ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w17 Nzero rup. 32
  • Wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Ivyo bijanye
  • Ikimenyamenya gikomeye kuruta ibindi vyose c’urukundo rw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Imana igeza Aburahamu
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Imana Igerageza Aburahamu
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
w17 Nzero rup. 32
Izahaki atwaye inkwi, Aburahamu na we urwavya rurimwo amakara yaka

Wari ubizi?

Kera batwara umuriro gute?

MW’​ITANGURIRO 22:6 haravuga ivyo Aburahamu yakoze mu kwitegurira urugendo rwa kure kugira ngo aje gutanga ikimazi. Hagira hati: “Afata za nkwi z’ishikanwa riturirwa aziremeka Izahaki umuhungu wiwe, afata mu maboko yiwe umuriro n’ikibugita, maze bompi babandanya urugendo.”

Bibiliya ntivuga ingene kera bacana umuriro. Ku bijanye n’ibivugwa muri uwo murongo, hari umusobanuzi w’ivya Bibiliya yavuze yuko bitari gushoboka ko urubeya “ruguma rwaka mu rugendo rwose” Aburahamu na Izahaki bagize. Ku bw’ivyo, uwo murongo ushobora kuba werekeza ku bintu batwaye, bokoresheje mu gucana umuriro.

Ariko rero, hari abandi bavuga yuko gucana umuriro kera vyari bigoye cane. Aho bishoboka, abantu wasanga babona ko kuwurahura mu babanyi ari vyo vyari vyoroshe kuruta kuwicanira ubwabo. Ni co gituma abahinga benshi biyumvira ko Aburahamu ashobora kuba yatwaye urwavya rurekera ku munyororo, rwarimwo amakara y’umuriro bari baraye bavumbitse. (Yes. 30:14) Gutwara amakara yaka vyari gutuma aho bashitse hose bayashira ku dukwi, bagaca bafatisha umuriro.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika