Ubuhanuzi ivuga bwama buranguka
“[Nta] jambo na rimwe mu majambo meza yose Yehova Imana yanyu yababwiye ritashitse.”—YOSUWA 23:14.
BIBILIYA ITANDUKANIYE HE N’IBINDI BITABU? Birazwi neza ko ivyo ba kamenyi ba kera bavuga ko bizoba bitaba bitomoye be n’uko bitaba ari ivyo kwizigirwa; ni ko biri no ku vyo abantu bavuga ubu ku bijanye na kazoza bafatiye ku bicapo vyitwa horoscopes. Nayo icigwa co kuvuga ibizoba (futurologie) usanga cishimikiza ukuntu ibintu biba vyifashe, kandi ni gake kinagerageza kuvuga imbere y’igihe ibintu nyezina bizoba haciye ibinjana. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwo buvuga ibintu ido n’ido kandi bwama buranguka, naho buba bwavuze “kuva kera . . . ibintu bitarakorwa.”—Yesaya 46:10.
AKARORERO: Mu kinjana ca gatandatu imbere y’igihe cacu, umuhanuzi Daniyeli yareretswe ko Ubugiriki bwonesheje mu kanya gato Inganji y’Abamedi n’Abaperesi. Yareretswe kandi ko umwami w’Ubugiriki nyene gutsinda akimara “kugira inkomezi,” ubwami bwiwe ‘bwovunywe.’ Ni nde yomusubiriye? Daniyeli yanditse ati: “Hazohaguruka ubwami bune buvuye mw’ihanga ryiwe, mugabo budafise ububasha nk’ubwiwe.”—Daniyeli 8:5-8, 20-22.
ICO ABATOHOZAKAHISE BABIVUGAKO: Haciye imyaka irenga 200 Daniyeli abayeho, Alegizandere Mukuru yarabaye umwami w’Ubugiriki. Mu myaka cumi, yari anesheje Inganji y’Abamedi n’Abaperesi aca aragura Inganji y’Ubugiriki gushika ku Ruzi Indus (ruri muri Pakistani y’ubu). Ariko urupfu rwaramukubiranije afise imyaka 32. Amaherezo, urugamba rwabereye hafi y’i Ipsus muri Aziya Ntoya twovuga ko rwahimbaguye inganji yiwe. Abantu bane batsinze uwo rugamba bahavuye bagabangana Inganji y’Ubugiriki. Ariko nta n’umwe muri bo yashikiriye ububasha bwa Alegizandere.
UVYIBAZAKO IKI? Hari ikindi gitabu covuga ko ubuhanuzi buri muri co bwama buranguka? Canke riho twovuga ko Bibiliya ata ho ihuriye n’ibindi bitabu?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 4]
“Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya . . . ni bwinshi cane ku buryo bitoshoboka na gato ko buranguka ku gihamana.”—IGITABU A LAWYER EXAMINES THE BIBLE, CANDITSWE NA IRWIN H. LINTON
[Abo dukesha ifoto ku rup. 4]
© Robert Harding Picture Library/SuperStock