ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w17 Ntwarante rup. 28-31
  • Nube umugenzi igihe ubugenzi bugeramiwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nube umugenzi igihe ubugenzi bugeramiwe
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGIHE UMUGENZI AKOZE IKOSA
  • IGIHE UMUGENZI ARI MU NGORANE
  • WOBA UKWIYE GUCA UVUNIKA UMUTIMA?
  • Yarakosoye umwami
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Nathani—Yaraburaniye ugusenga gutyoroye adahemuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ni ibiki twigira ku basavyi ba Yehova b’intahemuka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Kuki umugenzi yampemukiye?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
w17 Ntwarante rup. 28-31
Umuhanuzi Natani ariko arazirikana imbere y’uko ashikiriza Umwami Dawidi ubutumwa Imana yari yamurungikanye

Nube umugenzi igihe ubugenzi bugeramiwe

Gianni na Maurizio baramaze imyaka nka 50 ari abagenzi. Ariko rero, vyarigeze gushika ubugenzi bwabo burageramirwa. Maurizio avuga ati: “Narashikiwe n’ingorane, ndakora ikosa rikomeye ryatumye ducanamwo.” Gianni yongerako ati: “Maurizio ni we yatanguye kunyigisha Bibiliya. Yahavuye ambera umuvyeyi mu vy’impwemu. Ivyo yari yakoze rero sinavyumva. Wamengo ijuru ringuyeko kubera nari nzi yuko ivyacu vyociye birangira. Numvise mbaye nk’agati kari mu ruzi.”

UMUGENZI ni ikindi, kandi kuzigama ubugenzi ntibipfa kwizana. None bishitse ubugenzi bukageramirwa, ni igiki cofasha? Hari vyinshi twigira ku bantu bamwebamwe bavugwa muri Bibiliya bari abagenzi nyakuri, mugabo vyahavuye bishika ubugenzi bwabo burageramirwa.

IGIHE UMUGENZI AKOZE IKOSA

Wa mwungere akaba n’Umwami Dawidi, yari afise abagenzi beza. Muri bo, twoshobora guca tubona Yonatani. (1 Sam. 18:1) Mugabo Dawidi yari afise n’abandi bagenzi, nka wa muhanuzi Natani. Bibiliya ntivuga igihe ubugenzi bwabo bwatanguriye. Ico tuzi ni uko igihe kimwe Dawidi yituye Natani nk’umugenzi, akamuserurira akari ku mutima. Dawidi yaripfuje kwubakira inzu Yehova. Ategerezwa kuba yarahaye agaciro iciyumviro ca Natani, kuko yari umugenzi wiwe, akagira n’impwemu ya Yehova.​—2 Sam. 7:2, 3.

Ariko rero, harashitse ikintu cageramiye ubugenzi bwabo. Umwami Dawidi yarasambanye na Bati-sheba, mu nyuma yicisha umugabo wiwe Uriya. (2 Sam. 11:2-21) Dawidi yari amaze imyaka myinshi ari intahemuka kuri Yehova kandi ashigikira ubutungane. Noneho ng’uyo akoze ico gicumuro gikomeye! Mbega uwo mwami mwiza, vyari vyamugendeye gute? None ntiyabona ko ico kintu cari ikibi kibishe? Yoba yiyumviriye ko yari kubihisha Imana?

None Natani yari gukora iki? Yoba yari kureka ngo uwundi muntu abe ari we abwira umwami ico kintu? Kanatsinda, n’abandi bari bazi ukuntu Dawidi yari yatunganije ivy’uko Uriya yicwa. Kubera iki none Natani yari kuvyisukamwo, agahava yonona ubugenzi bari bamaze igihe bafitaniye? Natani abivuze, vyari gushobora no kumucisha agatwe. Ubundi ho, Dawidi ntiyari yamaze kwicisha Uriya amuhora ubusa?

Ariko rero, Natani yavugira Imana. Uwo muhanuzi yari azi ko agumye yinumiye, ubucuti bwiwe na Dawidi bwotosekaye, ijwi ryiwe ryo mu mutima na ryo rikaguma rimwagiriza. Umugenzi wiwe Dawidi yari yakoze ikintu Yehova yanka. Uwo mwami yari akeneye rwose uwomufasha gusubira ku murongo. Ego cane, Dawidi yari akeneye umugenzi nyakuri, kandi Natani yarahaserutse. Natani yahisemwo kubimubwira akoresheje ikigereranyo coshoboye gukora ku mutima uwo yahoze ari umwungere. Yarashikirije ubutumwa bw’Imana, ariko abigira mu buryo bwatumye Dawidi atahura uburemere bw’amakosa yiwe yongera aragira ico akoze.​—2 Sam. 12:1-14.

