IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO: KWISHIRAMWO NABI ABANDI BIZOHERA RYARI?
Kwishiramwo nabi abandi ni ingorane ihanze isi yose
UMUNYAMERIKA umwe yitwa Jonathan akomoka muri Koreya, akiri umwana abandi baramwishiramwo nabi kubera ubwoko bwiwe. Amaze gukura, yararondeye kuba ahantu abandi batomwishiramwo nabi kubera ukuntu asa mu maso canke ubwoko akomokamwo. Yaciye aja kuba umuganga mu gisagara co mu buraruko bwa Alaska, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hakaba ari ahantu hakanye ho kw’isonga rya ruguru ry’umubumbe w’isi. Kubera ko benshi mu bantu baho yavura basa na we, yari yizigiye ko agiye yaronka aho batazomwishiramwo nabi.
Ico cizigiro caramuheranye igihe yavura umukenyezi umwe w’imyaka 25. Igihe uwo murwayi wiwe yari muri koma yagarura ubwenge, yararavye mu maso ha Jonathan maze aca avuga amajambo yo kumutuka yerekana ukuntu yamye agaya Abanyakoreya. Ico kintu cashikiye Jonathan caramubabaje cane, kimwereka ko naho yagize utwo twigoro twose akaja kubana n’abo bantu, ata na hamwe batomwishizemwo nabi.
Ivyashikiye Jonathan birashira ahabona iki kintu c’ukuri kibabaje: Mu mihingo yose y’isi usanga abantu bishiramwo nabi abandi. Biboneka yuko agatima nk’ako kari ahantu hose hari abantu.
Ariko rero, naho kwishiramwo nabi abandi biri hose, abatari bake baravyiyamiriza. None bigenda gute ngo ako gatima gakwire hose kandi kiyamirizwa ukuraho? Ni ikintu vy’ukuri kitumvikana. Biboneka yuko abantu benshi biyamiriza ako gatima batabona ko bo ubwabo bagafise. Weho bite? Woba nawe ushobora kuba uri muri abo?
NI IKIBAZO CEGA UMUNTU WESE
Tubimenya canke tutabimenya, biragoye kubona ko twoba dufise agatima ko kwishiramwo nabi abandi. Bibiliya irasigura igituma bimeze gutyo mu kuvuga iti: “Umutima uribesha kuruta ibindi vyose.” (Yeremiya 17:9, Bibiliya Yera) Turashobora rero kwihenda tukiyumvira yuko twihanganira abantu b’uburyo bwose. Canke na ho turashobora kwisigura twerekana ko dufise imvo zumvikana zo kwiyumvira nabi abantu kanaka.
Wokwiyumva gute ushikiwe n’ikintu nk’iki?
Kugira ngo tubone ingene bigoye gutahura ko muri twebwe hashobora kuba hinyegeje agatima ko kwishiramwo nabi abandi, niwiyumvire iki kintu: Dufate ko uriko uragendagenda wenyene mw’ibarabara mw’ijoro. Ubonye abasore babiri utarigera ubona baza bagana iyo uri. Baboneka ko bafise inguvu kandi umwe muri bo asa n’uwufise ikintu mu kuboko.
None woba uciye ubona ko abo basore bashobora kukugirira nabi? Ni ivy’ukuri ko ivyo wigeze kubona bishobora gutuma uca wiyubara. Ariko none, iyo yoba vy’ukuri ari imvo yumvikana yotuma wibaza ko abo basore babiri bakugeramiye? Ikindi kibazo cogufasha kwisuzuma ni iki: Ubabonye waciye wibaza yuko bari mu bwoko ubuhe? Ingene wokwishura ico kibazo birashobora guca vyerekana agatima ufise. Vyoshobora kwerekana ko ku rugero runaka usanzwe ufise agatima ko kwishiramwo nabi abandi.
Tuvugishije ukuri, umwe wese muri twebwe usanga muri we afise ku rugero runaka agatima ko kwishiramwo nabi abandi. Mbere na Bibiliya irerekana uburyo bumwe abantu benshi bagaragazamwo ako gatima, mu kuvuga iti: “Abantu barāba ku rukoba gusa.” (1 Samweli 16:7, BY) Ko twese twatewe n’ako karanda, akenshi bikaba bigira ingaruka mbi, hoba hari icizigiro c’uko dushobora kurengera ivyo kwishiramwo nabi abandi canke tukabirandurana n’imizi mu buzima bwacu? Vyongeye, hoba hazogera igihe abantu bo kw’isi yose bakabaho batishiramwo nabi abandi?