Ibirimwo
15 Ntwarante 2012
© 2012 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania. Uburenganzira bwose ni ubw’abagisohoye.
Integuro y’ukwiga
IBIGANIRO VY’UKWIGA
30 NDAMUKIZA 2012–6 RUSAMA 2012
Dufashe abantu ‘bikangure bave mw’itiro’
URUPAPURO 10 • INDIRIMBO: 65, 96
7-13 RUSAMA 2012
Nugume ubona ko ibintu vyihutirwa
URUPAPURO 15 • INDIRIMBO: 92, 47
14-20 RUSAMA 2012
URUPAPURO 20 • INDIRIMBO: 129, 134
21-27 RUSAMA 2012
URUPAPURO 25 • INDIRIMBO: 119, 17
INTUMBERO Y’IBIGANIRO VY’UKWIGA
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 1, 2 URUPAPURO 10-19
Inyigisho z’ikinyoma z’amadini zaratumye abantu amamiliyoni bahunyiza canke basinzira mu buryo bw’impwemu. Ibi biganiro bibiri biraca irya n’ino ingene twokangura abantu be n’igituma vyihutirwa ko tubigira. Vyongeye, dushobora gute kuguma tubona ko ibintu vyihutirwa, kandi kwamamaza tubona ko ibintu vyihutirwa bisobanura iki?
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 3 URUPAPURO 20-24
Intumwa Petero yanditse ko abakirisu barobanuwe bafise “icizigiro kizima.” (1 Pet. 1:3) Ni gute ivyo ari ukwo biri, kandi bifitaniye isano gute n’abagize “izindi ntama”? (Yoh. 10:16) Iki kiganiro kizogufasha kubona igituma ufise imvo yo kunezererwa icizigiro cawe no kwitegana igishika iranguka ryaco.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 4 URUPAPURO 25-29
Yezu yagabishije ati: “Mwibuke muka Loti.” (Luka 17:32) Ni kubera iki yatanze iyo ngabisho? Iki kiganiro kizodufasha kubona imice itatu twokurikizamwo iyo ngabisho. Uraraba nimba mu buzima bwawe ukeneye kuryohora umuce umwe canke irenga muri iyo.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
3 “Ubuhimbare buri iruhande y’ukuryo kwawe ibihe bidahera”
32 “Ubona wodufasha ukadufotora?”
KU GIPFUKISHO: Ivyabona bakiri bato benshi bo muri Malawi barabwiye abo bigana amakuru ashimishije kandi y’ingirakamaro yo muri ca gitabu Urwaruka ruribaza
MALAWI
ABANYAGIHUGU
13.077.160
ABAMAMAJI
79.157
IYUBAKWA RY’INGORO Z’UBWAMI
1.031 kuva mu 1998