Ibirimwo
15 Myandagaro 2014
© 2014 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
INTEGURO Y’UKWIGA
29 NYAKANGA 2014–5 GITUGUTU 2014
Abagore barangura uruhara uruhe mu mugambi wa Yehova?
URUPAPURO 6 • INDIRIMBO: 86, 104
6-12 GITUGUTU 2014
Nukoreshe Ijambo ry’Imana—Ni rizima!
URUPAPURO 11 • INDIRIMBO: 114, 101
13-19 GITUGUTU 2014
URUPAPURO 16 • INDIRIMBO: 51, 91
20-26 GITUGUTU 2014
Niwumve ijwi rya Yehova aho uri hose
URUPAPURO 21 • INDIRIMBO: 26, 89
IBIGANIRO VY’UKWIGA
▪ Abagore barangura uruhara uruhe mu mugambi wa Yehova?
Nurabe ivyo ukugarariza Imana muri Edeni kwakwegeye abagabo n’abagore. Niwihweze uburorero bw’abagore bamwebamwe bubaha Imana bo muri kahise. Nurabe kandi uruhara abagore bakirisu barangura mu mugambi w’Imana muri iki gihe.
▪ Nukoreshe Ijambo ry’Imana—Ni rizima!
Umwamamaji w’Ubwami wese yipfuza kuba kirumara mu busuku. Niwihweze ivyiyumviro ngirakamaro bimwebimwe bitwereka ukuntu twokoresha Bibiliya hamwe na twa dupapuro twacu tw’inkuru nziza mu kuyaga n’abantu no mu kubakora ku mutima dukoresheje Ijambo rya Yehova rizima.
▪ Ukuntu Yehova atwiyegereza
Umwe wese muri twebwe arakeneye kugiranira ubucuti n’Umuremyi wacu. Nurabe ukuntu incungu Yehova yaduhaye be n’Ijambo ryiwe ryanditse bigaragaza ko ari we yateye intambwe ya mbere yo kutwiyegereza.
▪ Niwumve ijwi rya Yehova aho uri hose
Kugira tugendere mu nzira y’ukuri, dutegerezwa kwumviriza ivyo Yehova avuga. Raba ukuntu dushobora kwumviriza ijwi rya Yehova naho Shetani be n’impengamiro zacu zo gukora igicumuro bituma tutaryumva neza. Iki kiganiro kiradufasha kubona ukuntu bihambaye guseruranira neza akari ku mutima n’Imana y’ukuri.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
3 Woba uriko uraronka‘ibifungurwa ku gihe kibereye’?
KU GIPFUKISHO: Bashiki bacu bariko baramamaza mu kirusiya aho abantu basamira akayaga i Tel Aviv. Hirya yabo hari imirambi iriko ibitandara y’igisagara ca Jaffa co mu gihe ca none, akaba ari ca kivuko kera citwa Yopa
ISRAYELI
ABANYAGIHUGU
8.050.000
IGITIGIRI C’AGAHETA C’ABAMAMAJI MU 2013
1.459
ABITAVYE ICIBUTSO MU 2013
2.671