Ibirimwo
15 Gitugutu 2014
© 2014 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
INTEGURO Y’UKWIGA
1-7 KIGARAMA 2014
URUPAPURO 7 • INDIRIMBO: 108, 129
8-14 KIGARAMA 2014
URUPAPURO 13 • INDIRIMBO: 98, 102
15-21 KIGARAMA 2014
Nuhimbarwe n’agateka ufise ko gukorana na Yehova
URUPAPURO 23 • INDIRIMBO: 120, 44
22-28 KIGARAMA 2014
“Mugumize imizirikanyi yanyu ku bintu vyo hejuru”
URUPAPURO 28 • INDIRIMBO: 70, 57
IBIGANIRO VY’UKWIGA
▪ Niwizere Ubwami utanyiganyiga
▪ Muzoba “ubwami bw’abaherezi”
Ubwami bwa Mesiya ni bwo Yehova ariko arakoresha kugira ashitse umugambi afitiye isi n’abantu. Igihe duca irya n’ino ukuntu amasezerano atari make yo muri Bibiliya afitaniye isano n’iyo ntwaro yo mw’ijuru, nurabe igituma dukwiye kwizigira ubwo Bwami tutanyiganyiga.
▪ Nuhimbarwe n’agateka ufise ko gukorana na Yehova
Iki kiganiro kirerekana uburorero bw’abantu ba kera n’ab’iki gihe bakoreye Yehova. Kiratuma turushiriza gukenguruka agateka dufise ko gukorana n’Imana yacu, kikaba ari ikintu dukwiye guhimbarirwa vy’ukuri.
▪ “Mugumize imizirikanyi yanyu ku bintu vyo hejuru”
Muri iyi misi ya nyuma, hari ibintu vyinshi bigeramiye ukwizera kwacu. Ni ibiki twigira ku bagabo b’abizigirwa ba kera bagize ingorane nk’izacu, nk’akarorero Aburahamu na Musa? Iki cigwa kiradufasha kwihangana mu kuturemesha kugumiza imizirikanyi yacu kuri Yehova Imana no ku Bwami bwiwe.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
KU GIPFUKISHO: Hafi y’imirambi ya Mbololo mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Kenya, bashiki bacu babiri bariko barabwira inkuru nziza abaca mw’ibarabara rikuru ryo mu gasagara ka Tausa mu Ntara ya Taita
KENYA
ABANYAGIHUGU
44.250.000
ABAMAMAJI
26.060
INYIGISHO ZA BIBILIYA
43.034
ABITAVYE ICIBUTSO MU 2O13
60.166