Ibirimwo
15 Munyonyo 2014
© 2014 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
INTEGURO VY’UKWIGA
29 KIGARAMA 2014–4 NZERO 2015
Izuka rya Yezu ritumariye iki?
URUPAPURO 3 • INDIRIMBO: 5, 60
5-11 NZERO 2015
Igituma dutegerezwa kuba beranda
URUPAPURO 8 • INDIRIMBO: 119, 17
12-18 NZERO 2015
Dutegerezwa kuba beranda mu ngeso zacu zose
URUPAPURO 13 • INDIRIMBO: 65, 106
19-25 NZERO 2015
“Abantu Imana yabo ari Yehova”
URUPAPURO 18 • INDIRIMBO: 46, 63
26 NZERO 2015–1 RUHUHUMA 2015
URUPAPURO 23 • INDIRIMBO: 112, 101
IBIGANIRO VY’UKWIGA
▪ Izuka rya Yezu ritumariye iki?
Nurabe igituma dushobora kwemera tudakeka ko Yezu yazuwe be n’uko ubu ari muzima. Iki kiganiro kirerekana kandi ingene kuba Kristu yazukiye ubuzima budapfa mw’ijuru bikwiye kugira ico bikoze kuri twebwe abamamaji b’Ubwami no ku gikorwa turangura.
▪ Igituma dutegerezwa kuba beranda
▪ Dutegerezwa kuba beranda mu ngeso zacu zose
Ivyo biganiro, ibishingiye ahanini ku gitabu c’Abalewi, birerekana igituma Yehova asaba abasavyi biwe kuba beranda be n’ukuntu twogaragaza iyo kamere. Biraca irya n’ino kandi uburyo butandukanye twoba beranda mu ngeso zacu zose.
▪ “Abantu Imana yabo ari Yehova”
▪ “Ubu muri igisata c’Imana”
Abantu bamwebamwe twigisha Bibiliya birabagora gutahura yuko Yehova afise ishirahamwe rimwe gusa kw’isi. Biyumvira yuko kuba inziraburyarya bihagije kugira umuntu ahimbare Imana, naho yoba ari mw’idini irihe. Ibi biganiro biratwereka ukuntu bihambaye kumenya igisata c’Imana ico ari co no gukorera Yehova wifatanije na co.
KU GIPFUKISHO: Abamamaji b’Ubwami bariko baramamaza i Santiago de Cuba, igisagara kigira kabiri mu bunini muri iryo zinga, kizwi kubera umuziki waho n’intambo kavukire zaho
KIBA
ABANYAGIHUGU
11.163.934
ABAMAMAJI
96.206
ABATSIMVYI BASANZWE
9.040