ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/4 rup. 22-26
  • Yehova arazi kurokora abasavyi biwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova arazi kurokora abasavyi biwe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • BARAROKOTSE UMWUZURE WATEYE KW’ISI YOSE
  • BARAROKOWE KU KIYAGA GITUKURA
  • BARAROKOTSE IGIHE YERUZALEMU YATIKIZWA
  • TURAKOMEZWA KU BW’IBIRARIRIYE GUSHIKA
  • Ubwato bwa Nowa
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Icokwitwa “igitabu” ca Nowa hoba hari akamaro kidufitiye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • ‘Yarazigamwe hamwe n’abandi indwi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Inkuru ya Nowa na wa mwuzure ukomeye yoba ari igitito?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/4 rup. 22-26

Yehova arazi kurokora abasavyi biwe

“Yehova arazi kurokora mu kigeragezo abantu bari n’ukwihebera Imana.”​—2 PET. 2:9.

KUBERA IKI TWOKWIZIGIRA KO YEHOVA:

Azi igihe ibintu bizogenda biraberako mw’iranguka ry’umugambi wiwe?

Azokoresha ububasha bwiwe mu gutabara abasavyi biwe?

Azi neza na neza ukuntu ibintu bizogenda mu gihe ca ya makuba akomeye?

1. Ibintu bizoba vyifashe gute mu gihe ca ya “makuba akomeye”?

URUBANZA Imana izoshitsa kw’isi ya Shetani ruzoza giturumbuka mu buryo butangaje. (1 Tes. 5:2, 3) “Umusi uhambaye wa Yehova” niwashika, abantu bazoja mu muvurungano ukomeye. (Zef. 1:14-17) Nta musi uzokwijana badashikiwe n’imibabaro ikomeye canke ngo babure ivyo bakeneye. Kizoba ari igihe c’amarushwa “atigeze abaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu.”​—Soma Matayo 24:21, 22.

2, 3. (a) Ni ibiki bizoshikira abasavyi b’Imana mu gihe ca ya “makuba akomeye”? (b) Ni igiki gishobora kudukomeza ku bw’ibintu biraririye gushika?

2 Ayo “makuba akomeye” niyashika ku gihe cayo c’agaheta, “Gogi wo mu gihugu ca Magogi” azogaba igitero simusiga ku basavyi b’Imana. Mu gihe c’ico gitero, “inteko za gisirikare nyinshi” zizorwanya abasavyi b’Imana zimeze “nk’ibicu bipfuka igihugu.” (Ezk. 38:2, 14-16) Nta rwego rw’abantu na rumwe ruzotabara abasavyi ba Yehova. Ukurokoka kwabo bazogukesha Imana yonyene. Bazovyifatamwo gute none igihe abansi babo bazoba baje kubatikiza?

3 Nimba uri umusavyi wa Yehova, woba wizera yuko Yehova ashobora kuzigama abasavyi biwe muri ayo makuba akomeye be n’uko azobigira? Intumwa Petero yanditse ati: “Yehova arazi kurokora mu kigeragezo abantu bari n’ukwihebera Imana, mugabo akamenya kubikira abakora ibitagororotse umusi w’urubanza ngo barandurwe.” (2 Pet. 2:9) Kuzirikana ibikorwa vyo kurokora Yehova yakoze muri kahise birashobora kudukomeza ku bw’ibintu biraririye gushika. Nimuze turimbure uburorero butatu buzotuma turushiriza kwizigira ubushobozi Yehova afise bwo kurokora abasavyi biwe.

BARAROKOTSE UMWUZURE WATEYE KW’ISI YOSE

4. Ni ibiki vyategerezwa kubanza gukorwa imbere y’uko Isegenya riza?

4 Ubwa mbere, nimuze twihweze inkuru yerekeye rya Segenya ryo mu gihe ca Nowa. Kugira ngo ivyo Yehova agomba biranguke, hariho ibintu vyategerezwa kubanza gukorwa. Ca gikorwa co kwubaka ubwato amahero cabwirizwa kurangira kandi ibikoko vyabwirizwa kwinjizwa mu bwato ata nkomanzi imbere y’uko Isegenya rishika. Inkuru yo mw’⁠Itanguriro ivuga ivy’ico kintu, ihishura yuko Yehova atabanje kwubakisha ubwo bwato maze ngo abone gushinga igihe yozaniye iryo Segenya, nk’aho umengo yari ahagaritswe umutima n’uko igihe yashingiye iryo Segenya cohava gishika butaruzura. Ahubwo, Imana yashinze igihe Isegenya ryoziye hagisigaye igihe kirekire ngo ibwire Nowa ibijanye no kwubaka ubwato. Ivyo tubimenya gute?

5. Yehova yavumereye iki mu majambo ari mw’​Itanguriro 6:3, kandi iryo tegeko ryasohotse ryari?

5 Bibiliya itubwira yuko Yehova yasohoye itegeko mw’ijuru. Twisunze ibiri mw’​Itanguriro 6:3, yavuze ati: “Impwemu yanje ntizoguma yihanganiye umuntu igihe kitagira urugero, kuko ari umubiri gusa. Ku bw’ivyo, imisi yiwe izogera ku myaka ijana na mirongo ibiri.” Ayo majambo ntiyariko arerekana imyaka abantu muri rusangi bogiye baramara. Ryari itegeko ncarubanza, muri ryo Yehova akaba yaravuze igihe yokuriye kw’isi abantu batibanga Imana.a Kubera ko Isegenya ryatanguye mu 2370 B.G.C., duca dushika ku ciyumviro c’uko Imana yavumereye ayo majambo mu 2490 B.G.C. Ico gihe Nowa yari afise imyaka 480. (Ita. 7:6) Haciye nk’imyaka 20, mu mwaka wa 2470 B.G.C., abahungu ba Nowa baratanguye kuvuga. (Ita. 5:32) Hari hagisigaye nk’imyaka ijana ngo iryo Segenya ritangure, mugabo Yehova ntiyari bwahishurire Nowa uruhara rudasanzwe yoranguye mu bijanye no kuzigama umuryango w’abantu. None Imana yorindiriye igihe kingana iki imbere y’uko ibibwira Nowa?

6. Yehova yategetse Nowa kwubaka ubwato ryari?

6 Biboneka ko Yehova yarindiriye imyaka mirongo imbere y’uko ahishurira Nowa ivyo yagira akore. Ivyo tubivuze twishimikije iki? Inkuru yahumetswe ivuga ivy’ico kintu, yerekana ko abahungu ba Nowa bari bamaze gukura no gushinga izabo igihe Imana yategeka Nowa kwubaka ubwato. Yehova yamubwiye ati: “Ngiranye nawe isezerano ryanje; uze winjirane mu bwato n’abahungu bawe n’umugore wawe n’abagore b’abahungu bawe.” (Ita. 6:9-18) Birashoboka rero ko igihe Nowa yashingwa ico gikorwa co kwubaka ubwato, hari hasigaye imyaka 40 canke 50 gusa ngo Isegenya rize.

7. (a) Nowa n’umuryango wiwe bagaragaje gute ukwizera? (b) Ni ryari Imana yahavuye ibwira Nowa igihe nyezina Isegenya ryotanguriyeko?

7 Igihe Nowa n’umuryango wiwe bariko barubaka ubwato, bategerezwa kuba baribajije ukuntu Imana yoranguye umugambi wayo be n’igihe Isegenya ryotanguriyeko. Yamara, kuba batari bazi ivyo bintu ntivyatumye bareka kwubaka ubwo bwato. Iyo nkuru yo mu Vyanditswe ivuga iti: “Nowa akora yisunze ivyo Imana yari yamutegetse vyose. Akora kuno nyene.” (Ita. 6:22) Hasigaye imisi indwi ngo Isegenya rishike, ico kikaba cari igihe gihagije kugira ngo Nowa n’umuryango wiwe binjize ibikoko mu bwato, Yehova yahavuye abwira Nowa igihe nyezina iryo Segenya ryotanguriyeko. Ku bw’ivyo, igihe ingomero z’amajuru zugururwa “mu mwaka ugira amajana atandatu Nowa abayeho, mu kwezi kugira kabiri, ku musi ugira cumi n’indwi w’ukwo kwezi,” ibintu vyose vyari bimaze gutungana.​—Ita. 7:1-5, 11.