Wokora iki none bishitse umugenzi wawe agakora ikosa rihambaye canke igicumuro gikomeye? Hari aho wokwiyumvira ko ubimubwiye woba wononye ubugenzi bwanyu. Canke na ho, wokwiyumvira ko ubibwiye abakurambere ngo bamufashe mu vy’impwemu, woba uhemukiye umugenzi wawe. None wokora iki?

Umwe Gianni twavuga mu ntango, yigana ati: “Narabonye ko hari icari cahindutse. Maurizio ntiyari akinserurira akari ku mutima nka kera. Naciye mfata ingingo yo kuyaga na we ku vyari vyabaye, naho kubigira rwari urugamba rukomeye cane. Naribajije nti: ‘None hari ico nomubwira adasanzwe azi? Vyongeye, yoshobora kuvyakira nabi cane!’ Ariko rero nibutse ibintu vyose twigiye hamwe, naciye numva ngize intege zo kuganira na we. Nakare, Maurizio na we nyene yarabigira igihe naba nkeneye gufashwa. Naho ntashaka kumwiteranyako, naripfuza kumufasha kuko nari ndamubabaye.”

Maurizio yongerako ati: “Gianni yambwije ukuri, kandi ntiyarira busema. Nari nzi ko ingaruka z’ivyo nakoze atari we yozibazwa canke Yehova. Naremeye rero impanuro nahawe n’abakurambere, kandi mu nyuma narasubiranye mu vy’impwemu.”

IGIHE UMUGENZI ARI MU NGORANE

Dawidi yari afise n’abandi bagenzi bamwumiyeko mu bihe bigoye. Umwe muri bo yari Hushayi, uwo Bibiliya yita “umugenzi wa Dawidi.” (2 Sam. 16:16; 1 Ngo. 27:33) Ashobora kuba yari umukozi wo ku kirimba yarya kamwe n’umwami kandi yamugendanira, rimwe na rimwe akaba yarashitsa amategeko umwami yatanga mw’ibanga.

Igihe Abusalomu mwene Dawidi yigarurira ingoma, Abisirayeli benshi baramushigikiye, ariko Hushayi yumira kuri Dawidi. Igihe Dawidi yariko arahunga, Hushayi yarajanye na we. Dawidi yarababajwe cane n’uko umuhungu wiwe bwite be n’abandi yari yizigiye bamuhemukiye. Hushayi wewe yagumye ari intahemuka, aremera gushira ubuzima bwiwe mu kaga kugira akore ikintu cokwishe umugambi mubi wari wateguwe. Hushayi ntiyabikoze ngo ni uko yari umukozi wo ku kirimba yategerezwa kugamburuka. Yabikoze kubera ko yari umugenzi adahemuka.​—2 Sam. 15:13-17, 32-37; 16:15–17:16.

Birakora ku mutima kubona ingene muri iki gihe, abavukanyi na bashiki bacu bafatana mu nda, bataravye igikorwa canke agateka bafise mw’ishengero. Uravye ivyo bakora, ni nk’aho umwe aba abwiye mugenziwe ati: “Ndi umugenzi wawe atari kubera itegeko, mugabo kubera uri n’agaciro kuri jewe.”

Umuvukanyi yitwa Federico, ivyo yaravyiboneye. Umugenzi wiwe somambike Antonio yaramufashije mu bihe bitoroshe yigeze gucamwo. Federico yigana ati: “Igihe Antonio yimukira mw’ishengero iwacu, ntitwatevye kuba abagenzi. Twese twari abakozi b’ishengero, kandi twararyoherwa no gukorana. Bidatevye, yarabaye umukurambere. Uretse ko yari umugenzi, yarambera n’akarorero mu vy’impwemu.” Mu nyuma, Federico yarakoze ikintu kitabereye. Yaciye arondera gufashwa mu vy’impwemu, ariko ntiyari agikwije ibisabwa vyo kuba umutsimvyi canke umukozi w’ishengero. None Antonio yavyifashemwo gute?

Federico ari kumwe n’abakurambere, mu nyuma na ho Antonio yafashe akanya ko kumwumviriza hanyuma akamuremesha

Igihe Federico yari mu ngorane, umugenzi wiwe Antonio yaramuteze yompi yongera aramuremesha

Federico avuga ati: “Narabonye ko Antonio asangiye umubabaro nanje. Yarakoze uko ashoboye kwose kugira ngo ampumurize. Yaritwararitse cane ko nosubirana mu vy’impwemu, kandi ntiyigeze ampeba. Yarandemesheje kugarura agatege mu vy’impwemu no kudatana n’akabando.” Antonio avuga ati: “Naramarana umwanya munini na Federico. Nashaka yuko atokwitinya kumbwira ikintu na kimwe, mbere n’ivyari bimubabaje.” Igishimishije ni uko Federico yahavuye agarukana ingoga zo mu vy’impwemu, mu nyuma arasubira kuba umutsimvyi n’umukozi w’ishengero. Antonio asozera avuga ati: “Naho tutakiri mw’ishengero rimwe, twararushirije kwiyumvanamwo.”

Federico na Antonio barateramanye

WOBA UKWIYE GUCA UVUNIKA UMUTIMA?

Wokwiyumva gute bishitse umugenzi somambike akagukurako amaboko igihe nyene wari umukeneye? Nta coza kibabaza nk’ico. Woba none woshobora kumubabarira? Ubugenzi bwanyu bwoba bwosubira gukomera nka kera?

Rimbura ivyashikiye Yezu mu misi ya nyuma yamaze kw’isi. Yari yaramaranye umwanya munini n’intumwa ziwe z’intahemuka, kandi bari bafitaniye ubugenzi budasanzwe. Birabereye kuba Yezu yabise abagenzi biwe. (Yoh. 15:15) Ariko none, vyagenze gute igihe yafatwa? Intumwa zaciye zihunga. Petero yari yavuze icese ko atokwigeze aheba Shebuja. Mugabo muri iryo joro nyene, Petero yarihakanye Yezu!​—Mat. 26:31-33, 56, 69-75.

Yezu yari azi ko yohanganye n’ikigeragezo ca nyuma ari wenyene. Yamara rero, yari afise imvo yo kuvunika umutima, no kubabara akababara. Mugabo ikiyago yagiraniye n’abigishwa biwe amaze imisi mikeyi azutse, kirerekana ko ata n’igicuro yari afise co kuvunika umutima, kubika inzika canke kwicuza. Yezu ntiyiriwe aradondagura amakosa y’abigishwa biwe, ushizemwo n’ayo bakoze muri rya joro yafatwa.

Ahubwo riho, Yezu yarahumurije Petero n’izindi ntumwa. Yaraberetse ko akibizigiye mu kubaha ubuyobozi bw’ingene boranguye igikorwa co kwigisha, gihambaye kuruta icigeze gukorwa cose. Yezu yari akibona ko izo ntumwa ari abagenzi biwe. Urwo rukundo yaberetse ntirwigeze rubava mu bwenge. Barihatiye kudasubira kubabaza Shebuja. Nkako, bararanguye neza igikorwa yari yarabashinze.​—Ivyak. 1:8; Kol. 1:23.

Mushiki wacu yitwa Elvira aribuka neza ko yigeze gucanamwo n’umugenzi wiwe somambike Giuliana. Avuga ati: “Igihe yambwira ko ababajwe cane n’ivyo nari nakoze, narabuze iyo nkwigwa, kandi ntiyarira busema. Ariko rero icankoze ku mutima, ni ingene yanzirikanye cane, akazirikana n’ingaruka zokwezwe n’inyifato yanje. Nzokwama nkenguruka ingene atashimitse ku kibi nari namukoreye, ariko nyabuna agashimika ku kuntu nariko ndigirira nabi. Narashimiye Yehova kuba nararonse umugenzi arengera umubabaro wiwe, akitwararika ineza yanje.”

Wumva none umugenzi mwiza akwiye gukora iki igihe ubugenzi bugeramiwe? Arakwiye kuyagisha umugenzi wiwe abigiranye ubuntu, ariko igihe bikenewe akamuhishuka. Azoba abaye nka Natani na Hushayi, abagumye ari intahemuka no mu bihe bigoye. Azoba kandi abaye nka Yezu, uwari afise umutima wo kubabarira abandi. Woba nawe ari ukwo umeze?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika