Nube inkerebutsi urondere “ubuyobozi bw’ubuhanga”
Ubuzima bugereranywa n’urugendo. Ariko rero, ubukerebutsi bw’abantu akenshi bwaragaragaye ko ata kintu kinini bubafasha mu buzima. Abantu benshi barasāvye nk’ubwato mu mazi arimwo ibisebuzi agereranya ubuzima. (Zab. 107:23, 27) Ni kubera iki iyo mvugo y’ikigereranyo ibereye?
Mu bihe vya kera, kugira urugendo rwo mu kiyaga cari ikintu kigoye casaba ko umuntu aba abimenyereye. Bwari ubuhanga akenshi yigishwa n’ababa bamaze igihe kirekire ari abasozabwato, kumbure akabwigishwa n’uwuyobora ubwato. (Ivyak. 27:9-11) Ibicapo vyinshi vya kera birashimika ku kuntu uruhara rw’uwayobora ubwato rwari ruhambaye mu kumwerekana aboneka cane kuruta abandi. Kugira ngo abasozabwato baje mu kiyaga amahanga, babanza kwiga ibijanye n’inyenyeri, imiyaga hamwe n’ibindi bintu vyobafasha. Bibiliya ivuga yuko abasozabwato bamwebamwe bari “abahanga,” ikaba ikoresha imvugo ishobora gusobanura ngo inkerebutsi.—Ezk. 27:8.
Guca mu ngorane zo mu buzima muri iki gihe bishobora gusa n’ibigoye cokimwe no kuja mu kiyaga mu bihe vya kera. Ni igiki none codufasha?
DUSHOBORA GUTE KURONKA “UBUYOBOZI BW’UBUHANGA”?
Ufise mu bwenge yuko ubuzima bugereranywa n’urugendo, rimbura uku kuri kwo muri Bibiliya kugira guti: “Umuntu w’inkerebutsi azokwumviriza aronke inyigisho yiyongereye, kandi umuntu afise ugutegera ni we aronka ubuyobozi bw’ubuhanga.” (Imig. 1:5, 6) Imvugo y’igiheburayo yahinduwe ngo “ubuyobozi bw’ubuhanga,” ishobora kudondora ivyo umukomanda w’ubwato bwa kera yakora. Iserura iciyumviro co kuba umuntu ashoboye kuyobora no kurongora abigiranye ubuhanga.
Naho bisaba akigoro, turashobora kuronka “ubuyobozi bw’ubuhanga” maze tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, tukamenya gusoza neza mu kiyaga c’ubuzima. Nk’uko igitabu c’Imigani kivyerekana, dutegerezwa gukoresha “ubukerebutsi,” “ugutahura” n’“ugutahura kwimbitse.” (Imig. 1:2-6; 2:1-9) Egome, ntidushobora kwirengagiza ivyo kurondera ubuyobozi buva ku Mana, kuko n’ababisha boshobora kuba bazi ingene ‘bayobora’ ku bw’intumbero zitabereye.—Imig. 12:5.
Birahambaye cane rero yuko twiga Ijambo ry’Imana tubigiranye umwete. Tubigenjeje gutyo, turashobora kwironsa amakuru y’agaciro yerekeye Yehova n’umwe amwigana neza kuruta abandi bose ari we Yezu Kristu. (Yoh. 14:9) Ku makoraniro ya gikirisu turaharonkera impanuro nyinshi ziranga ubukerebutsi. Vyongeye, turashobora kwigira ku vyashikiye abandi, harimwo n’abavyeyi bacu.—Imig. 23:22.
NIWITEGURIRE IVYOSHOBORA GUSHIKA
“Ubuyobozi bw’ubuhanga” burahambaye canecane igihe turi mu mazi asurirana, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo. Gukekeranya mu bijanye n’ico twokora igihe turi mu bintu bitoroshe birashobora gutuma tubura ico dufata n’ico tureka, ivyo bikaba vyovamwo ingaruka z’agahomerabunwa.—Yak. 1:5, 6.
Biri n’ico bivuze kuba ya mvugo ihindurwa ngo “ubuyobozi bw’ubuhanga” ikoreshwa no mu bijanye n’intambara. Bibiliya ivuga iti: “Uzorwana intambara yawe biciye ku buyobozi bw’ubuhanga [ni ukuvuga “biciye ku buhinga bwo kurwana burimwo ubuhanga,” The Revised English Bible] kandi mu bajanama indiri hari ubukiriro.”—Imig. 20:18; 24:6.
Cokimwe n’umuhinga ategura intambara, vyoba vyiza twiteguriye ibintu vyoshobora kubangamira kamere yacu y’ivy’impwemu. (Imig. 22:3) Nk’akarorero, hari aho woba ubwirizwa gufata ingingo nimba uzokwemera akazi kanaka canke kuduzwa igiti. Birumvikana ko worimbura umushahara uzoronka, umwanya uzokoresha mu kuja ku kazi no mu kuvayo be n’ibindi bintu. Ariko rero, hariho ibindi bintu udakwiye kwibagira: Ako kazi koba gateye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya? Amasaha gakorerwako yoshobora gute kugira ico akoze ku bikorwa vyanje vya gikirisu, nk’akarorero nimba ari akazi gasaba gukuranwa?—Luka 14:28-30.
Icabona ca Yehova yitwa Loretta yari afise akazi keza mw’ishirahamwe rimwe rihingura ibifungura. Igihe iryo shirahamwe ryagira ryimukire ahandi, Loretta yaremerewe igiti gikomeye muri ico kibanza gishasha. Abayobozi baryo bamubwiye bati: “Ako ni akaryo k’imbonekarimwe. Twaramaze kubona ko hariyo Ingoro y’Ubwami.” Mugabo Loretta yipfuza kworosha ubuzima bwiwe kugira ngo arushirize gukorera Umuremyi. Yarabonye yuko ako kazi gashasha kotumye ataronka umwanya uhagije wo kurangura ibikorwa vya gikirisu. Yaciye rero agaheba, naho umwe muri abo bayobozi yamwibiye akabanga yuko ari we mukozi wenyene batipfuza gutakaza. Loretta, ubu hakaba haciye imyaka nka 20 ari umutsimvyi asanzwe, aremera adakeka yuko ivyiza yahakuye vyatumwe n’uko yategekanije ibintu akoresheje “ubuyobozi bw’ubuhanga,” egome, yisunze impanuro ziri mw’Ijambo ry’Imana. Yarakomeje ubucuti afitaniye na Yehova yongera araterwa agateka ko gufasha abatari bake kwakira ukuri kwo muri Bibiliya.
Nta gukeka ko “ubuyobozi bw’ubuhanga” bukenewe mu muryango. Kurera abana ni igikorwa c’igihe kirekire, kandi amahitamwo abavyeyi bagira mu vy’impwemu canke mu vy’umubiri aragira ico akoze kuri kazoza k’abo mu muryango bose. (Imig. 22:6) Nk’akarorero, abavyeyi bakirisu boshobora kwibaza bati: ‘Biciye ku vyo tuvuga no ku karorero dutanga, twoba turiko turigisha abana bacu ibintu vy’impwemu bizobafasha kuvyifatamwo neza bamaze gukura? Ukuntu tubayeho kwoba kubafasha gutahura yuko bakwiye kubumbwa n’ivyo bafise bakongera bagashira imbere ubusuku bwabo bwa gikirisu?’—1 Tim. 6:6-10, 18, 19.
Ukuroranirwa nyakuri ntikuva ku kwishingira imigambi y’ivy’umubiri canke imigambi ikibano gishira imbere, iyo abantu bo mw’isi bakunda gukurikirana. Umwami Salomo ivyo yarabitahura. Yahumekewe kwandika ati: “Abatinya Imana y’ukuri bizobagendera neza, kuko bayitinye.” (Umus. 8:12) Nta gukeka yuko ivyo vyerekana ko kurondera “ubuyobozi bw’ubuhanga” bushingiye kw’Ijambo ry’Imana ari ikintu kiranga ubukerebutsi.—2 Tim. 3:16, 17.
[Ifoto ku rup. 30]
Kugira ngo uruhara rw’abayobora ubwato rushimikweko, akenshi běrekanwa mu bicapo baboneka cane kuruta abandi basozabwato
[Abo dukesha ifoto]
Su concessione del Ministero per i Beni e le Attività Culturali. Birabujijwe gucapura canke gusubiramwo iyi shusho mu buryo ubwo ari bwo bwose.