Ntivuga ibitito, ivuga ivyabaye
“Nakurikiranye neza ibintu vyose kuva mu ntango.”—LUKA 1:3.
BIBILIYA ITANDUKANIYE HE N’IBINDI BITABU? Imigani n’ibitito usanga vyigana inkuru zitabaho ziterekana ahantu ibintu vyabereye, igihe vyabereyeko, hamwe n’amazina y’abantu babayeho koko. Bibiliya yoyo irimwo amakuru y’ido n’ido ya kahise atagira uko angana akura amazinda abasomyi yuko ‘ivyo ivuga ari ukuri kw’agahebuza.’—Zaburi 119:160, The Psalms for Today, y’uwitwa R. K. Harrison.
AKARORERO: Bibiliya ivuga ko “Nebukadinezari umwami wa Babiloni . . . [yatwaye umwami w’Ubuyuda] Yehoyakini mu bunyagano i Babiloni.” Mu nyuma, “Evili-merodaki umwami wa Babiloni, mu mwaka yabereyemwo umwami, [yarasohoye] Yehoyakini umwami wa Yuda mu nzu y’ibohero.” Vyongeye, Yehoyakini “yama ahabwa ingaburo ivuye ku mwami, ivyo yabwirizwa guhabwa ku musi ku musi, imisi yose y’ubuzima bwiwe.”—2 Abami 24:11, 15; 25:27-30.
IVYO ABACUKUZI B’IVYA KERA BUBUYE: Mu bisigarira vy’igisagara ca Babiloni ya kera, abacukuzi b’ivya kera barubuye inzandiko za Leta zo ku ngoma ya Nebukadinezari wa kabiri. Izo nyandiko zirimwo intonde z’ivyo imbohe be n’abandi bari bazeye uburaro n’uburamuko ku rugo rw’umwami bahabwa ku musi ku musi. Muri izo ntonde harimwo “Yawukini [ari we Yehoyakini],” uno akaba yari “umwami w’igihugu ca Yahudi (Yuda),” hakabamwo n’urugo rwiwe. Evili-merodaki, uwasubiriye Nebukadinezari, we yoba yarabayeho? Ivyandiko biri ku kibumbano catowe hafi y’igisagara ca Susa bivuga biti: “Ikirimba ca Amili-Maraduki [ari we Evili-merodaki], Umwami wa Babiloni, mwene Nebukadinezari, Umwami wa Babiloni.”
UVYIBAZAKO IKI? Hoba hari ikindi gisomwa kijanye n’ivy’Imana ca kera kivuga amakuru adomako kandi atagira amakosa ajanye na kahise? Canke riho twovuga ko Bibiliya ata ho ihuriye n’ibindi bitabu?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 5]
“Amakuru [Bibiliya] itanga ku bijanye n’igihe ibintu vyabereyeko be n’aho vyabereye ni amakuru atagira amakosa kandi yo kwizigirwa kuruta ayatangwa n’izindi nzandiko izo ari zo zose za kera.”—IGITABU A SCIENTIFIC INVESTIGATION OF THE OLD TESTAMENT, C’UWITWA ROBERT D. WILSON
[Ifoto ku rup. 5]
Urwandiko rw’i Babiloni ruvuga umwami Yehoyakini wa Yuda
[Abo dukesha ifoto]
© bpk, Berlin/Vorderasiatisches Museum, SMB/Olaf M. Tessmer/Art Resource, NY