Ivyo mu bushinguro bwacu
“Ku musi ku musi ndarushiriza kwiga gukunda igikorwa c’aba colporteurs”
MU 1886, amakopi ijana y’igitabu ca mbere ca Aurore du Millénium, yarakuwe mu Nzu ya Bibiliya yari muri Allegheny i Pennsylvania muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ajanwa i Chicago muri Leta ya Illinois. Charles Taze Russell yari yizigiye gutanga ico gitabu gishasha ku mamangazini agurishirizwamwo ibitabu. Rimwe mu mashirahamwe akomakomeye kuruta ayandi yose yo muri Leta Zunze Ubumwe yagurisha ibitabu bijanye n’idini, ryari ryemeye kwakira amakopi y’igitabu Aurore du Millénium rikazoriha amaze kugurwa. Mugabo haciye indwi zibiri, ibitabu vyose vyari vyarungitswe vyaragarutse kuri ya Nzu ya Bibiliya.
Bivugwa yuko umuvugabutumwa rurangiranwa umwe yari yashavuye igihe yabona ico gitabu Aurore du Millénium kiri i ruhande y’ibitabu vyiwe. Yavuze ashavuye ko ico gitabu kiramutse kigumye aho ibindi bimanitse, we hamwe n’abagenzi biwe b’abavugabutumwa ba rurangiranwa bose bociye batwara ahandi ibitabu vyabo n’urudandazwa rwabo. Nyene iryo shirahamwe yaciye agarukana ivyo bitabu Aurore naho atabishaka. Vyongeye, amatangazo yo guhayanisha ico gitabu yari yarashizwe mu binyamakuru vyo mw’isi. Mugabo abaturwanya barakoze uko bashoboye kwose kugira ngo amasezerano ajanye n’ayo matangazo afutwe. None ico gitabu gishasha cari gushikira gute abantu barondera ukuri?
Aba colporteurs, nk’uko bitwa ico gihe, barabaye kirumara muri ivyo.a Mu 1881, Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni wari waramenyesheje ko hakenewe abamamaji b’igihe cose 1.000 bari gushobora gutanga ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Naho abo ba colporteurs bari amajana nk’angahe gusa, barakwiragije hirya no hino imbuto z’ukuri mu buryo bw’ibitabu. Mu 1897, amakopi y’igitabu Aurore yababa umuliyoni yari amaze gutangwa, ahanini akaba yatanzwe n’abo ba colporteurs. Benshi muri bo babeshwaho n’agafashanyo gatoya baronka ku gitabu cose baba batanze canke igihe cose haba hagize uwiyandikisha kugira azoze araronka Umunara w’Inderetsi.
None abo ba colporteurs b’intatinyurukamvye bari bande? Bamwebamwe batangura ico gikorwa bakiri imiyabaga, abandi bakagitangura bitereye mu myaka. Benshi bari abirebange canke abubakanye batagira abana, mugabo hariho n’imiryango itari mike yakoze ico gikorwa. Aba colporteurs basanzwe bakora amasaha menshi ku musi, abo gufasha na bo bakamara isaha imwe canke zibiri ku musi. Si bose mu basavyi ba Yehova bashobora gukora igikorwa c’igihe cose bivanye n’amagara be n’ukuntu ivyabo vyaba vyifashe. Mugabo kw’ihwaniro ry’intara ryabaye mu 1906, abari babishoboye babwiwe yuko bitari ngombwa ngo babe “abantu bize cane, canke bafise ububangukirwe budasanzwe canke ururimi rw’abamarayika.”
Mu bice vy’isi nka vyose, abantu basanzwe bararanguye igikorwa kidasanzwe. Umuvukanyi umwe yavuze yuko agereranije, mu myaka indwi yatanze ibitabu 15.000. Yamara, yavuze ati: “Sinakoze ico gikorwa kugira ngo mbe umudandaza w’ibitabu, ahubwo nagikoze kugira ngo nshingire intahe Yehova n’ukuri kwiwe.” Ahantu hose abo ba colporteurs baja, imbuto z’ukuri zarahashinga imizi maze imirwi y’Abatohoji ba Bibiliya igatangura kugwira.
Abakuru b’amadini baragaya abo ba colporteurs, mu kuvuga yuko ari abantu bagenda baracuruza ibitabu gusa. Umunara w’Inderetsi wo mu 1892 wavuze uti: “Ni bake bazi yuko abo ba colporteurs baserukira vy’ukuri Umukama, canke batahura iteka Umukama abona mu kwicisha bugufi kwabo no mu kwitanga kwabo.” Nkako, nk’uko umwe muri bo yabivuze, ubuzima bwabo “ntibwari ubwo kwidibamira.” Ibirato n’amakinga bikomeye ni bwo buryo nyamukuru bakoresha mu kwiyunguruza. Aho batashobora kuronka amahera, baca batanga ibitabu bakabaha ibifungurwa. Igihe abo bamamaji baba bamaze umusi wose mu ndimiro, basubira mu mahema no mu mazu bakotesheje, barushe mugabo banezerewe. Mu nyuma harabonetse ico bita umukogote w’aba colporteurs, ukaba wari umukogote umeze nk’inzu watuma bacungura umwanya mwinshi bakaziganya n’amahera menshi.b
Guhera kw’ihwaniro mpuzamakungu ryagizwe n’Ishirahamwe ry’abatohoji ba Bibiliya ryabereye i Chicago mu 1893, muri porogarama harashirwamwo ibiganiro bidasanzwe bigenewe aba colporteurs. Muri ivyo biganiro barashikiriza ibintu bishimishije biboneye, bagatanga ivyiyumviro ku bijanye n’uburyo bakoresha mu kwamamaza bagatanga n’impanuro ngirakamaro. Umuvukanyi Russell yarigeze guhimiriza abamamaji b’abanyamwete kuza barafungura neza mu gitondo, bakanywa ikirahuri c’amata nk’isaha zine, igihe na ho hari izuba ryinshi, bakanywa ifanta ikanye.
Aba colporteurs baba bakeneye uwo bofadikanya igikorwa co kwamamaza barambara agatambara k’umuhondo. Abashasha bifatanya n’abamaze igihe. Biboneka ko ukwo kumenyerezwa kwari gukenewe, kubera ko umwe mu ba colporteurs bashasha yari yarigeze gushikiriza ibitabu umutima utari mu nda, mu kuvuga ati: “Mwoba mushaka ibi bitabu?” Igishimishije ni uko nyene gusangwa ku muhana yavyakiriye, akaba yahavuye aba mushiki wacu.
Umuvukanyi umwe yaribajije ati: ‘Noba nkwiye kuguma nkora ibi bintu binyinjiriza amahera menshi maze nkaza ndatanga amadolari 1.000 y’amanyamerika (ni ukuvuga amarundi nka 1.370.000) ku mwaka kugira ngo nshigikire igikorwa, canke nkwiye kuba umu colporteur?’ Yabwiwe yuko Umukama yoshimye ico ari co cose muri ivyo, mugabo guha umwanya wiwe Umukama ata kindi abicishijeko vyotumye arushiriza guhezagirwa. Uwitwa Mary Hinds yasanze kuba umu colporteur ari “bwo buryo bwiza kuruta ubundi bwose bwo gukorera ikintu ciza kuruta ibindi vyose abantu benshi kuruta.” Uwitwa Alberta Crosby, akaba yari umunyamasoni, yavuze ati: “Ku musi ku musi ndarushiriza kwiga gukunda igikorwa c’aba colporteurs.”
Muri iki gihe, abantu benshi bakomoka kuri abo ba colporteurs b’abanyamwete, haba mu buryo bw’umubiri canke mu buryo bw’impwemu, baracumiye kw’iragi ryabo ryo mu vy’impwemu. Nimba mutararonka umu colporteur canke umutsimvyi mu muryango wanyu, ubona gute utanguje ico kintu uzoraga abo mu muryango wawe? Na wewe nyene ku musi ku musi uzorushiriza kwiga gukunda igikorwa co kwamamaza igihe cose.
[Utujambo tw’epfo]
a Inyuma ya 1931, imvugo ngo umu “colporteur” yasubiriwe n’imvugo “umutsimvyi.”
b Amakuru y’ido n’ido yerekeye iyo miduga yakoreshwa nk’inzu azosohoka mu yindi nomero y’iki kinyamakuru.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 32]
Ntivyari ngombwa ko baba “abantu bize cane, canke bafise ububangukirwe budasanzwe canke ururimi rw’abamarayika”
[Ifoto ku rup. 31]
Umu colporteur yitwa Alfred Winfred Osei wo muri Gana, nko mu 1930
[Amafoto ku rup. 32]
Haruguru: Aba colporteurs Edith Keen na Gertrude Morris bo mu Bwongereza, nko mu 1918; hepfo: Stanley Cossaboom na Henry Nonkes bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bari iruhande y’amakarato agaragara yarimwo ibitabu bashikirije