Ibirimwo
15 Nzero 2015
© 2015 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
INTEGURO Y’UKWIGA
2-8 NTWARANTE 2015
Nukengurukire Yehova maze uhezagirwe
URUPAPURO 8 • INDIRIMBO: 2, 75
9-15 NTWARANTE 2015
Igituma duhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba
URUPAPURO 13 • INDIRIMBO: 8, 109
16-22 NTWARANTE 2015
Nimwubake urugo rukomeye kandi rurangwa agahimbare
URUPAPURO 18 • INDIRIMBO: 36, 51
23-29 NTWARANTE 2015
Nimureke Yehova akomeze umubano wanyu yongere awukingire
URUPAPURO 23 • INDIRIMBO: 87, 50
30 NTWARANTE 2015–5 NDAMUKIZA 2015
Urukundo rudahera rwoba rushoboka?
URUPAPURO 28 • INDIRIMBO: 72, 63
IBIGANIRO VY’UKWIGA
▪ Nukengurukire Yehova maze uhezagirwe
Turashobora kugira umutima ukenguruka kandi tukawuzigama mu kuzirikana ku vyiza dufise no mu kubishimira Yehova. Kugira umutima ukenguruka bizodufasha kwirinda kuba intashima bidufashe no kwihanganira ibigeragezo. Icanditswe cacu c’umwaka wa 2015 kiratwibutsa kugira ico kintu muri uwu mwaka wose.
▪ Igituma duhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba
Iki kiganiro kirerekana neza igituma dukwiye kwibuka urupfu rwa Yezu. Kirasigura ico umukate n’umuvinyu bikoreshwa ku Cibutso bigereranya, kikatwereka n’ingene umuntu amenya ko akwiye canke adakwiye gufata kuri ivyo bimenyetso. Iki cigwa kiradufasha kandi kumenya ukuntu umwe wese muri twebwe yokwitegurira Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba.
▪ Nimwubake urugo rukomeye kandi rurangwa agahimbare
▪ Nimureke Yehova akomeze umubano wanyu yongere awukingire
Abubakanye bararushiriza gushikirwa n’imikazo be n’ibigeragezo. Ariko rero babifashijwemwo na Yehova, barashobora kugira urugo rukomeye kandi rurangwa agahimbare. Ikiganiro ca mbere kiraca irya n’ino ibintu bitanu vyofasha abubakanye kugira umubano ukomeye kandi uramba be n’icobafasha kuguma bafatanye mu nda. Ikiganiro kigira kabiri kirerekana ukuntu bokomeza ubushobozi bwabo bwo gukingira umubano wabo mu vy’impwemu.
▪ Urukundo rudahera rwoba rushoboka?
Urukundo nyakuri ruri hagati y’umugabo n’umugore rumeze gute? Urukundo ruramba rwoba rushoboka? Urwo rukundo rugaragazwa gute? Raba ico Indirimbo ya Salomo itwigisha ku bijanye n’urukundo rudahera.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
KU GIPFUKISHO: Bariko baramamaza bafise Bibiliya mu minwe mu karere gateye igomwe ka Grindelwald, hirya yabo hakaba hari ya misozi miremire y’i Berne
UBUSWISE
ABANYAGIHUGU
7.876.000
ABAMAMAJI
18.646
ABITAVYE ICIBUTSO (2013)
31.980