Ibirimwo
INDWI YO KU WA 27 RUHUHUMA 2017–5 NTWARANTE 2017
7 “Niwizigire Yehova, ukore iciza”
Iki kiganiro kiraca irya n’ino ukuntu icanditswe c’umwaka wa 2017 kituremesha kwitura Yehova igihe turi mu ngorane. Twisunze uburorero bw’abantu ba kera b’abizigirwa, turaza kubona igituma twokwizigira ko Yehova adushigikira, ariko kandi tukagira ico dukoze kugira ngo dutorere umuti ingorane twongere dufashe abandi.
INDWI YO KU WA 6-12 NTWARANTE 2017
12 Nukoreshe neza ububasha bwawe bwo kwihitiramwo
Muri iki kiganiro, turabona ingene twoha agaciro ububasha Imana yaduhaye bwo kwihitiramwo, mu kubukoresha mu buryo buhimbara nyene kubutanga. Kiradufasha no kubona ingene twokwubahiriza uburenganzira abandi bafise bwo kwihitiramwo.
INDWI YO KU WA 13-19 NTWARANTE 2017
17 Igituma kwifata ruto bigihambaye
INDWI YO KU WA 20-26 NTWARANTE 2017
22 Turashobora kuguma twifata ruto mu bihe bitoroshe
Ibi biganiro biradufasha kurushiriza gutahura kamere nziza cane yo kwifata ruto. Mu kiganiro ca mbere, turabona ico ukwifata ruto bisobanura be n’ico bidasobanura. Mu ca kabiri, turabona ingene twoguma twifashe ruto no mu bihe bitoroshe.
INDWI YO KU WA 27 NTWARANTE 2017–2 NDAMUKIZA 2017
27 “Ivyo bintu ubizeze abantu b’abizigirwa”
Kubera ko urunganwe rugenda rurabisa urundi, abakiri bato barakorera mu ngata abariko bariterera mu myaka. Iki kiganiro kiraca irya n’ino ingene abakiri bato be n’abakuze bosenyera ku mugozi umwe muri uwo muce.
32 Wari ubizi?