Ibirimwo
15 Ntwarante 2015
© 2015 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
INTEGURO Y’UKWIGA
4-10 RUSAMA 2015
URUPAPURO 7 • INDIRIMBO: 65, 64
11-17 RUSAMA 2015
URUPAPURO 12 • INDIRIMBO: 108, 24
18-24 RUSAMA 2015
Ikigereranyo c’italanto kitwigisha iki?
URUPAPURO 19 • INDIRIMBO: 101, 116
25-31 RUSAMA 2015
Dushigikire bene wabo na Kristu tudahemuka
URUPAPURO 25 • INDIRIMBO: 107, 63
IBIGANIRO VY’UKWIGA
▪ “Washimye kubigenza gutyo”
▪ Woba ‘uzoguma uri maso’?
Mu kiganiro ca mbere, turihweza ukuntu Yehova yayoboye abasavyi biwe akoresheje inyigisho igenda irarushiriza kuba iyitomoye n’iyoroshe gutahura. Mu kigira kabiri, turihweza umugani wa Yezu werekeye abigeme cumi b’isugi maze turabe ukuntu ushobora kudufasha kuguma turikanuye mu vy’impwemu muri iki gihe.
▪ Ikigereranyo c’italanto kitwigisha iki?
▪ Dushigikire bene wabo na Kristu tudahemuka
Igihe Yezu yavuga ibijanye n’ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe, yaratanze ibigereranyo bibiri tugiye kurimbura. Kimwe cerekeye abashumba bahabwa italanto, ikindi na co kikavuga ivyerekeye abantu batandukanywa nka kurya kw’impene n’intama. Nurabe icatumye Yezu atanga ivyo bigereranyo be n’ukuntu bitwerekeye.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
KU GIPFUKISHO: Ingenzi nyinshi ziraja i Copán kuratira ijisho ibisigarira vyo muri Kolombiya ya kera. Ivyabona vya Yehova baho bobo bariko barafasha abantu kuzirikana ivya kazoza
HONDURAS
ABANYAGIHUGU
8.111.000
ABAMAMAJI
22.098
ABATSIMVYI BASANZWE
3.471
Igisupanyoli ni rwo rurimi rukoreshwa mu nzego za leta muri Honduras. Mugabo abamamaji 365 mu mashengero 12 bakoresha ikigarifuna. Vyongeye hariho amashengero 11 n’imigwi 3 bikoresha ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Honduras