8. Ni gute inkuru yerekeye rya Segenya ituma twizigira ko Yehova azi igihe co kurokora abasavyi biwe?

8 Iyo nkuru yerekeye Isegenya irerekana ko Yehova azi igihe ciza kuruta co kurokora abasavyi biwe be n’uburyo bwiza kuruta bwo kubigira. Uko turushiriza kwegereza iherezo ry’ivy’iyi si mbi, turashobora kwemera tudakeka ko imigambi ya Yehova yose izoranguka ku gihe yashinze, ni ukuvuga ku ‘musi n’isaha’ nyene yashinze.​—Mat. 24:36; soma Habakuki 2:3.

BARAROKOWE KU KIYAGA GITUKURA

9, 10. Yehova yakoresheje gute abasavyi biwe kugira ngo ate mu mutego inteko za gisirikare za Misiri?

9 Turabonye yuko Yehova acungera neza igihe ibintu bizoberako kugira ngo umugambi wiwe uranguke. Akarorero kagira kabiri tugira twihweze karerekana ikindi kintu gikwiye gutuma twizigira ko Yehova azorokora abasavyi biwe, na co kikaba ari iki: Azokoresha ububasha bw’akaburarugero afise kugira ngo yiyemeze neza yuko ivyo agomba bikorwa. Ubushobozi Yehova afise bwo kurokora abasavyi biwe ni ntakekeranywa ku buryo rimwe na rimwe yabakoresha kugira ngo ate abansi biwe mu mutego. Ivyo ni vyo vyashitse igihe yakura Abisirayeli mu buja bwo mu Misiri.

10 Abisirayeli bavuye mu Misiri bashobora kuba bari nk’imiliyoni zitatu. Yehova yatumye Musa abayobora mu buryo bwatumye Farawo yiyumvira yuko bariko barayerera bajuragirika. (Soma Kuvayo 14:1-4.) Kubera ko Farawo atatahuye ko uwo wari umutego, we n’inteko ziwe za gisirikare baromye inyuma abo bantu bari bahoze ari abashumba maze babasanga ku Kiyaga Gitukura. Vyasa n’uko ata ho bari buhungire. (Kuv. 14:5-10) Ariko rero, Abisirayeli mu vy’ukuri ntibari bageramiwe. Uti kubera iki? Kubera ko Yehova yagira abatabare.

11, 12. (a) Yehova yatabaye gute abasavyi biwe? (b) Havuyemwo iki, kandi iyo nkuru itwigisha iki ku vyerekeye Yehova?

11 “Ya nkingi y’igicu” yariko irayobora Abisirayeli yaciye ija inyuma yabo, iratangira ingabo za Farawo zariko ziregereza maze izita mu mwiza. Ariko rero, iyo nkingi yaraboneshereza Abisirayeli mw’ijoro mu buryo bw’igitangaro. (Soma Kuvayo 14:19, 20.) Yehova yaciye agaburamwo kabiri ikiyaga akoresheje umuyaga ukomeye wo mu buseruko, “igicokwe c’ikiyaga agihindura isi yumutse.” Nta gukeka ko ivyo vyatwaye umwanya utari muto, kuko iyo nkuru igira iti: “Amaherezo bene Isirayeli baca hagati mu kiyaga kw’isi yumutse.” Abisirayeli bagenda bukebuke cane ubagereranije n’inteko za gisirikare za Farawo zari mu mikogote yazo y’intambara. Yamara, ntivyari gushoboka ko Abanyamisiri babahamvya kuko Yehova yariko arwanira Isirayeli. Bibiliya ivuga iti: “Ata ikambi y’Abanyamisiri mu muvurungano. Aguma akurako amakurudumu ku mikogote yabo ku buryo bayitwara vyanka.”​—Kuv. 14:21-25.

12 Abisirayeli bose bamaze kujabuka ata nkomanzi, Yehova yabwiye Musa ati: “Ramvurira ukuboko kwawe hejuru y’ikiyaga, kugira amazi agaruke arengere Abanyamisiri, imikogote yabo y’intambara n’abarwanira ku mafarasi babo.” Igihe izo ngabo zagerageza guhunga ayo mazi yariko araza n’inguvu nyinshi, “Yehova [yaciye] akunkumurira Abanyamisiri hagati mu kiyaga.” Ntibashobora guhunga. “Habe n’umwe muri bo yasigaye.” (Kuv. 14:26-28) Gutyo, Yehova yarerekanye yuko afise ububasha bwo kurokora abasavyi biwe akabakura mu ngorane iyo ari yo yose.

BARAROKOTSE IGIHE YERUZALEMU YATIKIZWA

13. Ni ubuyobozi ubuhe Yezu yatanze, kandi abayoboke biwe bashobora kuba bibajije iki?

13 Yehova arazi neza na neza ukuntu azotunganya ibintu kugira ashitse umugambi wiwe. Kuba ico kintu gihambaye, bibonekera mu karorero kagira gatatu tugira twihweze, ako na ko kakaba kajanye n’igihe Yeruzalemu yasugerezwa mu kinjana ca mbere. Yehova abicishije ku Mwana wiwe, yarahaye ubuyobozi abakirisu baba i Yeruzalemu n’i Yudaya imbere y’uko ico gisagara gitikizwa mu 70 G.C, ubwo buyobozi bukaba bwari kubafasha kurokoka. Yezu yavuze ati: “Nimwabona rero ca kintu gisesemye giteza ubugesera, nk’uko cavuzwe biciye kuri Daniyeli umuhanuzi, gihagaze ahantu heranda, . . . abari i Yudaya bazoce batangura guhungira mu misozi.” (Mat. 24:15, 16) Ariko none abayoboke ba Yezu bari kumenya gute igihe ubwo buhanuzi bwobaye buriko buraranguka?

14. Ni ibintu ibihe vyabaye bigatuma insobanuro ya bwa buyobozi Yezu yatanga itomoka?

14 Uko ibintu vyagenda biraba, ni ko insobanuro y’ayo majambo ya Yezu yatomoka. Mu 66 G.C., ingabo z’Abaroma zari zirongowe na Cestius Gallus zarashitse i Yeruzalemu kugira ngo zihagarike ubugarariji bw’Abayuda. Igihe abo bagarariji b’Abayuda, abari bazwi ko ari Abayuda b’abanyeshaka, bahungira mu rusengero, ingabo z’Abaroma zaciye zitangura kwimba uruhome rw’urusengero. Ku bakirisu bari barikanuye, insobanuro y’ivyo bintu yari itomoye: Ingabo z’abapagani zari zitwaje ibigirwamana (ni ukuvuga ca “kintu gisesemye”) zari zashitse ku ruhome rw’urusengero (ari ho “hantu heranda”). Hari hageze ko abayoboke ba Yezu “batangura guhungira mu misozi.” Ariko none bari kuva gute mu gisagara cari gisugerejwe? Hari ikintu kitari citezwe cagira kibe.

15, 16. (a) Ni ubuyobozi butomoye ubuhe Yezu yatanze, kandi ni kubera iki vyari bihambaye cane ko abayoboke biwe babugamburuka? (b) Ukurokoka kwacu tuzogukesha iki?

15 Ata mvo iboneka ibitumye, Cestius Gallus n’ingabo ziwe baravuye i Yeruzalemu, batangura gusubira inyuma. Ba Bayuda b’abanyeshaka baciye baboma inyuma. Kubera ko iyo migwi yari ishamiranye yari ivuye muri ico gisagara, abayoboke ba Yezu baciye baronka akaryo ko guhunga. Yezu yari yarabategetse mu buryo butomoye gusiga ivyo batunze bakagenda badatebaganye. (Soma Matayo 24:17, 18.) Vyoba vy’ukuri vyari bikenewe ko bagira ico bakoze mu maguru masha? Ivyaciye biba birerekana ko vyari bikenewe. Mu misi mikeyi, ba Bayuda b’abanyeshaka baragarutse maze batangura guhata ababa i Yeruzalemu n’i Yudaya ngo babashigikire muri ubwo bugarariji. Muri ico gisagara ibintu vyaciye bidabuka igihe utugwi tw’Abayuda tudacana uwaka twatana mu mitwe turondera kwigarurira ico gisagara. Guhunga vyararushiriza kuba ibigoye. Igihe Abaroma bagaruka mu 70 G.C, ntivyari bigishoboka ko umuntu ahunga. (Luka 19:43) Abantu bose bagumyeyo barabuze uko bahunga! Abakirisu bari bagamburutse ubuyobozi Yezu yatanze bagahungira mu misozi, bararokotse. Bariboneye ko Yehova azi kurokora abasavyi biwe. Ni icigwa ikihe twokwigira kuri iyo nkuru?

16 Mu gihe ca ya makuba akomeye, abakirisu bazokenera gukurikiza ubuyobozi buvuye mw’Ijambo ry’Imana no kw’ishirahamwe ryayo. Nk’akarorero, itegeko Yezu yatanze ryo “[gutangura] guhungira mu misozi” rirerekeye n’igihe ca none. Ntituramenya ingene tuzohunga.b Ariko rero, turashobora kwemera tudakeka ko Yehova azotomora insobanuro y’ubwo buyobozi igihe hazoba hageze ko tubukurikiza. Kubera yuko ukurokoka kwacu tuzogukesha ukugamburuka, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Nakira gute ubuyobozi Yehova aha abasavyi biwe muri iki gihe? Noba nca ndabugamburuka canke mbanza kugonanwa?’​—Yak. 3:17.

TURAKOMEZWA KU BW’IBIRARIRIYE GUSHIKA

17. Ubuhanuzi bwa Habakuki buhishura iki ku bijanye n’igitero cimirije kugabwa ku basavyi b’Imana?

17 Ubu na ho, nimuze tugaruke kuri ca gitero simusiga ca Gogi twavuga mu ntango. Mu buhanuzi bufitaniye isano n’ubwo, Habakuki yavuze ati: “Naravyumvise, mu nda yanje haradobangana; ijwi ryaravuze iminwa yanje ica iradegedwa; ububore bwaciye butangura kwinjira mu magufa yanje; nuko mpinda agashitsi muri ivyo bintu narimwo, kugira ndindire umusi w’amarushwa ntekanye, igihe [Imana i]zodugira abantu kugira [i]batere.” (Hab. 3:16) Kwumva gusa ibijanye n’igitero cimirije kugabwa ku basavyi b’Imana vyatumye uwo muhanuzi arwara mu nda, iminwa yiwe iradegedwa, inguvu ziwe na zo zirahera. Ukuntu Habakuki yumvise amerewe kurerekana yuko Gogi n’abantu biwe amasinzi nibatugabako igitero, natwe nyene dushobora kuzohagarika umutima. Yamara, uwo muhanuzi yari afise umutima ukunze wo kurindira atekanye umusi uhambaye wa Yehova, yizigiye ko Yehova yorokoye abasavyi biwe. Turashobora kugira ukwizigira nk’ukwo nyene.​—Hab. 3:18, 19.

18. (a) Ni kubera iki tudakwiye gutinya igitero cimirije? (b) Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?

18 Ubwo burorero butatu twihweje burerekana neza yuko Yehova azi kurokora abasavyi biwe. Umugambi wiwe uzoranguka ata kabuza; intsinzi ni ntakekeranywa. Ariko rero, kugira ngo tuzokwigine iyo ntsinzi ihambaye, dutegerezwa kuguma turi abizigirwa gushika kw’iherezo. Yehova adufasha gute kugumana ugutungana kwacu muri iki gihe? Tuzovyihweza mu kiganiro gikurikira.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Kigarama 2010, urupapuro rwa 30-31.

b Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 1999, urupapuro rwa 26.

[Ifoto ku rup. 24]

Ingabo za Farawo zoba zarigeze zigeramira Abisirayeli?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika