ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/8 rup. 3-7
  • “Ndi kumwe namwe”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ndi kumwe namwe”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “UBUMENYI NYAKURI” BUMENYEKANA
  • “BENSHI” BAKIRA “UBUMENYI NYAKURI”
  • ‘UBUMENYI NYAKURI BUGWIRA’
  • UBUMENYI BWEREKEYE IMANA BUZOKWUZURA ISI
  • Ubwami bw’Imana buvuka mw’ijuru
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Ukuri kwo muri Bibiliya kwasubiye kwuburwa gute?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
  • Niwironse ubumenyi ubu no mu bihe bidahera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/8 rup. 3-7

“Ndi kumwe namwe”

“Benshi bazonyuragira irya n’ino, kandi ubumenyi nyakuri buzogwira.”​—DAN. 12:4.

WOKWISHURA UTE?

“Ubumenyi nyakuri” bwamenyekanye gute mu bihe vya none?

Ni gute abemera ukuri babaye “benshi”?

Ni mu buryo butandukanye ubuhe ubumenyi butagira amakosa ‘bwagwiriye’?

1, 2. (a) Tumenya dute ko Yezu ari kumwe n’abo atwara muri kino gihe be n’uko azoba kumwe na bo muri kazoza? (b) Twisunze ibivugwa muri Daniyeli 12:4, gutohoza mu buryo bwitondewe Ivyanditswe vyovuyemwo iki?

NIWIHE ishusho uri mw’Iparadizo. Buri gitondo, uvyuka wumva waruhutse neza kandi ushashaye gutangura uwundi musi. Nta na hamwe ubabara. Ubumuga ubwo ari bwo bwose wahora ufise bwagiye. Ubushobozi bwawe bwose bugufasha kumenya ibigukikije, ni ukuvuga kubona, kwumva, kumoterwa, gukorakora no kwumva akanovera, burakora neza. Ufise inguvu nyinshi, igikorwa giteye umunezero, abagenzi benshi, kandi ivyari biguhagaritse umutima vyose vyavuyeho. Urashobora kuzokwironkera iyo mihezagiro mu gihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza. Kristu Yezu, we Mwami yagenywe, azohezagira abo atwara yongere abigishe ivyerekeye Yehova.

2 Yehova azoba ari kumwe n’abasavyi biwe b’intahemuka igihe bazoba bariko bararangura ico gikorwa co kwigisha abantu bo kw’isi yose. Imana be n’Umwana wayo baramaze imyaka amajana bari kumwe n’abantu b’abizigirwa. Imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yarasubirije umutima mu nda abigishwa biwe b’intahemuka yuko azoba kumwe na bo. (Soma Matayo 28:19, 20.) Kugira ngo turushirize kwizera ico kintu, nimuze twihweze iryungane rimwe gusa ryo mu buhanuzi bwahumetswe n’Imana bwandikiwe muri Babiloni ya kera, hakaba haciye imyaka irenga 2.500. Ku bijanye n’“igihe c’iherezo” tubayemwo, umuhanuzi Daniyeli yanditse ati: “Benshi bazonyuragira irya n’ino, kandi ubumenyi nyakuri buzogwira.” (Dan. 12:4) Irivuga ry’igiheburayo ryahinduwe ng’aho ngo ‘kunyuragira irya n’ino,’ turifashe mu buryo bw’ikigereranyo kandi buhuye n’amakuru aboneka muri iki gihe, ritanga iciyumviro co gusuzuma witonze. Ese ukuntu ukwo kunyuragira irya n’ino kwovuyemwo imihezagiro y’akaroruhore! Abotohoje Ivyanditswe bavyitondeye bohezagiwe mu kuronka ubumenyi nyakuri, ni ukuvuga butagiramwo amakosa, bwerekeye Ijambo ry’Imana. Ubwo buhanuzi buravuga kandi yuko abantu benshi bokwakiriye ubwo “bumenyi nyakuri.” Vyongeye, ubwo bumenyi bwogwiriye. Bwokwiragijwe hose, abantu bakaburonka bitagoranye. Uko twihweza ukuntu ubwo buhanuzi bwarangutse, turaza kubona ko Yezu ari kumwe n’abigishwa biwe muri kino gihe be n’uko Yehova ashoboye rwose gushitsa ivyo yasezeranye vyose.

