaheburayo kwa Nisani n’ukwa Iyari) ni amezi ‘imvura igwa mu gihe c’itasura.’ (Zek. 10:1) Iyo ni imvura ya nyuma, ikenewe kugira ngo imbuto zatewe mu gatasi zikure, babone kwimbura vyinshi. (Hos. 6:3; Yak. 5:7) Ico ni igihe kandi c’umwimbu wa mbere, Imana ikaba yategetse Abisirayeli gutanga imishuzo y’umwimbu ku wa 16 Nisani. (Lew. 23:10; Rusi 1:22) Ni igihe c’ubwiza be n’umunezero. “Amashurwe aratanguye gushurika ku misozi, igihe co kujwiragira kw’inyoni kirashitse, ijwi ry’intunguru rirumvikanye mu gihugu cacu; insukoni z’ibitumbge ziratanguye guhishira ku musukoni wazo, imizabibu irashuritse, imota ubumote bgayo bgiza.”—Ind. 2:12, 13.
17 Igihe c’izuba gitangura nko hagati muri Ndamukiza, mugabo muri ico kiringo hafi cose, na canecane mu biyaya vyo ku nkengera z’ikiyaga be no ku nkike z’imisozi aharaba mu Burengerazuba, ibiterwa vyo mu ci bibeshwaho n’urume rwinshi cane. (Gus. 33:28) Muri Rusama, impeke ziragenywa, kandi ku mpera z’ukwo kwezi ni ho Umusi Mukuru w’Amayinga (Pentekote) wahimbazwa. (Lew. 23:15-21) Hanyuma, uko harushiriza gushuha, ubutaka na bwo bukarushiriza kwuma, inzabibu zirasha maze zikimburwa, zigakurikirwa n’ibindi vyamwa vyo mu ci nk’imyerayo, amatende, be n’insukoni. (2 Sam. 16:1) Iyo ikiringo c’izuba kirangiye hanyuma ic’imvura na co kigatangura (ni ukuvuga nko mu ntango za Gitugutu), ivyimburwa vyose vyaba vyamaze gusarurwa, kikaba ari co gihe bahimbaza Umusi Mukuru w’Insago.—Kuv. 23:16; Lew. 23:39-43.
[Footnote]
a Ijambo “isaha” riboneka mu mpinduro ya Bibiliya yitwa King James Version muri Daniyeli 3:6, 15; 4:19, 33; 5:5, rikaba rikomoka ku rurimi rw’Igiharameya. Ariko rero, intohozamajambo y’uwitwa Strong, ikaba ari inyizamvugo y’Igiheburayo n’Igikaludayo, ivuga ko ijambo “isaha” risobanura “akanya.” Muri Bibiliya Les Saintes Écritures—Traduction du monde nouveau iryo jambo rihindurwa ngo “akanya.”
[Study Questions]
1, 2. Umwami Salomo yanditse iki ku biraba igihe, kandi turavye ingene igihe gihera ningoga, dukwiye kugikoresha gute?
3. Igihe n’ikirere bihuriye ku ki?
4. Dushobora kuvuga iki ku vyerekeye ukugenda kw’igihe?
5. Ni kubera iki vyoshobora kuvugwa yuko muri kahise k’umuntu, aba yarerewe canke yarananiwe?
6. Kazoza gatandukaniye he na kahise, kandi ni kubera iki dukwiye canecane kwitwararika kazoza?
7. Ni ibintu ibihe vyerekana igihe Yehova yashiriyeho umuntu?
8. Ni mu buryo butandukanye ubuhe ijambo “umusi” rikoreshwa muri Bibiliya?
9. (a) Igaburwa ry’umusi mu masaha 24, isaha imwe ikagirwa n’iminuta 60, ryatanguye gute? (b) Ni ibintu ibihe vyerekana igihe bivugwa mu Vyanditswe vy’Igiheburayo?
10. Abayuda baharura gute amasaha mu gihe ca Yezu, kandi kumenya ivyo bidufasha gute gutora neza igihe Yezu yapfiriyeko?
11. Ijambo ‘iyinga’ ryatanguye gukoreshwa ryari mu gupima igihe?
12. Ukwezi baharurira ku mboneko ni iki, kandi gutandukaniye he n’amezi dukoresha mu gihe ca none?
13. Inkuru yerekeye Umwuzure yashoboye gute kwandikwa ata gakosa?
14. (a) Yehova yatunganije gute ibihe vy’umwaka? (b) Indinganizo yerekeye ibihe vy’umwaka izomara igihe kingana iki?
15, 16. (a) Muri ca Gihugu c’Isezerano igihe c’imvura gishobora kugaburwa gute? (b) Dondora ibihe vy’imvura be n’isano ivyo bihe bifitaniye n’uburimyi.
17. (a) Mu gihe c’izuba ibiterwa bitungwa n’iki? (b) Rimbura igicapo kivuga ngo “Umwaka w’Abisirayeli,” maze ugabure umwaka wisunze ibihe vy’umwaka twihweje mu ngingo ya 15-17. (c) Ni ryari haba iyimbura rya mbere, igenywa ry’impeke, be n’igihe ivyimburwa vyose vyaba vyasaruwe, kandi ni imisi mikuru iyihe yahurirana n’ivyo bihe?
[Chart on page 6]
UMWAKA W’ABISIRAYELI
Izina ry’Ukwezi Nisani (Abibu)
Guhuye na Ntwarante - Ndamukiza
Umwaka mu vy’Imana Ukwezi kwa 1
Umwaka Usanzwe Ukwezi kugira 7
Aho Bivugwa Kuv. 13:4; Neh. 2:1
Imisi Mikuru 14 Nisani Pasika
15-21 Nisani Imisi Mikuru y’Imitsima Itambiwe
16 Nisani Gushikana imishuzo
Izina ry’Ukwezi Iyari (Zivu)
Guhuye na Ndamukiza - Rusama
Umwaka mu vy’Imana Ukwezi kugira 2
Umwaka Usanzwe Ukwezi kugira 8
Aho Bivugwa 1 Abm. 6:1
Izina ry’Ukwezi Sivani
Guhuye na Rusama - Ruheshi
Umwaka mu vy’Imana Ukwezi kugira 3
Umwaka Usanzwe Ukwezi kugira 9
Aho Bivugwa Est. 8:9
Imisi Mikuru Sivani 6 Umusi Mukuru w’Amayinga
(Pentekote)
Izina ry’Ukwezi Tamuzi
Guhuye na Ruheshi - Mukakaro
Umwaka mu vy’Imana Ukwezi kugira 4
Umwaka Usanzwe Ukwezi kugira 10
Aho Bivugwa Yer. 52:6
Izina ry’Ukwezi Abu
Guhuye na Mukakaro - Myandagaro
Umwaka mu vy’Imana Ukwezi kugira 5
Umwaka Usanzwe Ukwezi kugira 11
Aho Bivugwa Ezr. 7:8
Izina ry’Ukwezi Eluli
Guhuye na Myandagaro - Nyakanga
Umwaka mu vy’Imana Ukwezi kugira 6
Umwaka Usanzwe Ukwezi kugira 12
Aho Bivugwa Neh. 6:15
Izina ry’Ukwezi Tishiri (Etanimu)
Guhuye na Nyakanga - Gitugutu
Umwaka mu vy’Imana Ukwezi kugira 7
Umwaka Usanzwe Ukwezi kwa 1
Aho Bivugwa 1 Abm. 8:2
Imisi Mikuru 1 Tishiri Umusi w’ivuzwa ry’inzamba
10 Tishiri Umusi w’Impongano
15-21 Tishiri Imisi Mikuru y’Insago
22 Tishiri Ikoraniro ry’agahebuza
Izina ry’Ukwezi Heshavani (Bulu)
Guhuye na Gitugutu - Munyonyo
Umwaka mu vy’Imana Ukwezi kugira 8
Umwaka Usanzwe Ukwezi kugira 2
Aho Bivugwa 1 Abm. 6:38
Izina ry’Ukwezi Kisilevu
Guhuye na Munyonyo - Kigarama
Umwaka mu vy’Imana Ukwezi kugira 9
Umwaka Usanzwe Ukwezi kugira 3
Aho Bivugwa Neh. 1:1
Izina ry’Ukwezi Tebeti
Guhuye na Kigarama - Nzero
Umwaka mu vy’Imana Ukwezi kugira 10
Umwaka Usanzwe Ukwezi kugira 4
Aho Bivugwa Est. 2:16
Izina ry’Ukwezi Shebati
Guhuye na Nzero - Ruhuhuma
Umwaka mu vy’Imana Ukwezi kugira 11
Umwaka Usanzwe Ukwezi kugira 5
Aho Bivugwa Zek. 1:7
Izina ry’Ukwezi Adari
Guhuye na Ruhuhuma - Ntwarante
Umwaka mu vy’Imana Ukwezi kugira 12
Umwaka Usanzwe Ukwezi kugira 6
Aho Bivugwa Est. 3:7
Izina ry’Ukwezi Vedari
Guhuye na (Ukwezi basobekamwo)
Umwaka mu vy’Imana Ukwezi kugira 13