ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/3 rup. 7
  • Izuka rya Yezu rituma turonka ubuzima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Izuka rya Yezu rituma turonka ubuzima
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Icizigiro c’izuka ni ntakekeranywa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • ‘Abapfuye Bazozurwa’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Icizigiro c’Izuka Kirafise Ububasha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • “Ndafise icizigiro ku Mana”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/3 rup. 7

Izuka rya Yezu rituma turonka ubuzima

IZUKA rya Yezu si ikintu gusa cabaye kera ata kamaro gifise kuri twebwe muri iki gihe, kandi si ryo rya nyuma. Intumwa Paulo yarerekanye ico iryo zuka risobanura igihe yandika ati: “Kristu yarazuwe mu bapfuye, aba umushuzo w’abasinziriye mu rupfu. Kubera ko urupfu rwazananye ku muntu, n’izuka ry’abapfuye ryazananye ku muntu. Kuko nk’uko muri Adamu bose bapfa, ni ko no muri Kristu bose bazogirwa bazima.”—1 Abakorinto 15:20-22.

Yezu yazutse ku wa 16 Nisani mu 33 G.C. (G.C. bisobanura “mu Gihe Cacu”), iryo rikaba ari ryo genekerezo Abayuda barenguka imbere ya Yehova Imana aheranda h’urusengero i Yeruzalemu, bagashikana umushuzo w’intete zeze ubwa mbere. Mu kuvuga ko Yezu yabaye umushuzo, intumwa Paulo yashatse kwerekana ko hariho n’abandi bozuwe mu bapfuye.

Ubukurikira, Paulo arasigura ivyo izuka rya Yezu ryatumye bishoboka. Yavuze ati: “Kubera ko urupfu rwazananye ku muntu, n’izuka ry’abapfuye ryazananye ku muntu.” Twese turapfa kubera yuko Adamu yaturaze icaha n’ukudatungana. Ariko rero, Yezu yaratumye bishoboka ko abantu bazurwa bakava mu buja bw’icaha n’urupfu, mu gutanga ubuzima bwiwe butunganye ngo bube incungu. Paulo yaradondoye neza ico kintu muri make mu kwandika ati: “Impembo igicumuro gitanga [ni] urupfu, mugabo ingabirano Imana itanga ni ubuzima budahera biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu.”—Abaroma 6:23.

Yezu ubwiwe yarasiguye akamaro urupfu rwiwe n’izuka ryiwe bidufitiye. Ku bimwerekeye yavuze ati: “Umwana w’umuntu ategerezwa kuduzwa, kugira ngo umuntu wese amwemera aronke ubuzima budahera. Kuko Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.”—Yohani 3:14-16.

Iyumvire nawe kubaho ibihe bidahera ata ntuntu n’umubabaro! (Ivyahishuwe 21:3, 4) Ese ukuntu ico ari icizigiro gihimbaye! Umuhinga umwe yabivuze muri aya majambo iti: “Naho kubona imva bitwibutsa ko ubuzima ari bugufi, izuka riradukura amazinda yuko urupfu rusigaje igihe kigufi.” Egome, izuka rya Yezu rituma turonka ubuzima!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika