Ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza
Imana yoba ihanira abantu mu muriro udahera?
IVYABONA VYA YEHOVA barakunda kuyaga n’abandi ibijanye na Bibiliya. Hoba hari ikintu kijanye na Bibiliya umaze kwibazako ibibazo? Woba wipfuza kumenya ivyo Ivyabona vya Yehova bemera canke ivyo bakora mu bijanye no gusenga? Nimba ari ukwo biri, ntuze witinye kubaza niwasubira guhura n’Icabona ca Yehova. Azohimbarwa no kuyaga nawe ku bibazo nk’ivyo.
Ibikurikira birerekana ingene ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza gishobora kuba kimeze. Reka dufate ko Icabona ca Yehova umwe twise Marisiyano yagendeye umugabo twise Abeli.
Imana yoba izohana ababisha?
Marisiyano: Ndahimbawe no gusubira kukubona, Abeli.
Abeli: Na je birampimbaye.
Marisiyano: Nagumye nzirikana ku kintu wavuze ubushize igihe nari ng’aha.
Abeli: Ico na co ni igiki?
Marisiyano: Wavuze yuko watangaye wumvise ko Ivyabona vya Yehova batemera umuriro udahera.
Abeli: Emwe, vyarantangaje nyene. Mvugishije ukuri, sinumva ukuntu mutawemera.
Marisiyano: Ugize neza kubimbwira. Nama nshima kumenya ivyo abandi biyumvira. Ko mbona abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye n’umuriro udahera, woshobora kumbwira ingene wewe ubona ivyerekeye uwo muriro?
Abeli: Mu bisanzwe, namye nemera ko abantu b’ababisha baja mu muriro udahera iyo bapfuye be n’uko bababarizwayo ibihe bidahera.
Marisiyano: Benshi ni ko babibona. Ariko reka nkubaze Abeli: Hoba hari ibintu bibabaje biragushikira mu buzima?
Abeli: Ego cane. Nk’akarorero, haheze imyaka itanu mushikanje agandaguwe.
Marisiyano: Birababaje. Utegerezwa kuba umukumbura.
Abeli: Cane nyene. Buri musi nguma ndamwiyumvira.
Marisiyano: Nasanze abantu bamwebamwe bemera cane umuriro udahera kubera ibibi bakorewe n’abantu b’ababisha. Birumvikana, abashikirwa n’ivyo bibi kandi ata co bazira baripfuza kubona abo babisha bahanirwa ivyo bakora.
Abeli: Si vyo nyene! Nipfuza ko uwagandaguye mushikanje yishura ivyo yadukoreye.
Marisiyano: Birumvikana kubona wiyumva gutyo. Bibiliya yigisha yuko n’Imana ibabazwa cane no kubona abantu ata co bazira bakorerwa ikibi, kandi isezerana kuzohana ababisha. Raba ibivugwa ng’aha muri Yesaya 3:11: “Aragowe umubisha!—Ivyago bari kumwe; kuko ivyo amaboko yiwe yagiriye abandi ari vyo azogirirwa!” Ico rero twomenya tudakeka ni uko Imana izohana ababisha.
Abeli: None ivyo vyoshoboka gute kandi uvuga ko ata muriro udahera ubaho?
Marisiyano: Ico ni ikibazo ciza. Muri make, Imana izohanisha ababisha ugutikizwa kw’ibihe bidahera. Raba ivyo Bibiliya ivuga ng’aha mu 2 Abatesalonika 1:9. Ubona wohasoma?
Abeli: Nta kibazo. Hagira hati: “Abo nyene bazoshikirwa n’igihano c’urubanza c’ugutikizwa kw’ibihe bidahera bave imbere y’Umukama.”
Marisiyano: Urabona rero Abeli yuko ababisha ata cizigiro bafise, kuko Imana ibahanisha urupfu rw’ibihe bidahera. Ntibazosubira kubaho.
Abeli: Egome ndabonye ibivuzwe ng’aha, ariko umengo harimwo akarenganyo. None hari uwutazopfa? Ubwo ababisha ntibari bakwiye kuronka igihano kiruta ico?
Vyoba biranga ubutungane?
Marisiyano: Ndabona ko uri umuntu akunda ubutungane.
Abeli: Ndabukunda nyene.
Marisiyano: Ni vyiza cane. Ico womenya co, dufise ubushobozi bwo gutandukanya ikibi n’iciza kubera ko Imana yabuturemanye. Na yo nyene irakunda cane ubutungane. Ariko igihe indongozi z’amadini zigishije ko Imana ihanisha ababisha umuriro udahera, mu vy’ukuri ziba ziriko zivuga ko Imana irenganya cane.
Abeli: Ushatse kuvuga iki?
Marisiyano: Reka ndaguhe akarorero. Woba uzi ya nkuru yo muri Bibiliya yerekeye Adamu na Eva?
Abeli: Egome. Imana yari yababujije kurya ivyamwa vy’igiti kanaka, yamara babirengako.
Marisiyano: Ni vyo. Reka turabire hamwe iyo nkuru muri Bibiliya. Tuyisanga mw’Itanguriro 2:16, 17. Iyo mirongo ivuga iti: “Yehova Imana aha kandi iri tegeko nya muntu ati: ‘Igiti cose co muri uwo murima urashobora kukiryako ugashira ipfa. Mugabo ku vyerekeye igiti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi, ntuze ukiryeko, kuko umusi wakiriyeko uzopfa ata kabuza.’” None wumva Imana yavuze ko Adamu vyomugendeye gute aramutse ariye ku giti cabujijwe?
Abeli: Yavuze ko Adamu yopfuye.
Marisiyano: Ni vyo. Zirikana gato: Bivuye ku gicumuro Adamu yakoze, abantu bose bavuka ari abanyabicumuro.a Naho uri ukwo, ubona hari ico Imana yavuze ku bijanye no kumuhanira mu muriro udahera?
Abeli: Oya.
Marisiyano: Iyaba Adamu na Eva bari kubabazwa ibihe bidahera, Imana ntiyari kubibabwira imbere y’igihe kugira ngo ibaburire? Wumva bitari kuba biranga urukundo n’ubutungane iyo ibigenza gutyo?
Abeli: Birumvikana.
Marisiyano: Raba kandi ivyo Imana yabwiye Adamu na Eva inyuma y’aho bacumuriye. Ubona wosoma mw’Itanguriro 3:19?
Abeli: Nta ngorane. Hagira hati: “Uzorya umukate ubize icuya mu maso gushika usubire mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo.”
Marisiyano: Urakoze. Wumva none Ijambo ry’Imana rivuga ko Adamu yociye aja he?
Abeli: Imana yavuze ko Adamu yosubiye mu mukungugu.
Marisiyano: Urarashe. Ntiwemera none yuko kugira ngo umuntu asubire ahantu kanaka, ategerezwa kuba yarigeze kubayo?
Abeli: Cane nyene.
Marisiyano: None Adamu yari hehe imbere y’uko Imana imurema?
Abeli: Ntiyari bwabeho.
Marisiyano: Uvuze ko. Urabona yuko mu rubanza Imana yamuciriye itavuze ivy’umuriro udahera. Wumva vyari kuba biranga ubutungane iyo Imana ibwira Adamu ko yosubiye mu mukungugu yakuwemwo kandi vy’ukuri yari kuja mu muriro udahera?
Abeli: Nawe urumva ko bitoye biranga ubutungane.
Shetani yoba akora ivyo Imana igomba?
Marisiyano: Hariho ikindi kintu tworimbura ku bijanye n’iyo nyigisho y’umuriro udahera.
Abeli: Ico na co ni igiki?
Marisiyano: None abantu bakunze kuvuga ko ari nde ahagarikiye umuriro udahera? Ni nde bavuga ko abahana iyo bagezeyo?
Abeli: Shetani.
Marisiyano: Ariko rero, Shetani ni we mwansi wa mbere w’Imana. Nimba Imana irungika abantu mu muriro udahera kugira ngo bace bababarizwayo na Shetani, ivyo ntibica vyerekana ko hari ukuntu Imana na Shetani bakorana?
Abeli: Uzi ko ari vyo! Sinari bwigere ndavyiyumvira muri ubwo buryo.
Marisiyano: Reka ndaguhe akarorero. Wewe uri umuvyeyi, si vyo?
Abeli: Egome. Mfise umuhungu aherutse gukwiza 15.
Marisiyano: Dufate ko umuhungu wawe abaye ikinani, agakora ibintu bibi vyinshi bikubabaza. Woca ukora iki?
Abeli: Nogerageza kumukosora.
Marisiyano: Ndazi ko wogerageza kumufasha incuro nyinshi kugira ngo yisubireko.
Abeli: Ego cane.
Marisiyano: Dufate ko utwo twigoro twawe twose tugwijwe n’ubusa ntiyumve impanuro umuha. Woteba ukabona ko ata kundi uri bugire atari ukumuhana.
Abeli: Ivyo ni vyo.
Marisiyano: Ariko vyogenda gute hamwe wosanga hari umugabo yaza arosha uwo mwana gukora ivyo bintu bibi?
Abeli: Uwo mugabo noca ndamushavurira.
Marisiyano: Noshima rero kwumva ico wiyumvira kuri iki kintu. Umaze kumenya yuko uwo mugabo mubi kandi yataye ubuntu ari we yoheje umwana wawe ngo akugararize, none woca witura uwo mugabo nyene ngo abe ari we aguhanira uwo mwana?
Abeli: Oya nawe nu! Ntivyoba vyumvikana.
Marisiyano: Wumva none mu vy’ukuri vyumvikana yuko Imana yosaba Shetani ngo abe ari we ahana ababisha, kandi ari we nyene abosha gukora ikibi?
Abeli: Ashwi da, nibaza ko bidashoboka.
Marisiyano: Tukiri aho nyene, nimba Imana yipfuza guhana ababisha, wumva none wa mwansi wayo mukuru Shetani yokwemera gukora ivyo Imana igomba mu kubabaza abo bantu?
Abeli: Emwe, sinari bwigere niyumvira ico kintu!
Yehova azokuraho ububisha bwose
Marisiyano: Ariko nureme. Imana ntizobura guhana ababisha batigaya. Nari niyumviriye ko twosomera hamwe icanditswe ca nyuma gishira ahabona ico kintu. Ico canditswe ni Zaburi 37:9. Ubona wogisoma?
Abeli: Sawa. Kivuga giti: “Kuko inkozi z’ikibi zizorandurwa, ariko abizigira Yehova ni bo bazokwigabira isi.”
Marisiyano: Urakoze. Woba wabonye ico Yehova Imana azokorera inkozi z’ikibi?
Abeli: Uwo murongo uvuze yuko Imana izobarandura.
Marisiyano: Ni vyo. Mu yandi majambo, izobatikiza ubutagisubira kubaho. Mugabo abeza, ni ukuvuga “abizigira Yehova,” bazokwibera kw’isi ibihe bidahera. Ariko birashobora gutuma uca wiyumvira ibindi bibazo. Nk’akarorero, kubera iki Imana ireka abantu bagakora ikibi? Vyongeye, nimba vy’ukuri yipfuza kuzohana ababisha, kubera iki itarabigira?
Abeli: Ivyo bibazo ni vyo nani.
Marisiyano: Noshima ko ubutaha dusubiye kuganira nokwereka ico Bibiliya ibivugako.b
Abeli: Emwe, vyompimbara.
a Raba Abaroma 5:12.
b Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 11 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.