Ibirimwo
15 Nzero 2014
© 2014 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania.
INTEGURO Y’UKWIGA
3-9 NTWARANTE 2014
Nusenge Yehova, wa Mwami w’ibihe bidahera
URUPAPURO 7 • INDIRIMBO: 106, 46
10-16 NTWARANTE 2014
Imyaka 100 Ubwami bumaze butegeka—Igira ico ikoze gute kuri wewe?
URUPAPURO 12 • INDIRIMBO: 97, 101
17-23 NTWARANTE 2014
URUPAPURO 17 • INDIRIMBO: 41, 89
24-30 NTWARANTE 2014
Nukorere Yehova imisi y’ivyago itaraza
URUPAPURO 22 • INDIRIMBO: 54, 17
31 NTWARANTE 2014–6 NDAMUKIZA 2014
“Ubwami bwawe nibuze”—None buzoza ryari?
URUPAPURO 27 • INDIRIMBO: 108, 30
IBIGANIRO VY’UKWIGA
▪ Nusenge Yehova, wa Mwami w’ibihe bidahera
Iki kiganiro kiremeza yuko Yehova yamye ari Umwami kikongera kigahishura ukuntu yategetse ibiremwa vyiwe vyo mw’ijuru no kw’isi. Kiraturemesha kandi gukurikiza uburorero bw’abahisemwo gusenga Yehova, wa Mwami w’ibihe bidahera.
▪ Imyaka 100 Ubwami bumaze butegeka—Igira ico ikoze gute kuri wewe?
Iki kiganiro kiratuma turushiriza gutahura ivyo Ubwami bwa Mesiya bwaranguye mu myaka 100 ya mbere bumaze butegeka. Kiraremesha kandi umwumwe wese muri twebwe kuba umutwarwa w’ubwo Bwami w’intahemuka kikongera kikatuvyurira umutima wo kuzirikana ku nsobanuro yuzuye y’icanditswe cacu c’umwaka wa 2014.
▪ Nuhitemwo neza mu buto bwawe
▪ Nukorere Yehova imisi y’ivyago itaraza
Nzokoresha gute ubuzima bwanje? Ico ni ikibazo gihambaye cane kuri uwo wese yiyeguriye Yehova. Muri ibi biganiro, turaca irya n’ino ingingo ngenderwako zoyobora abakirisu bakiri bato kugira ngo bakorere Imana bimwe bishitse, hamwe n’uturyo abakirisu bitereye mu myaka bafise two kwagura ubusuku bwabo.
▪ “Ubwami bwawe nibuze”—None buzoza ryari?
Muri iki gihe, abantu benshi barasamazwa n’ibiba mw’isi canke n’ibikorwa vyabo. Iki kiganiro kiraca irya n’ino ibintu bitatu bifasha abakirisu kwizigira ko Ubwami bw’Imana bugiye gukuraho ivy’iyi si mbi.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
KU GIPFUKISHO: Kubwira inkuru nziza abanyeshure bo muri kaminuza baturuka mu bindi bihugu mu gisagara ca Lviv
UKRAINE
ABANYAGIHUGU
45.561.000
ABAMAMAJI
150.887
Amashengero 1.737 n’imigwi 373 mu ndimi 15, harimwo n’igihongiriya, ikinyarumaniya, ikirusiya, ururimi rw’ibimenyetso rwo mu Burusiya be n’ikinya Ukraine