Niwiyegereze Imana
“Jewe sinzokwibagira”
YEHOVA yoba vy’ukuri yitwararika abasavyi biwe? Nimba abitwararika vy’ukuri, abitwararika ukungana iki? Hari uburyo bumwe gusa dushobora kumenya inyishu z’ivyo bibazo: biciye ku vyo Imana ubwayo ihishura. Muri Bibiliya, Yehova arahishura neza ukuntu yiyumva. Raba amajambo dusanga muri Yesaya 49:15.
Kugira Yehova yerekane ukuntu yiyumva bimwe bigera kure ku bijanye n’abasavyi biwe, arakoresha biciye kuri Yesaya kamwe mu burorero bukora ku mutima kuruta ubundi bwose twoshobora kwiyumvira. Abanza kubaza ikibazo gituma umuntu azirikana kivuga giti: “Mbega umugore yokwibagira umwana wiwe yonka, ntiyumvire ikigongwe umwana w’inda yiwe?” Ucumva ico kibazo, womengo inyishu yaco iratomoye. Umuvyeyi yonsa yoshobora gute kwibagira umwana wiwe yonka? Uruyoya rwiwe rumuzeyeko vyose ku murango no mw’ijoro, kandi iyo rumukeneye, emwe, ntirureka kubimumenyesha! Ariko ikibazo Yehova abaza kirimwo n’ikindi kintu.
Kubera iki none umuvyeyi yonsa ikibondo ciwe, akitaho ikintu cose gikeneye? Kwoba ari ukugira ngo gusa uruyoya rwiwe rureke kurira? Haba namba. Umuvyeyi asanzwe yumvira ikigongwe “umwana w’inda yiwe.” Irivuga ry’igiheburayo ryahinduwe muri ico canditswe ngo “kwumvira ikigongwe” rishobora kandi guhindurwa ngo “kugira imbabazi.” (Kuvayo 33:19; Yesaya 54:10) Iryo jambo ry’igiheburayo rishobora gutanga iciyumviro c’impuhwe z’ikibabarwe umuntu agirira umugorwa canke uwutagira gitabara. Impuhwe umuvyeyi agirira umwana wiwe yonka ni imwe mu nyiyumvo zikomeye gusumba izindi zose dushobora kwiyumvira.
Ariko ikibabaje ni uko atari abavyeyi bose bumvira ikigongwe uruyoya ruba rwipfuza kwonka. Yehova avuga ati: “Mbere abo bagore boshobora kwibagira.” Tubaye mw’isi aho usanga abagabo benshi n’abagore benshi ari “ibihemu, batiyumvamwo ababo.” (2 Timoteyo 3:1-5) Rimwe na rimwe turumva inkuru z’abavyeyi birengagiza inzoya zabo, bakazifata nabi canke bakazita. Mu gusigura icanditswe co muri Yesaya 49:15, igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya kivuga giti: “Abavyeyi ni abanyabicumuro; urukundo rwabo usanga rimwe na rimwe rurengerwa n’ububegito. Mbere n’uwukundana kuruta abandi bose vyoshika bikamugora.”
Yehova adukura amazinda ati: “Yamara jewe sinzokwibagira.” Ubu turatanguye kubona ico ca kibazo Yehova abaza muri Yesaya 49:15 gishaka kwerekana. Hano ntariko asanisha ibintu ahubwo ariko arabihushanya. Yehova ntameze nk’abavyeyi badatunganye, bo vyoshika ntibagaragarize impuhwe uruyoya rwabo ata co rwishoboje; we ntibizokwigera bishika ngo ntagaragarize impuhwe abasavyi biwe bari n’ivyo bakeneye canke ngo yibagire kubigira. Birabereye kubona ca gitabu kivuga ku bijanye na Yesaya 49:15 giti: “Ayo ni amwe mu majambo aserura urukundo rw’Imana akomeye kuruta ayandi yose yo mw’Isezerano rya kera, kumbure akaba ari na yo ayaruta yose.”
None ntibihumuriza ga yemwe kumenya ivyerekeye “impuhwe z’ikibabarwe z’Imana yacu”? (Luka 1:78) Ubona gute urondeye kumenya ukuntu worushiriza kwiyegereza Yehova? Iyo Mana yuzuye urukundo ikura amazinda abayisenga iti: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.”—Abaheburayo 13:5.
Aho turemeshejwe gusoma muri Ruhuhuma: