Emwe, nararonse umwidegemvyo nyakuri!
Intwazangabo imwe yakorera kw’ibohero yatubwiye idushinyagurira iti: “Nta n’umwe abaza ivyanyu. Shaka mugume ng’aha.” Umuryango wacu wari ugizwe n’Abarusiya b’abanyamwete kandi b’abanyamahoro. None vyagenze gute ngo dupfungirwe muri Koreya ya Ruguru mu 1950, aho hakaba hari haheze imyaka nk’itanu ya Ntambara ya kabiri y’isi yose irangiye?
IMPAPURO zindanga zerekana ko navutse mu 1924. Biboneka ko navukiye mu kigwati ca Shmakovka mu karere kari kure cane mu Buseruko bw’Uburusiya, hafi y’urubibe rw’Ubushinwa.
Umusi umwe, dawe na basazanje bakuru baranyurujwe n’abambuzi, mawe ntiyasubira kubabona. Yasigaranye abana benshi bakiri bato, kandi kuronka ivyo abagaburira vyari urugamba. Hari umubanyi yatanze iciyumviro c’uko yodutwara mu kigo c’aborotodogisi bo mu Burusiya citaho impfuvyi, hanyuma akavuga ko mawe yadutaye.
Mawe yaremeye uwo mugambi kubera yuko iyo atabigenza gutyo abana biwe, ushizemwo na jewe, bari gushobora kwicwa n’inzara. Ubu mfise imyaka 80 irenga, kandi ndashima kubona mawe yaraturungitse muri ico kigo citaho impfuvyi. Ahandiho, nta wuzi ko tuba tukiriho. Ariko rero, iyo ngingo yafashe iracambabaza.
Mu 1941, narimukiye muri Koreya hanyuma nubakana n’umugabo w’Umurusiya w’umutima mwiza yitwa Ivan. Umukobwa wacu Olya yavukiye i Séoul muri Koreya mu 1942. Umuhungu wacu Kolya na we nyene ni ho yavukiye mu 1945, murumunawe Zhora na we avuka mu 1948. Umunega wanje yakorera mu mangazini yacu, nanje ngakorera i muhira umwuga wo gushona. Kubera ko i Séoul hari harigaruriwe n’Abayapani, abana bacu bakuze bavuga ikiyapani naho muhira twavuga ikirusiya. Gushika mu 1950, hasa n’ahari amahoro hagati y’Abasoviyeti, Abanyamerika n’Abanyakoreya baba i Séoul. Bose barashorera imangazini yacu.
Dufatwa n’abasoda ba Koreya ya Ruguru
Mu 1950, ibintu vyose vyarahindutse bukwi na bukwi. Inteko z’abasoda bo muri Koreya ya Ruguru zarigaruriye igisagara ca Séoul. Kubera ko bitashobotse ko duhunga, twe hamwe n’abandi basivile b’abanyamahanga twarafashwe. Twaramaze imyaka itatu n’igice tujanwa ahantu hatandukanye muri Koreya ya Ruguru turi kumwe n’abari bafatiwe ku rugamba: uri Abongereza, Abarusiya, Abanyamerika n’Abafaransa. Twarara aho dusanze ubwikingo hose, kandi twaragerageza kwirinda ahantu twofatwa n’amabombe.
Vyarashika tugashikira mu mazu yubatswe ku buryo indani haguma hasusurutse, kandi vyarashika tukaronswa imfungurwa zikwiye. Ariko akenshi twafungura gusa amasaka tugaca turyama mu bizu bikanye ata wukibibamwo. Benshi mu bo twari kumwe barapfa kubera ugufungura nabi n’ukutitabwaho. Igihe abana banje baba bamerewe nabi, vyarantuntuza. Ico gihe urushana rwatanguye kare muri Koreya ya Ruguru. Ndibuka ingene vyashika nkamara ijoro ryose nicaye iruhande y’umuriro nshusha amabuye yo gushira munsi y’aho abana banje barara.
Igihe c’ubukanye kirangiye, Abanyakoreya bo mu bigwati baratwereka ibimera vyo mw’ishamba biribwa, natwe tukaja kurondera imbogaboga, inkere, inzabibu n’ibizinu. Vyaraboneka yuko batatwanka ahubwo ko batwumvira akagongwe kubera amarushwa twari turimwo. Narize gufata ibikere kugira ngo nunganire udufungurwa tw’inticantikize twaronka. Vyarantera umubabaro kwumva abana banje bama bariko baransaba ibikere.
Igihe kimwe muri Gitugutu twategetswe kugenda n’amaguru i Manp’o. Twabwiwe yuko abarwaye be n’abana bato bategekanirijwe ishareti zikwegwa n’inka. Olya na se wiwe barajanye n’abandi bagenda n’amaguru. Jewe na batoya biwe twaramaze imisi duhagaritse umutima turindiriye ko nya shareti zishika. Izo shareti zaratevye zirashika.
Imbohe zirwaye bazipakira mw’ishareti nk’imipfuko y’intete. Ntiworaba ukuntu vyari biteye ikinya! Zhora namushize mu mugongo, hanyuma Kolya ndamushira mu mfuruka y’ishareti mugabo aca araturikisha ararira, avuga ati: “Mama, Mama, nshaka kujana nawe! Ntunsige!”
Kolya kagendera inyuma yanje, gafashe umutwe w’impuzu yanje kagerageza kunyaruka ngo ntitugasige. Abanyororo benshi bararashwe muri urwo rugendo rubabaje rwamaze imisi itari mike. Ibisiga vyinshi vyaradukurikira, bikarya ibiziga vyaba bisigaye inyuma. Amaherezo twarasubiye kubonana n’umugabo wanje be na Olya. Twaragumbiranye turarira. Iryo joro naraye nicaye nshusha amabuye ku muriro. Narumva amahoro mu mutima kubera yuko nari gushira nya mabuye munsi y’aho abana banje baryama, ico gihe hoho bose bakaba bari bakwiye.
Mu 1953, tugeze hafi y’urugabano rugabura Koreya ya Ruguru na Koreya y’Epfo, ubuzima bwararushirije kworoha. Twararonse umwambaro usukuye, ibirato, umukate, eka n’utuntu dusosa. Bidatevye, Abongereza bararekuwe, mu nyuma hakurikira Abafaransa. Ariko twebwe nta gihugu na kimwe twitirirwa. Igihe abapfungwa ba nyuma barekurwa, twasigaye turi twenyene. Twarihebuye, turarira, biranka ko dufungura. Ico gihe ni ho ya ntwazangabo y’Umunyakoreya yatubwira ya majambo ababaza navuga mu ntango.
Ubuzima bushasha muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika
Haciye igihe gito, harabaye ikintu ata wari yiteze; twarajanywe mu karere katarimwo abasoda hanyuma dushika muri Koreya y’Epfo. Duhejeje kubazwa n’abasirikare b’Abanyamerika, twaremerewe kuja kuba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Twaciye dufata ubwato butujana i San Francisco muri Californie, aho twafashirijwe n’ishirahamwe ry’abagiraneza. Mu nyuma, twaciye tujanwa muri Virginie, maze abantu baho twari tuzinanye baradufasha kurondera ingene twotangura kwibeshaho. Amaherezo, twarimukiye i Maryland kugira dutangure ubuzima bushasha.
Twaratamarira n’ibintu vyabonwa ko bisanzwe, nk’akamashini kamiragura umucafu (aspirateur). Kubera ko twari ba kavamahanga, twarakora cane tukaruha. Mugabo narababazwa no kubona abantu bari bamaze kuhamenyera bagerageza kwungukira ku bashasha. Tuhamaze igihe gito, twarahuye n’umupatiri wo mw’idini rya orotodogisi ryo mu Burusiya ambwira ati: “Ubu muri mu gihugu cahezagiwe. Nimba mwipfuza gutera imbere, ntimwifatanye n’abo mu gihugu canyu.” Uretse ko vyambabaje, vyaranzazaniye. Nibajije nti: ‘Ntitwari dukwiye gufashanya none?’
Mu 1970, umugabo umwe w’Icabona ca Yehova yitwa Bernie Battleman yaratugendeye kugira ngo tuganire ivyerekeye Bibiliya. Yari umuntu akomeye, atarya umunwa, nk’uko natwe twari tumeze. Twaraganiriye amasaha atari make. Kubera ko nari nakuriye mu kigo c’impfuvyi c’aborotodogisi, inyigisho yabo nari ndayizi ku mutwe. Ariko sinigeze niyumvira kurondera Bibiliya yanje bwite! Bernie yaratuzaniye imwe hanyuma avuga ati: “Iyi Bibiliya ni iyo ndabagabiye kubera ko ndabakunda.” Yaraduhuje kandi n’uwitwa Ben, akaba yari Icabona ca Yehova wo muri Biélorussie avuga ikirusiya.
Ben n’umukenyezi wiwe barishuye mu bugwaneza ibibazo vyanje bakoresheje Bibiliya. Ariko rero, nabona ko Ivyabona vya Yehova bagoretse ivyanditswe vyeranda. Nta cambabaza cane nko kubona ibitabu vyabo bivuga ko Mariya yavyaye abandi bana uretse Yezu, kandi mw’idini iwacu batwigisha ibinyuranye n’ivyo.
Naciye nterefona umugenzi wanje w’Umunyapolonye kugira ngo andabire muri Bibiliya yiwe yo mu rurimi rw’igipolonye ibivugwa muri Matayo 13:55, 56. Igihe yansomera uwo murongo, narakubiswe n’inkuba menye yuko vy’ukuri hariho abandi bana bavukana na Yezu! Uwo mugenzi wanje na we yaciye aterefona umuntu yakora ku bubiko nyamukuru bw’ibitabu buri mu gisagara ca Washington (Library of Congress), amusaba kuraba uwo murongo muri Bibiliya z’ubwoko bwose ziri muri ubwo bubiko. Yavuze ko izo Bibiliya zose zihuriza ku kintu kimwe, yuko Yezu yari afise bene wabo na bashikiwe!
Ben n’umukenyezi wiwe narababajije ibindi bibazo vyinshi nk’ibi: Kubera iki abana bapfa? Kubera iki ibihugu birwana? Kubera iki abantu batumvikana, mbere n’igihe baba bavuga ururimi rumwe? Inyishu bampaye zishingiye kuri Bibiliya zaranezereje cane. Naramenye yuko Imana itipfuza ko abantu bashikirwa n’imibabaro. Naranezerewe cane no kumenya yuko nosubiye kubona abo nikundira bari barahitanywe n’indyane zitandukanye. Buhorobuhoro naratanguye kubona ko Yehova abaho koko.
Umusi umwe, nari mpagaze imbere y’ibigirwamana vyanje nsaba Imana ko yofasha umuhungu wanje yari aherutse kuva ku rugamba muri Vietnam, akaba yari yarahahamutse cane. Ariko ubwo nyene naciye ntahura yuko amasengesho yanje ntakwiye kuyerekeza ku bigirwamana ahubwo ko nkwiye kuyerekeza kuri Yehova we Mana nzima. Naciye manyagura nya bigirwamana maze nsanga ni udukaratasi duca ibibatsi gusa. Nari nabiguriye kw’isengero iwacu, ariko muri iryo joro ntivyandariyeho.
Ntivyari vyoroshe guheba idini nakuriyemwo. Ariko nari maze kubona ko ivyo Bibiliya yigisha ari vyo bifise agaciro kuruta ibindi vyose. Haciye umwaka, naragiye kuraba wa mupatiri w’idini rya orotodogisi ndi kumwe n’umukobwa wanje be n’umugabo wanje. Nari mfise agakaye kuzuyemwo ibibazo bishingiye kuri Bibiliya, munsi y’ibibazo hakaba hari imirongo yo muri Bibiliya. Igihe nasoma iyo mirongo n’ijwi ryumvikana, nya mupatiri yarazungije umutwe aca avuga ati: “Warazimiye.” Yaciye atubwira ngo ntituzokwongere kumugarukiraho.
Ivyo bintu vyarakoze cane ku mutima umukobwa wanje Olya atapfa ivyo yemeye kandi yakunda kubaza ibibazo. Na we nyene yaciye atangura gusuzuma Bibiliya yitonze, bidatevye atangura kujana nanje ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Nabatijwe mu 1972, Olya na we abatizwa mu mwaka wakurikiye.
Icivugo c’umuryango wacu
Icivugo cacu camye ari iki: Ibagira kahise, urabe kubu. Ku bw’ivyo, ntitwigeze tugonanwa gukora ikintu gishasha igihe twaba tubona ko kibereye vy’ukuri. Igihe jewe n’umukobwa wanje twatangura kugiranira ubucuti n’Imana, twari dushashaye kuja ku mihana y’abantu kubabwira ivyo twariko turiga. Mvugishije ukuri, ukuba nayagisha abantu ntarya umunwa ata kubiyumvira vyatuma biba ngombwa ko rimwe na rimwe abandi bahaseruka kugira ngo basukemwo mabisi. Ariko nahavuye niga kuyagisha abantu bava mu bihugu bitandukanye kandi baciye mu bintu bitandukanye bari bafise icipfuzo nk’icanje co gushikira ubuzima bwiza.
Mu myaka yakurikiye, jewe n’umukobwa wanje twarakunda kuvuga yuko niharamuka hakuweho urugabano rwatandukanya Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti n’ibindi bihugu vyo mu Buraya bwo mu Burengero, tuzoca tuja mu Burusiya gufasha abandi kumenya ivyerekeye Imana. Igihe urwo rugabano rwakurwaho mu ntango z’imyaka ya 1990, Olya yaciye ashira mu ngiro ico cipfuzo twari dusangiye. Yarimukiye mu Burusiya, amara imyaka 14 yitanga cane mu gikorwa co gukorera Imana. Yarigishije Bibiliya abantu batari bake arongera arafasha mu gikorwa carangurirwa ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo mu Burusiya co gukura mu congereza ibitabu bishingiye kuri Bibiliya bigashirwa mu kirusiya.
Ubu ndi ku musego, abana banje bakaba bagira uko bashoboye kwose kugira ngo batume noroherwa uko bishoboka kwose. Ndashimira Imana kubona nararonse vy’ukuri ubuzima burushirije kuba bwiza naho nabanje kumara imyaka ndi mu marushwa. Aya majambo yavuzwe n’umwanditsi w’amazaburi akaba n’umwungere Dawidi yarandangukiyeko, ayagira ati: ‘[Imana] injana iruhande y’ahantu h’ukuruhukira havomerewe neza. Iranduhurira. Inyobora mu mihora y’ubugororotsi ku bw’izina ryayo.’—Zaburi 23:2, 3.a
a Maria Kilin yasandavye ku wa 1 Ntwarante 2010, igihe iyi nkuru yatwiganiye yariko irategurwa kugira ngo isohorwe.