“UBUMENYI NYAKURI” BUMENYEKANA

3. Ni igiki cashikiye “ubumenyi nyakuri” inyuma y’urupfu rw’intumwa?

3 Inyuma y’urupfu rw’intumwa, ubuhuni bwari bwaravuzwe ko bwovuye mu bukirisu bw’ukuri bwaratanguye maze burakwiragira nk’umuriro wa Nyakanga. (Ivyak. 20:28-30; 2 Tes. 2:1-3) Mu myaka amajana yakurikiye, “ubumenyi nyakuri” ntibwagwiriye na gato, haba mu bantu batari bazi ikintu na kimwe ku vyerekeye Bibiliya canke mu biyita abakirisu. Naho indongozi z’amadini y’abiyita abakirisu zavuga ko zemera Ivyanditswe, zarigisha ibinyoma, ni ukuvuga “inyigisho z’amadayimoni” zisiga iceyi Imana. (1 Tim. 4:1) Abantu muri rusangi bagumijwe mu kutamenya kwo mu vy’impwemu. Mu nyigisho z’abahuni hari harimwo na ya nyigisho y’ikinyoma ivuga yuko Imana ari Ubutatu, iyivuga ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa, be n’iyivuga ko abantu bamwebamwe baturirirwa mu muriro ibihe bidahera.

4. Umugwi umwe w’abakirisu wo mu myaka ya 1870 watanguye gute kurondera “ubumenyi nyakuri”?

4 Ariko rero, mu myaka ya 1870, hagisigaye nk’imyaka mirongo ine ngo “imisi ya nyuma” itangure, hari umugwi mutoyi w’abakirisu b’inziraburyarya b’i Pennsylvania muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bakoraniye hamwe kugira ngo batohoze Bibiliya babigiranye ubwira bongere barondere “ubumenyi nyakuri.” (2 Tim. 3:1) Biyita Abatohoji ba Bibiliya. Abo ntibari za “nkerebutsi n’incabwenge” Yezu yavuga ko zohishijwe ubumenyi. (Mat. 11:25) Bari abantu bicisha bugufi bipfuza babikuye ku mutima gukora ivyo Imana igomba. Babigiranye ubwitonzi kandi babijanisha n’isengesho, barasoma Ivyanditswe, bakabiganirako bakongera bakabizirikana. Baragereranya kandi imirongo yo muri Bibiliya bakongera bagasuzuma ivyo abandi bantu bari baragize ubushakashatsi nk’ubwo banditse. Buhorobuhoro, abo Batohoji ba Bibiliya baratahuye ukuri kwari kumaze imyaka amajana kunyegejwe.

5. Rwa rukurikirane rw’udupapuro tw’inkuru nziza rwiswe Tewolojiya ya kera rwari rufise intumbero iyihe?

5 Naho abo Batohoji ba Bibiliya bahimbarwa cane n’ibintu bariko baramenya, ntibaretse ngo ubwo bumenyi baheruka kwubura butume bivyimvya; eka kandi ntibarondera guhayagizwa bavuga ko bariko baratangaza ikintu gishasha. (1 Kor. 8:1) Ahubwo nyabuna, barasohoye urukurikirane rw’udupapuro tw’inkuru nziza rwiswe Tewolojiya ya kera (mu congereza). Rwari rufise intumbero yo gutuma abasomyi bamenya ukuri kwo mu Vyanditswe kwari kwaranditswe muri Bibiliya. Agapapuro k’inkuru nziza ka mbere muri utwo karerekana “ibindi bintu vyo gusoma bifasha umuntu kwiga Bibiliya, afise intumbero yo kuvavanura n’imigenzo y’abantu yose y’ikinyoma no kugarukana bimwe bishitse tewolojiya ya kera y’Umukama wacu n’intumwa.”​—Tewolojiya ya kera, No. 1, Ndamukiza 1889, rup. 32.

6, 7. (a) Ni ukuri ukuhe twafashijwe gutahura guhera mu myaka ya 1870? (b) Ni ukuri ukuhe wahimbawe canecane no kumenya?

6 Mbega ukuri kw’akaroruhore kwubuwe mu myaka irenga 100 iheze kuva kuri iyo ntango ntoya!a Ukwo kuri si ikintu kirambira gituma umuntu akoresha ubwenge gusa, ico abanyatewolojiya baharirako. Ni ukuri guteye akamwemwe kandi gutanga umwidegemvyo gutuma ubuzima bwacu bugira intumbero kukongera kugatuma tugira umunezero n’icizigiro. Kuradufasha kumenya Yehova, ni ukuvuga kumenya kamere ziwe z’igikundiro be n’imigambi yiwe. Kuratomora kandi uruhara Yezu afise, kugasigura icatumye abaho n’icatumye apfa kukongera kukerekana ico ariko arakora ubu. Ukwo kuri kw’agaciro kurahishura igituma Imana ireka ikibi kikabandanya, igituma dupfa, ukuntu dukwiye gusenga, be n’ukuntu dushobora guhimbarwa vy’ukuri.

7 Ubu turashobora gutahura ubuhanuzi bwamaze imyaka n’iyindi ari “akabanga” mugabo bukaba buriko buraranguka muri iki gihe c’iherezo. (Dan. 12:9) Ubwo buhanuzi tubusanga mu Vyanditswe, na canecane mu Njili no mu gitabu c’Ivyahishuwe. Yehova yaradufashije mbere gutahura ibintu tutari gushobora kubona n’amaso yacu, ni ukuvuga iyimikwa rya Yezu, intambara yabaye mw’ijuru be n’iraririzwa rya Shetani kw’isi. (Ivyah. 12:7-12) Vyongeye, Imana yaradufashije gutahura insobanuro y’ivyo dushobora kubona, ni ukuvuga intambara, vya nyamugigima, ibiza, amapfa be n’abantu batibanga Imana batuma ibi bihe turimwo biba “ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.”​—2 Tim. 3:1-5; Luka 21:10, 11.

8. Ni nde dukesha ibintu twabonye kandi twumvise?

8 Biroroshe ko dutahura ivyo Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Hahiriwe amaso yitegereza ibintu muriko muritegereza. Kuko ndabibabwiye: Abahanuzi benshi n’abami benshi baripfuje kubona ibintu muriko muritegereza mugabo ntibabibona, no kwumva ivyo muriko murumva mugabo ntibavyumva.” (Luka 10:23, 24) Turemera ko Yehova Imana ari we yadufashije kubona no kwumva ivyo bintu. Ese kandi ukuntu dukenguruka kuba “wa mufasha,” ni ukuvuga impwemu nyeranda y’Imana, yararungitswe kugira ngo ayobore abayoboke ba Yezu “mu kuri kwose”! (Soma Yohani 16:7, 13.) Nimuze twame duha agaciro ubwo “bumenyi nyakuri” twongere tubushikirize abandi ata bwikunzi!

“BENSHI” BAKIRA “UBUMENYI NYAKURI”

9. Ni akamo akahe katewe mu nomero yo muri Ndamukiza 1881 y’iki kinyamakuru?

9 Muri Ndamukiza 1881, hataraca imyaka ibiri inomero ya mbere y’Umunara w’Inderetsi (mu congereza) isohowe, ico kinyamakuru carateye akamo k’uko hakenewe abamamaji 1.000. Ico kiganiro cagira giti: “Abo bose ivyabo vyifashe neza ku buryo bashobora kumara igice c’umwanya wabo canke kirenga bariko barakora gusa igikorwa c’Umukama, turafise umugambi twipfuza kubagira . . . , na wo ukaba ari uwu: Ko mwoja mu bisagara bininibinini canke bitobito, bivanye n’ubushobozi bwanyu, muri aba Colporteurs ari bo Bamamazanjili, mukarondera mu bibanza vyose abakirisu b’abanyabwira, benshi muri bo mukaba muzosanga bafitiye Imana umwete, mugabo atari mu bumenyi; nimurondere kubamenyesha ubutunzi bw’ubuntu bwa Data wa twese be n’ubwiza bw’ijambo ryiwe.”

10. Abantu bakiriye gute akamo kabasaba kuba abamamaji b’igihe cose?

10 Ako kamo karerekanye yuko Abatohoji ba Bibiliya batahura ko igikorwa nyamukuru c’abakirisu b’ukuri ari ukwamamaza inkuru nziza. Mugabo ako kamo k’uko hari hakenewe abamamaji b’igihe cose 1.000 kasa n’akagoye kubera ko abantu amajana nk’angahe ari bo gusa bitaba amakoraniro y’Abatohoji ba Bibiliya ico gihe. Ariko rero, abantu benshi bamaze gusoma agapapuro k’inkuru nziza canke ikinyamakuru, baratahura ko bubuye ukuri bagaca bitabira ako kamo. Nk’akarorero, mu 1882, umusomyi umwe w’i Londres mu Bwongereza, aho amariye gusoma inomero imwe y’Umunara w’Inderetsi n’agatabu vyasohowe n’Abatohoji ba Bibiliya, yanditse ati: “Ndabinginze munyigishe ukuntu nokwamamaza be n’ivyo namamaza kugira ngo ndangure ico gikorwa cahezagiwe Imana yipfuza ko gikorwa.”

