ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/2 rup. 14
  • Wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Woba wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Pilato ati: “Ng’uyu wa mugabo!”
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ntukigere uba umusuma!
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • “Raba! Wa Mugabo!”
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/2 rup. 14

Wari ubizi?

Mu gihe ca Yezu, abantu boba vy’ukuri baravuza imyironge mu gihe c’amaziko?

▪ Bibiliya iravuga ko imyironge yavuzwa mu bihe vy’imisi mikuru. (1 Abami 1:40; Yesaya 5:12; 30:29) Iravuga kandi ko imyironge yavuzwa mu gihe c’amaziko. Mu bihe vy’amaziko, imyironge ni yo yonyene bivugwa ko yavuzwa. Injili ya Matayo ivuga yuko umutegetsi umwe w’Umuyuda yasavye Yezu ngo amukirize umukobwa wiwe yari ku mpfiro. Ariko Yezu ashitse mu nzu y’uwo mutegetsi “[yarabonye] abariko bavuza imyironge n’isinzi riri mu ruyogoyogo,” kuko uwo mwana yari yapfuye.​—Matayo 9:18, 23.

Ivy’uwo mugenzo Matayo yanditse vyoba ari vyo? Umuhinduzi wa Bibiliya yitwa William Barclay avuga ati: “Mu bihugu vya kera nka vyose, mu Buroma, mu Bugiriki, muri Fenisiya, muri Ashuri no muri Palestina, umuntu yumvise akajwi ko gucura intimba k’umwironge yaca abona ibijanye n’urupfu be n’ivyago.” Igitabu kivuga ivy’imigenzo y’Abayuda citwa Talimudi kivuga yuko mu binjana vya mbere G.C. (G.C. bisobanura “mu Gihe Cacu”), n’Umuyuda akenye kurusha abandi bose yaba yapfakaye yakotesha abavuza imyironge babiri be n’umugore azi gucura intimba ku bwo kuririra umugore wiwe yapfuye. Umutohozakahise wo mu kinjana ca mbere yitwa Flavius Josèphe avuga yuko mu 67 G.C., igihe amakuru yashika i Yeruzalemu y’uko Abaroma bigaruriye i Yotapata ho mu ntara ya Galilaya be n’uko abantu baho bishwe ikivunga, “benshi mu baborogeye ababo bakotesheje abavuza imyironge kugira bajanishe n’uturirimbo two gucura intimba.”

Za nkozi z’ikibi zicanywe na Yezu zari zakoze ikibi ikihe?

▪ Bibiliya yita izo nkozi z’ikibi “abambuzi.” (Matayo 27:38; Mariko 15:27) Ibitabu bimwebimwe bisobanura amajambo yo muri Bibiliya vyerekana yuko ikoresha amajambo atandukanye mu kuvuga inkozi z’ikibi zitandukanye. Ijambo ry’ikigiriki kleptes ryasobanura umusuma yakorera mu kinyegero kugira ntafatwe. Iryo jambo rirakoreshwa kuri Yuda Isikariyoti, umwe yaza aranyonora mu mpisho ku mahera yo mu gasandugu k’abigishwa. (Yohani 12:6) Ariko ijambo lestes akenshi ryakoreshwa mu kuvuga uwiba akoresheje ubukazi, mbere rigakoreshwa mu kuvuga uwuharanira amahinduka, uwugarariza ubutegetsi canke umuroberi. Abicanywe na Yezu bari muri abo. Nkako, inkuru ivuga ko umwe muri bo yavuze ati: “Turiko turonka ivyo dukwiriye vyose ku bw’ivyo twakoze.” (Luka 23:41) Ivyo bisa n’ivyerekana ko batagirwa n’icaha c’ubusuma gusa.

Baraba na we nyene Bibiliya imwita lestes nk’ukwo kw’abo bambuzi babiri. (Yohani 18:40) Nta gukeka ko uwo Baraba atari umusuma asanzwe, ivyo bikaba bibonekera muri Luka 23:19, ahavuga ko yari “yatawe mw’ibohero kubera ubugumutsi kanaka bwari bwabaye mu gisagara be no kubera ubwicanyi.”

Rero, naho za nkozi z’ikibi zicanwa na Yezu zari zakoze ubwambuzi, birashoboka kandi ko zari zagize uruhara mu bugumutsi canke mbere mu bwicanyi. Uko biri kwose, Buramatari w’Uburoma Ponsiyo Pilato yabona ko zari zikwiye kwicwa mu kumanikwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika