Ibirimwo
15 Munyonyo 2013
© 2013 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania.
INTEGURO Y’UKWIGA
30 KIGARAMA 2013–5 NZERO 2014
“Mugume murikanuye ku bw’amasengesho”
URUPAPURO 3 • INDIRIMBO: 67, 81
6-12 NZERO 2014
Dushobora gute kuguma ‘turindiriye’?
URUPAPURO 10 • INDIRIMBO: 119, 32
13-19 NZERO 2014
Abungere indwi, abatware umunani: ico basobanura kuri twebwe
URUPAPURO 16 • INDIRIMBO: 43, 123
20-26 NZERO 2014
Tugamburukire abungere ba Yehova
URUPAPURO 21 • INDIRIMBO: 125, 122
27 NZERO 2014–2 RUHUHUMA 2014
Bungere, nimwigane ba Bungere bakuru
URUPAPURO 26 • INDIRIMBO: 5, 84
IBIGANIRO VY’UKWIGA
▪ “Mugume murikanuye ku bw’amasengesho”
Uko iherezo ry’ivy’isi mbi ya Shetani ryegereza, birahambaye cane ko tudasinzira mu buryo bw’impwemu. Iki kiganiro kirerekana ukuntu kuguma turikanuye ku bw’amasengesho vyodufasha kuguma turi maso.
▪ Dushobora gute kuguma ‘turindiriye’?
Muri iki kiganiro, uraza kumenya ico twokwigira ku kwihangana kw’umuhanuzi Mika. Uraza kwihweza ibintu bizokwerekana ko ikiringo cacu co kurindira ko Yehova akuraho ivy’iyi si mbi kiri mu kurangira. Uraza kumenya kandi ukuntu twokwerekana ko dukenguruka ukwihangana kw’Imana.
▪ Abungere indwi, abatware umunani: ico basobanura kuri twebwe
Inkuru ivuga ukuntu Senakeribu yateye Yeruzalemu mu gihe ca Hezekiya turayikuramwo ivyigwa bihambaye. Amayagwa ari muri iki kiganiro arahambaye bimwe bidasanzwe ku bajejwe kuragira ishengero.
▪ Tugamburukire abungere ba Yehova
▪ Bungere, nimwigane ba Bungere bakuru
Ikiganiro ca mbere muri ibi biganiro bibiri kiraca irya n’ino ukuntu Yehova na Yezu baragira ubusho bwabo bwo kw’isi muri iki gihe kikongera kikerekana ukuntu intama zibwirizwa kwakira ingene bazitwararika. Ikiganiro kigira kabiri kiraca irya n’ino agatima abakurambere b’ishengero bakwiye kwihatira kugira uko bakora ari abungere batobato b’ubusho.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
8 Ingene twofasha mu vyo kuronsa abandi ivyo bakeneye
KU GIPFUKISHO: Gushinga intahe kw’ibarabara ku gituro c’amagariyamoshi i Tokyo. Abanyakazi barenga 2.800.000 baraja i Tokyo buri musi. Hariko haragirwa utwigoro two gushikira abantu tudasanga i muhira igihe turi mu gikorwa co kwamamaza inzu ku nzu
UBUYAPANI
ABANYAGIHUGU:
126.536.000
INCAHAGATI Y’ABAMAMAJI:
216.692
ABATSIMVYI BASANZWE:
65.245