11, 12. (a) Ni intumbero iyihe dufise ari na yo aba colporteurs bari bafise? (b) Aba colporteurs bashinga gute amasomero, ari yo mashengero?

11 Mu 1885, Abatohoji ba Bibiliya bashika 300 ni bo bakora umurimo w’ubu colporteur. Abo basuku b’igihe cose bari bafise intumbero nk’iyo dufise muri iki gihe, na yo ikaba ari iyo guhindura abantu abigishwa ba Yezu Kristu. Ariko rero, uburyo bakoresha bwari butandukanye n’ubwo dukoresha. Muri iki gihe, turigana Bibiliya n’umuntu umwe ukwiwe, tukamuronsa inyigisho ku giti ciwe. Mu nyuma turatumira uwo mutohoji wa Bibiliya ngo yifatanye n’ishengero kanaka riba ryaramaze gushingwa. Kera, aba colporteurs barashikiriza ibitabu maze bagakoraniriza hamwe ababa bashimishijwe kugira ngo bige Ivyanditswe ari umugwi. Aho kwiga n’umuntu umwumwe ukwiwe, barashinga ico bita amasomero, ari yo mashengero.

12 Nk’akarorero, mu 1907 umugwi umwe w’aba colporteurs waragize isekeza mu gisagara kimwe urondera abantu bari bafise ibitabu L’Aurore du Millénium (ivyitwa kandi Études des Écritures). Umunara w’Inderetsi wavuze uti: “Abo bantu [baba bashimishijwe] barakoranira hamwe ari bakeyi muri umwe mu mihana yabo. Umu Colporteur yaramara umusi w’iyinga wose ariko araganira na bo ku bijanye n’Umugambi Imana ifitiye abantu, ku w’iyinga ukurikira na ho akabahimiriza kuza baragira amakoraniro badahorereza.” Mu 1911, abavukanyi barahinduye ubwo buryo. Abasuku b’ingenzi badasanzwe 58 barashikiriza insiguro z’icese muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no muri Kanada. Abo bavukanyi bararondera amazina na aderese vy’abantu bashimishijwe baba baje kwumviriza izo nsiguro maze bakabungunganya kugira ngo bagire amasomero mashasha akoranira hamwe mu mihana y’abantu. Mu 1914, kw’isi yose hari amashengero 1.200 y’Abatohoji ba Bibiliya.

13. Ni igiki kigutangaza ku bijanye n’ukuntu “ubumenyi nyakuri” bwakwiragiye muri iki gihe?

13 Muri iki gihe, hirya no hino kw’isi hari amashengero nka 109.400 be na bene wacu na bashiki bacu nka 895.800 basukura ari abatsimvyi. Muri iki gihe, abantu nk’imiliyoni umunani barakiriza yompi “ubumenyi nyakuri,” bakabushira mu ngiro mu buzima bwabo. (Soma Yesaya 60:22.)b Ivyo biratangaje cane kubera ko Yezu yari yaravuze ko abigishwa biwe ‘bokwanswe n’abantu bose’ bahorwa izina ryiwe. Yongeyeko yuko abayoboke biwe bohamwe, bagapfungwa, mbere bakicwa. (Luka 21:12-17) Naho abasavyi ba Yehova barwanywa na Shetani, amadayimoni yiwe be n’abandi bantu, bararoranirwa bimwe bidasanzwe mu bijanye no kurangura igikorwa bashinzwe co guhindura abantu abigishwa. Muri iki gihe, bariko baramamaza “mw’isi yose,” guhera mu mashamba yo mu turere dushushe gushika muri ka karere gakanye cane ko muri Amerika, Aziya n’Uburaya, bakamamaza no mu misozi, mu bugaragwa, mu bisagara no mu turere two hagati mu gihugu turi kure y’utundi twose. (Mat. 24:14) Ivyo ntibokwigeze babishikako iyo badashigikirwa n’Imana.

‘UBUMENYI NYAKURI BUGWIRA’

14. “Ubumenyi nyakuri” bwamenyekanye cane gute biciye ku bisohokayandikiro?

