Ibirimwo
15 Kigarama 2015
© 2015 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
INTEGURO Y’UKWIGA
1-7 RUHUHUMA 2016
Yehova ni Imana iyaga n’abasavyi bayo
URUPAPURO 4
8-14 RUHUHUMA 2016
Bibiliya yahinduwe mu buryo bworoshe gutahura
URUPAPURO 9
15-21 RUHUHUMA 2016
Nukoreshe neza ububasha bw’ururimi rwawe
URUPAPURO 18
22-28 RUHUHUMA 2016
URUPAPURO 23
IBIGANIRO VY’UKWIGA
▪ Yehova ni Imana iyaga n’abasavyi bayo
▪ Bibiliya yahinduwe mu buryo bworoshe gutahura
Yehova aramaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi ayaga n’abasavyi biwe mu ndimi zitandukanye. Ibi biganiro biratwereka ko kuba abantu bavuga indimi nyinshi bitabujije Yehova kuyaga na bo. Tuzobona kandi ukuntu Bibiliya y’isi nshasha, harimwo n’imwe yasubirwamwo mu congereza mu 2013, yafashije cane mu kweza izina ry’Imana no mu gutuma ivyo igomba bimenyekana.
▪ Nukoreshe neza ububasha bw’ururimi rwawe
Ubushobozi bwo kuvuga ni ingabirano nziza igitangaza iva ku Mana. Iki kiganiro kiraca irya n’ino ibintu bitatu dukwiye kwitwararika igihe tuvuga. Kiraturemesha kandi kwigana akarorero ka Yezu mu gukoresha iyo ngabirano ikomeye kugira dutere iteka Imana twongere dufashe abandi.
▪ Yehova azogushigikira
Twese turarwara. None dukwiye kubona gute inkuru zijanye no gukiza dusanga muri Bibiliya? Ni igiki dukwiye kurimbura igihe abandi baduhaye impanuro zijanye n’amagara? Iki kiganiro kiradufasha kwishura ivyo bibazo no kwifatira ingingo.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
14 Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo mu congereza mu 2013
28 Naragiraniye amahoro n’Imana hamwe na mawe
32 Ironderero ry’ibiganiro vy’Umunara w’Inderetsi wo mu 2015
KU GIPFUKISHO: Umutsimvyi adasanzwe ariko arabwira inkuru nziza ahimbawe inabibondo umwe n’abana biwe. Igisupanyoli n’ikiguwarani ni zo ndimi zikoreshwa mu nzego za leta muri ico gihugu, kandi ukuri kuriko kurakwiragira muri izo ndimi zompi
PARAGUAY
ABANYAGIHUGU
6.800.236
ABAMAMAJI