Urashobora kwungukira ku kuntu Imana itwitwararika
Imana yaremanye imibiri yacu ubushobozi butangaje bwo gusubirana. Ikigo c’ivy’ubuvuzi citwa Johns Hopkins Medicine, kivuga ko igihe umuntu akomeretse, akungutse canke afise igisebe, umubiri uca “utangura gukoresha uburyo buhanitse bwo kuvura ico gikomere, caba kinini canke gitoyi.” Umubiri uca wihutira guhagarika ivirirana ry’amaraso, ukiremarema ukongera ugakomeza ahaba hakomeretse.
RIMBURA IKI KINTU: Nimba Imana yaturemanye ubushobozi bwo gukira ibisebe vyo ku mubiri, ubwo ntitwokwizigira umuhango yatanze w’uko izodufasha gukira n’ibisebe vyo ku mutima? Bibiliya igira iti: “Akiza abavunitse umutima, agatubika ahantu habababaza.” (Zaburi 147:3) None nimba ufise intuntu, wokwemezwa n’iki yuko Yehova azotubika ahakubabaza, haba ubu no muri kazoza?
IVYO BIBILIYA ITWIGISHA KU BIJANYE N’URUKUNDO RW’IMANA
Imana isezerana iti: “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe. Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe. Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri.” (Yesaya 41:10) Umuntu azi ko Yehova amwitwararika aragira amahoro mu mutima n’inkomezi bituma yihanganira ibigeragezo bitandukanye. Intumwa Paulo yavuze ko ukwo gutekana mu mutima ari “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.” Yongeyeko ati: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.”—Abafilipi 4:4-7, 9, 13.
Ivyanditswe biradufasha kurushiriza kwizera ivyo Yehova yasezeraniye abantu. Nk’akarorero, mu Vyahishuwe 21:4, 5 haratubwira ivyo azokora be n’igituma twokwizigira ko azobikora, hati:
“Izohanagura amosozi yose” ku maso y’abantu. Yehova azokuraho imibabaro n’amaganya yose dufise, mbere n’ayo abandi bobona umengo ntahambaye.
“Uwicaye kuri ya ntebe y’ubwami” mw’ijuru, akaba ari Umwami Mushoboravyose aganza ivyaremwe vyose, azokoresha ububasha n’icubahiro afise kugira adukingire imibabaro kandi adufashe mu vyo dukeneye.
Yehova aradukura amazinda yuko ivyo yadusezeraniye ari ‘ivyo kwizigirwa n’ivy’ukuri.’ Ng’aho Yehova atubwiye ko hamwe atobishitsa, yoba yihakanye ko ari Imana y’ukuri.
“‘Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.’ Maze Uwicaye kuri ya ntebe y’ubwami avuga ati: ‘Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.’ Yongera avuga ati: ‘Andika, kuko aya majambo ari ayo kwizigirwa n’ay’ukuri.’”—Ivyahishuwe 21:4, 5.
Ivyaremwe be na Bibiliya birahishura ingene Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru ameze. Naho ivyo Imana yaremye bitavuga, biraduhimiriza ngo tumenye ko Imana ari Umugenzi wacu somambike. Bibiliya yoyo ica itubwira idomako iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” (Yakobo 4:8) Mu Vyakozwe 17:27 havuga ko “itari kure y’umwe wese muri twebwe.”
Niwafata umwanya wo kumenya ivyerekeye Imana, uzorushiriza kujijuka yuko ‘ikubabara.’ (1 Petero 5:7) None niwizigira Yehova, uzokwironkera ivyiza ibihe?
Rimbura ivyashikiye uwitwa Toru wo mu Buyapani. Naho yarezwe na nyina w’umukirisu, yahavuye aja mu murwi w’ababandi bo mu Buyapani witwa Yakuza. Yigana ati: “Nabona ko Imana inyanka kandi nkiyumvira ko igihe hari umuntu nzi apfuye na canecane uwo niyumvamwo cane, caba ari igihano Imana impaye.” Toru yiyemerera ko ivyo vyatumye aba “umuntu w’igipfamutima kandi atagira ikinya.” Ku bijanye n’imigambi yari afise, yigana ati: “Nashaka gupfa nkiri muto nisasiye umuntu w’igihangange kundusha, gutyo nkaba nsize umugani.”
Ariko rero, Toru n’umukenyezi wiwe Hannah bamaze kwiga Bibiliya, Toru yaragize amahinduka akomeye mu buzima bwiwe no mu kuntu yabona ibintu. Hannah avuga ati: “Nariboneye ingene umugabo wanje ahinduka.” Ubu Toru avuga ata mazinda ati: “Hariho Imana yitwararika vy’ukuri umwe wese muri twebwe. Ntishaka ko hagira n’umwe apfa, kandi yipfuza kubabarira abigaya vy’ukuri amakosa yabo. Irumviriza ivyo tutobwira uwundi n’umwe be n’ibintu ata wundi yotahura atari yo. Vuba, Yehova azokuraho ingorane zose n’imibabaro yose. Ariko n’ubu aradufasha mu buryo tutaba twiteze namba. Aratwitwararika kandi akadutabara igihe tuba tutorohewe.”—Zaburi 136:23.
Nk’uko ivyashikiye Toru bivyerekana, kumenya ko Imana ishobora gukuraho amakuba yose be n’uko igiye kuyakuraho ikongera ikaduhanagura amosozi yose, biratuma twitega kazoza dutekanye, bikanadufasha kwiberaho neza muri iki gihe. Ego cane, no muri iyi si yuzuye imibabaro, urashobora kwungukira ku kuntu Imana itwitwararikana urukundo.