14 “Ubumenyi nyakuri” bwaragwiriye biciye ku bantu benshi bariko baramamaza inkuru nziza. Bwaragwiriye kandi biciye ku bisohokayandikiro. Muri Mukakaro 1879, Abatohoji ba Bibiliya barasohoye inomero ya mbere y’iki kinyamakuru, ikaba yari ifise umutwe uvuga ngo Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni n’integuza y’ukuhaba kwa Kristu (mu congereza). Hacapuwe amakopi 6.000 y’iyo nomero mu congereza gusa, akaba yacapuwe n’ishirahamwe rimwe ry’ivy’ubudandaji. Charles Taze Russell, akaba yari afise imyaka 27, ni we yatowe ngo abe umwanditsi w’ico kinyamakuru, ari kumwe n’abandi Batohoji ba Bibiliya bahumuye batanu bama bamufasha kwandika ibiganiro. Ubu Umunara w’Inderetsi usohorwa mu ndimi 195. Ni co kinyamakuru gikwiragizwa kuruta ibindi vyose kw’isi, hakaba hakwiragizwa amakopi 42.182.000 kuri buri nomero. Haca hakurikira ikinyamakuru kigenzi caco citwa Be maso!, hakaba hakwiragizwa amakopi yaco 41.042.000 mu ndimi 84. N’ikindi kandi, buri mwaka hacapurwa ibitabu na Bibiliya nk’imiliyoni 100.

15. Amahera dukoresha mu bijanye no gucapura ava he?

15 Amahera akoreshwa muri ico gikorwa amahero aboneka biciye ku ntererano zitangwa n’abavyishakiye. (Soma Matayo 10:8.) Ico ubwaco kiratangaza cane abakora ivyo gucapura batahura amahera akoreshwa mu kugura imashini zicapura, impapuro, irangi n’ibindi bikoresho. Umuvukanyi umwe ajejwe kugura ibikoresho vy’amacapuriro y’Amabeteli yavuze ati: “Abantu bikorera utwabo bagendera amacapuriro yacu baratangazwa n’uko amahera akoreshwa muri ivyo bikoresho vyo mu buhinga bwa none kandi bigezweho aboneka biciye ku ntererano zitangwa n’abavyishakiye. Baratangazwa kandi n’uko abakorera kuri Beteli usanga bakiri bato cane kandi bahimbawe.”

UBUMENYI BWEREKEYE IMANA BUZOKWUZURA ISI

16. Kumenyekanisha “ubumenyi nyakuri” bifise intumbero iyihe?

16 “Ubumenyi nyakuri” bwaragwiriye ku bw’intumbero nziza. Imana igomba ko “abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Tim. 2:3, 4) Yehova yipfuza ko abantu bamenya ukuri kugira ngo bashobore kumusenga mu buryo bubereye maze abahezagire. Mu kumenyekanisha “ubumenyi nyakuri,” Yehova yaratororokanije amasigarira y’abakirisu barobanuwe b’abizigirwa. Vyongeye, ariko aratororokanya “isinzi rinini” rifise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera, arikuye “mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose.”​—Ivyah. 7:9.

17. Ikwiragira ry’ugusenga kw’ukuri rituma dushika ku ciyumviro ikihe?

17 Ikwiragira ry’ugusenga kw’ukuri muri iyi myaka 130 iheze rituma dushika ku ciyumviro gikora ku mutima c’uko Imana be n’Umwami yagenye ari we Yezu Kristu bari kumwe n’abasavyi ba Yehova bo kw’isi mu kubayobora, mu kubakingira, mu kubungunganya no mu kubigisha. Iyongerekana ryabo riratuma kandi turushiriza kujijuka yuko ivyo Yehova yasezeranye ku bwa kazoza bizoranguka. “Isi izokwuzura koko ubumenyi bwa Yehova nk’uko amazi apfutse ikiyaga.” (Yes. 11:9) Ese imihezagiro abantu bazokwironkera ico gihe!

[Utujambo tw’epfo]

a Uzokwungukira ku kuraba twa tudisiki DVD (mu gifaransa) tuvuga ngo Ivyabona vya Yehova​—Ingene ukwizera kwabo kwagaragariye mu bikorwa, Igice ca 1: Bava mu mwiza be na Ivyabona vya Yehova​—Ingene ukwizera kwabo kwagaragariye mu bikorwa, Igice ca 2: Umuco nukayangane.

b Raba igitabu La prophétie d’Isaïe, lumière pour tous les humains II, urupapuro rwa 320, be n’⁠Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 2002, urupapuro 29, ingingo ya 16.

[Ifoto ku rup. 6]

Abatohoji ba Bibiliya bo mu ntango bari abantu bicisha bugufi bipfuza babikuye ku mutima gukora ivyo Imana igomba

[Ifoto ku rup. 7]

Yehova araha agaciro utwigoro ugira mu gukwiragiza “ubumenyi nyakuri” bwerekeye Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika