ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/5 rup. 3-5
  • “Umuhero” ni iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Umuhero” ni iki?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ICO UMUHERO UDASOBANURA
  • ICO UMUHERO USOBANURA
  • Ibibazo bine bijanye n’umuhero vyishurwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Umuhero w’isi: Hari abawutinya, abawushashaye, n’abarambiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Iyi si yoba igiye kuvaho?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Iyi Si Yoba Izorokoka?
    Iyi si yoba izorokoka?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/5 rup. 3-5
Umugore atinya yibaza ko umuhero uje kubera abona abantu bariko barahunga umuriro, umwotsi n’ibihomvagurike bitewe n’icago

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | UMUHERO WOBA URI HAFI?

“Umuhero” ni iki?

Iyo wumvise amajambo ngo “Umuhero uri hafi!” uca ubona iki mu bwenge? Woba uca ubona umuvugabutumwa w’ishaka ryinshi ariko arasemerera mu rusengero abwira abantu ngo bihane kuko umuhero uri hafi? Canke woba uca ubona umuntu agendagenda mw’ibarabara atangaza ubutumwa bw’umuhero? Ivyo bintu vyoshobora gutuma bamwe bahagarika umutima, abandi na bo ntibavyemere canke mbere bakabitwenga.

Bibiliya iravuga yuko ‘umuhero uzoza.’ (Matayo 24:14, Bibiliya Yera) Iwita kandi “umusi uhambaye w’Imana” canke “Haru–Magedoni.” (Ivyahishuwe 16:14, 16) Mu vy’ukuri, amadini ntavuga rumwe ku bijanye n’umuhero, kandi abantu benshi usanga bafise ivyiyumviro bitumvikana kandi bidahumuriza ku bijanye n’umuhero. Naho biri ukwo, Bibiliya iratomora neza ibijanye n’umuhero, ikatubwira ico usobanura n’ico udasobanura. Ijambo ry’Imana riradufasha kandi kumenya neza nimba umuhero uri hafi. N’ikiruta vyose, riratubwira ico twokora kugira tuze turokoke. Ariko reka tubanze dushire ahabona inyigisho zimwezimwe zitari zo zijanye n’umuhero hanyuma twerekane ico usobanura. None mu vy’ukuri Bibiliya ivuga ko “umuhero” ari iki?

ICO UMUHERO UDASOBANURA

  1. SI UGUTOKOMBERA KW’UMUBUMBE W’ISI.

    Bibiliya ivuga iti: “[Imana] yashinze isi ku bibanza vyayo bishimangiye; ntizogenda inyiganyijwe gushika igihe kitagira urugero, emwe gushika ibihe bidahera.” (Zaburi 104:5) Ico canditswe be n’ibindi biradukura amazinda yuko Imana itazokwigera isangangura isi canke ngo yemere ko isangangurwa!​—Umusiguzi 1:4; Yesaya 45:18.

  2. SI IKINTU KIZOPFA KWIYADUKIZA.

    Bibiliya irahishura yuko umuhero washingiwe igihe, ni ukuvuga ko Imana yashinze igihe nyezina uzozirako. Dusoma duti: “Nayo ivy’uwo musi canke isaha, nta n’umwe abizi, baba abamarayika mw’ijuru canke Umwana, atari Data. Mugume mureretse, mugume murikanuye, kuko mutazi aho igihe cashinzwe kizogerera.” (Mariko 13:32, 33) Biratomoye rero ko Imana (yo “Data”) izi neza “igihe cashinzwe” izozanirako umuhero.

  3. SI IKINTU KIZOTERWA N’ABANTU CANKE IBINTU BIZOKOROKA BIVA MU KIRERE.

    Ni igiki kizozana umuhero? Mu Vyahishuwe 19:11 havuga hati: “Mbona ijuru ryuguruye, maze mbona ifarasi yera. Kandi uwari ayicayeko yitwa Mwizigirwa na Munyakuri.” Umurongo wa 19 ubandanya uti: “Maze mbona ca gikoko n’abami b’isi n’ingabo zabo bikoraniye hamwe kurwana n’umwe yicaye kuri ya farasi hamwe n’ingabo ziwe.” (Ivyahishuwe 19:11-21) Naho ng’aha hakoreshejwe imvugo z’ikigereranyo, turatahura yuko Imana izorungika ingabo zayo z’abamarayika kurandura abansi bayo.

Abarokotse Harumagedoni, inyuma yabo hakaba haboneka umwotsi uduga

Ubutumwa bwo muri Bibiliya bwerekeye umuhero si inkuru mbi ahubwo ni inkuru nziza

ICO UMUHERO USOBANURA

  1. NI IHEREZO RY’INTWARO Z’ABANTU.

    Bibiliya isigura iti: “Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa. Kandi ubwo bwami ntibuzohabwa ikindi gisata c’abantu. Buzojanjagura ubwo bwami bwose bubuherengeteze, yamara bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.” (Daniyeli 2:44) Nk’uko vyavuzwe ku ciyumviro ca 3, Imana izorandura “abami b’isi n’ingabo zabo” bazoba “b[a]koraniye hamwe kurwana n’umwe yicaye kuri ya farasi hamwe n’ingabo ziwe.”​—Ivyahishuwe 19:19.

  2. NI IHEREZO RY’INTAMBARA, UBUKOZI BW’IKIBI N’AKARENGANYO.

    Bibiliya ivuga iti: “[Imana] ihagarika intambara gushika ku mpera y’isi.” (Zaburi 46:9) Yongerako iti: “Abagororotse [ni] bo bazokwibera mw’isi, kandi abatagirako umugayo ni bo bazosigara kuri yo. Nayo ababisha, bazokurwaho bave kw’isi; nayo abahemu, bazorandurwa kuri yo.” (Imigani 2:21, 22) Ivuga kandi iti: “Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.”​—Ivyahishuwe 21:4, 5.

  3. NI IHEREZO RY’AMADINI YAHEMUKIYE IMANA N’ABANTU.

    Bibiliya ivuga iti: “Abahanuzi bavuga ubuhanuzi mu kinyoma, nayo abaherezi, bakandamiza abantu bisunze ububasha bwabo. . . . None muzogira mute kw’iherezo ryavyo?” (Yeremiya 5:31) Yongerako iti: “Benshi bazombwira kuri wa musi ngo: ‘Mukama, Mukama, ntitwavuga ubuhanuzi mw’izina ryawe, tukirukana amadayimoni mw’izina ryawe, tugakora n’ibikorwa vyinshi vy’ububasha mw’izina ryawe?’ Maze nanje nzoca ndababwira icese nti: ‘Sinigeze ndabamenya! Mva mu maso, mwa bakora ivy’ubugarariji mwe!’”​—Matayo 7:21-23.

  4. NI IHEREZO RY’ABATUMA ISI IBANDANYA KUMERA NABI N’ABABISHIGIKIYE.

    Yezu Kristu yavuze ati: “Iri rero ni ryo shingiro ryo guca urubanza: ni uko umuco waje mw’isi mugabo abantu bagakunda umwiza aho gukunda umuco, kuko ibikorwa vyabo vyari bibi.” (Yohani 3:19) Bibiliya irigana ingene isi ya kera yasanganguwe mu gihe ca wa mugabo w’umwizigirwa Nowa. Ivuga iti: “Isi y’ico gihe yaratikijwe igihe yarengerwa n’amazi y’umwuzure. Mugabo biciye kuri iryo jambo nyene amajuru n’isi biriho ubu birundanirijwe umuriro, kandi bibitswe ku bw’umusi w’urubanza n’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana.”​—2 Petero 3:5-7.

Urabona yuko “umusi w’urubanza n’ugutikizwa” wimirije, ugereranywa n’ugutikizwa kw’“isi” yo mu gihe ca Nowa. None iyo si yatikijwe ni iyihe? Si uyu mubumbe wacu, ahubwo “abantu batibanga Imana,” ni ukuvuga abansi b’Imana, ni bo ‘batikijwe.’ No ku “musi w’urubanza” w’Imana wimirije, abigize abansi b’Imana ni bo bazotikizwa. Ariko abakunzi b’Imana bazokingirwa nk’uko vyagenze kuri Nowa n’umuryango wiwe.​—Matayo 24:37-42.

Ese ingene isi izoba ihimbaye Imana niyakuraho ububisha bwose! Biratomoye rero ko ubutumwa bwo muri Bibiliya bwerekeye umuhero atari inkuru mbi ahubwo ko ari inkuru nziza. Ariko ushobora kwibaza uti: ‘Bibiliya yoba itubwira umusi umuhero uzozirako? Woba uri hafi? Nokora iki kugira nze ndokoke?’

INYUMA Y’UMUHERO

Ibintu bizoba bimeze gute inyuma y’umuhero? Ivyanditswe vyinshi vyo muri Bibiliya biravuga ingene ibintu bizoba bimeze ico gihe. Nk’akarorero mu Vyahishuwe 21:4, 5 havuga hati: “‘[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.’ Maze Uwicaye kuri ya ntebe y’ubwami avuga ati: ‘Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.’” Rero, umuhero w’isi ntuzoba ryo herezo ry’ubuzima kuri bose. Imana yipfuza ko turokoka kandi iratubwira ico twokora kugira ngo tuzorokoke.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika