Turi “ingenzi” mw’isi mbi
‘Abo bose babigiranye ukwizera baratuye icese yuko bari ba kavantara n’ingenzi muri nya gihugu.’—HEB. 11:13.
1. Yezu yavuze iki ku vyerekeye impagararo abayoboke biwe bogize ku bijanye n’isi?
YEZU yavuze ku bijanye n’abigishwa biwe ati: “Bari mw’isi.” Mugabo yasiguye ati: “[Si] ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi.” (Yoh. 17:11, 14) Muri ubwo buryo, Yezu yarerekanye neza impagararo abayoboke biwe b’ukuri bagira ku bijanye n’“iki gihe,” ico Shetani abereye imana. (2 Kor. 4:4) Naho bobaye muri iyi si mbi, ntibobaye abayo. Bobaye bameze nka “ba kavamahanga n’ingenzi” muri iyi si.—1 Pet. 2:11.
Bǎbayeho ari “ingenzi”
2, 3. Ni kubera iki vyoshobora kuvugwa yuko Enoki, Nowa, Aburahamu na Sara babayeho ari “ba kavantara n’ingenzi”?
2 Kuva kera cane, abasavyi ba Yehova b’abizigirwa bamye batandukanye n’abantu bo mw’isi itibanga Imana babamwo. Imbere ya rya Segenya, Enoki na Nowa “[b]agendana n’Imana y’ukuri.” (Ita. 5:22-24; 6:9) Bompi baramamaza n’umutima rugabo ibijanye n’imanza Yehova yaciriye isi mbi ya Shetani. (Soma 2 Petero 2:5; Yuda 14, 15.) Kubera ko bagendana n’Imana mw’isi itibanga Imana, Enoki “ya[ra]himbaye Imana rwose,” Nowa na we “[yerekana] ko atagira amahinyu mu bo mu gihe ciwe.”—Heb. 11:5; Ita. 6:9.
3 Aburahamu na Sara babisabwe n’Imana, barahevye ubuzima bwo kwidibamira bwo mu gisagara i Uri h’Abakaludaya, baremera kubaho baza barimukanga mu gihugu kitari icabo. (Ita. 11:27, 28; 12:1) Intumwa Paulo yanditse ati: “Kubera ukwizera, Aburahamu, igihe yahamagarwa, yaragamburutse aragenda, aja ahantu yabwirizwa kuronka bwa ntoranwa; kandi yaragiye, naho atari azi iyo yariko araja. Kubera ukwizera, yabayeho ari kavamahanga mu gihugu yahaweko umuhango nko mu gihugu co mu mahanga, abana mu mahema na Izahaki na Yakobo, abasangiye na we kuba ba samuragwa ba nya muhango nyene.” (Heb. 11:8, 9) Paulo yavuze ku bijanye na bene abo basavyi ba Yehova b’abizigirwa, ati: “Abo bose bapfiriye mu kwizera, naho bataronse iranguka rya nya mihango, mugabo bayiboneye kure barayiha ikaze bongera baratura icese yuko bari ba kavantara n’ingenzi muri nya gihugu.”—Heb. 11:13.
Abisirayeli bagabishwa
4. Ni ingabisho iyihe Abisirayeli bahawe imbere y’uko batangura kuba mu gihugu cabo?
4 Abakomotse kuri Aburahamu ari bo Bisirayeli baragwiriye, amaherezo bagirwa ihanga rifise amategeko n’igihugu. (Ita. 48:4; Gus. 6:1) Abisirayeli babwirizwa kutigera bibagira yuko Yehova ari we vy’ukuri nyene ico gihugu. (Lew. 25:23) Bari nk’abantu bapanze inzu babwirizwa kwubahiriza ivyipfuzo vya nyeneyo. Vyongeye, babwirizwa kwibuka ko “umuntu atabeshwaho n’umukate gusa”; babwirizwa kutareka ngo ugusagamba mu vy’umubiri gutume bibagira Yehova. (Gus. 8:1-3) Imbere y’uko Abisirayeli batangura kuba mu gihugu cabo, bagabishijwe bati: “Yehova Imana yawe niyakuzana mu gihugu yarahiye ba sogokuruza bawe Aburahamu, Izahaki na Yakobo ko azokiguha, ibisagara bikomeye kandi bisa neza utubatse, n’amazu yuzuye ibintu vyiza vyose atari wewe wujuje, n’amatangi akorogoshowe utakorogoshoye, imirima y’imizabibu n’ibiti vy’imyelayo utateye, ukamara kurya ugahaga, uriyubara ntiwibagire Yehova.”—Gus. 6:10-12.
5. Ni kubera iki Yehova yataye nk’akanuka Isirayeli, kandi ni ihanga rishasha irihe yaciye atonesha?
5 Iyo ngabisho yari ifise ishingiro. Mu gihe ca Nehemiya, umugwi umwe w’Abalewi waributse n’ibimaramare n’akantu ivyashitse aho Abisirayeli bamariye kwigarurira ca Gihugu c’isezerano. Abisirayeli bamaze kwibera mu mazu mezameza kandi bakaronka ibifungurwa n’umuvinyu vyinshi cane, ‘barariye, barahaga, baradoha.’ Baragararije Imana, barica mbere n’abahanuzi yarungika ngo babagabishe. Ivyo vyatumye Yehova abareka barigarurirwa n’abansi babo. (Soma Nehemiya 9:25-27; Hos. 13:6-9) Mu nyuma, mu gihe c’intwaro y’Abaroma, abo Bayuda batagira ukwizera barashitse n’aho bica Mesiya yari yarasezeranywe! Yehova yarabataye nk’akanuka aca atonesha ihanga rishasha, ari ryo Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu.—Mat. 21:43; Ivyak. 7:51, 52; Gal. 6:16.
‘Si ab’isi’
6, 7. (a) Wosigura gute ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’impagararo abayoboke biwe bogize ku vyerekeye isi? (b) Twisunze ivyo Petero yavuze, ni kubera iki abakirisu b’ukuri babwirizwa kubandanya kutaba ab’isi?
6 Nk’uko vyerekanywe mu ntango y’iki kiganiro, Yezu Kristu we Mutwe w’ishengero rya gikirisu yaratomoye yuko abayoboke biwe bokwitandukanije n’isi mbi ya Shetani. Imbere gato y’uko Yezu apfa, yabwiye abigishwa biwe ati: “Iyo muba ab’isi, isi yokunze cane icayo. Ariko kubera ko mutari ab’isi, mugabo nkaba nabatoye mw’isi, ni co gituma isi ibanka.”—Yoh. 15:19.
7 Uko ubukirisu bwagenda burakwiragira, abakirisu boba bari kwemera isi, bagakora nk’ivyo ikora maze bakaba abayo? Uwokubesha! Aho bobaye baba hose, bobwirijwe kwitandukanya n’isi ya Shetani. Haciye nk’imyaka 30 Kristu apfuye, intumwa Petero yandikiye abakirisu baba mu mihingo itandukanye y’inganji y’Uburoma ati: “Bakundwa, ndabahimiriza nka ba kavamahanga n’ingenzi ngo mugume mwirinda ivyipfuzo vy’umubiri, ari na vyo nyene biguma birwanya ubuzima. Mugumane ingeso nziza mu mahanga.”—1 Pet. 1:1; 2:11, 12.
8. Umutohozakahise umwe yadondoye gute impagararo abakirisu bo mu ntango bagira ku bijanye n’isi?
8 Mu kwemeza yuko abakirisu bo mu ntango bifata nka “ba kavamahanga n’ingenzi” mu nganji y’Uburoma, umutohozakahise Kenneth Scott Latourette yanditse ati: “Birazwi cane yuko abakirisu bashikiwe n’uruhamo rudatezura kandi akenshi rwaba rukaze, ivyo bikaba vyabaye mu kiringo c’ibinjana bitatu kuva babayeho . . . Ibirego baregwa vyari bitandukanye. Kubera yuko abakirisu banka kuja mu birori vya gipagani, baca bitwa abahakanyi. Kubera yuko batisuka cane mu buzima bwo mu kibano, ni ukuvuga imisi mikuru ya gipagani, ivy’ukwinezereza vyakundwa na benshi, bino abakirisu bakaba barabona yuko vyuzuyemwo inyigisho n’imigenzo vy’abapagani be n’ibikorwa biranga ubuhumbu vyabo, barabatyekeza ngo baranka abantu.”
Ntibakoresha rwose isi
9. Twebwe abakirisu b’ukuri, twerekana gute ko ‘tutanka abantu’?
9 Tuvuge iki muri iki gihe? Ku bijanye n’“ivy’iki gihe kibi,” tuguma dufise impagararo nk’iyo abakirisu bo mu ntango bari bafise. (Gal. 1:4) Ivyo bituma abantu benshi badutahura ukutari kwo, bamwebamwe mbere bakatwanka. Yamara, ‘ntitwanka abantu’ na gato. Tubitumwe n’urwo dukunda abantu nkatwe, turaja ku nzu n’inzu, tugakora uko dushoboye kwose kugira ngo tubwire “inkuru nziza y’ubwami [bw’Imana]” umuntu wese tuhasanze. (Mat. 22:39; 24:14) Ivyo tubigira kubera yuko twajijutse ko intwaro y’Ubwami bwa Yehova irongowe na Kristu igiye gukuraho ubutegetsi bw’abantu b’abanyagasembwa, ibusubirize isi nshasha igororotse.—Dan. 2:44; 2 Pet. 3:13.
10, 11. (a) Dukoresha gute isi mu buryo buri n’aho bugarukira? (b) Ni uburyo bumwebumwe ubuhe abakirisu barikanuye birinda gukoresha rwose isi?
10 Turavye ukuntu iherezo ry’ivy’isi riri hafi, twebwe abasavyi ba Yehova turatahura ko iki atari co gihe co kwidibamira muri iyi si iri mu kuvaho. Turakurikiza aya majambo y’intumwa Paulo agira ati: “Iki ni co mvuga, bene wacu: igihe gisigaye ni kigufi. Kuva ubu . . . abagura babe nk’abadafise, n’abakoresha isi babe nk’abatayikoresha rwose; kuko ibintu vyo kuri iyi si biriko birahinduka.” (1 Kor. 7:29-31) Ariko none abakirisu bo muri iki gihe bakoresha gute isi? Ivyo babigira mu gukoresha ubuhinga bwa none be n’uburyo bwo guhanahana amakuru bugezweho kugira ngo bakwiragize kw’isi yose ubumenyi bwo muri Bibiliya mu ndimi amajana. Barakoresha isi mu buryo buri n’aho bugarukira kugira ngo baronke ikibabeshaho. Baragura ibintu vya nkenerwa bakongera bagatanga amahera kugira ngo bakorerwe ibikorwa bakeneye biboneka muri iyi si. Ariko rero, baririnda gukoresha rwose isi mu buryo bw’uko bagumiza amatungo n’ibikorwa vyo mw’isi mu kibanza kibereye.—Soma 1 Timoteyo 6:9, 10.
11 Abakirisu barikanuye baririnda gukoresha rwose isi mu bijanye no kwiga amashure ahanitse. Abantu benshi bo muri iyi si babona yuko kwiga amashure ahanitse ari ikintu ntahara kibafasha kuba abantu bubahitse kandi batunze mu buzima. Mugabo twebwe abakirisu tubaho turi ingenzi, kandi dukurikirana imigambi itandukanye n’ivyo. Turirinda “[kwiyumvira] ibintu bihanitse.” (Rom. 12:16; Yer. 45:5) Kubera ko turi abayoboke ba Yezu, turakurikiza ingabisho yatanze igira iti: “Mugume murikanuye kandi mwirinde ubwoko bwose bw’umwina, kuko no mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.” (Luka 12:15) Ku bw’ivyo, abakirisu bakiri bato baremeshwa gukurikirana imigambi y’ivy’impwemu, bakiga gusa amashure ashobora kubafasha kwironsa ibintu bakeneye, maze bakitwararika ivyo kwitegurira gukorera Yehova ‘n’umutima wabo wose n’ubuzima bwabo bwose n’inkomezi zabo zose n’umuzirikanyi wabo wose.’ (Luka 10:27) Babigenjeje gutyo, barashobora kuba ‘abatunzi ku Mana.’—Luka 12:21; soma Matayo 6:19-21.
Niwirinde kuremerwa n’amaganya y’ubuzima
12, 13. Kuba dukurikiza amajambo ya Yezu aboneka muri Matayo 6:31-33 bidutandukanya gute n’abantu bo mw’isi?
12 Abasavyi ba Yehova baratandukanye n’abantu bo muri iyi si ku bijanye n’ukuntu babona ibintu vy’umubiri. Ku bijanye n’ivyo, Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Ntimukigere mwiganyira ngo: ‘Tuzorya iki?’, canke ngo: ‘Tuzonywa iki?’, canke ngo: ‘Tuzokwambara iki?’ Kuko ivyo vyose ari vyo amahanga ahahamira. Kuko So wo mw’ijuru azi ko ivyo vyose mubikenera. Gume rero mubanza kurondera ubwami n’ubugororotsi bw’Imana, ivyo bindi vyose na vyo muzovyongerwa.” (Mat. 6:31-33) Benshi mu bo dusangiye kwemera bafatiye ku vyabashikiye, barabonye ko Data wa twese wo mw’ijuru abaronsa ivyo bakeneye.
13 “Kwubaha Imana gufatanije no kubūmbga n’ivy’ufise kuvamw’inyungu nyinshi.” (1 Tim. 6:6, Bibiliya Yera) Ivyo birahushanye n’ukuntu abantu bo muri iyi si babona ibintu. Nk’akarorero, igihe abakiri bato bubatse izabo, benshi muri bo bitega guca baronka ibintu vyose bipfuza: inzu canke inyubakwa irimwo ibikoresho vyose kandi bizimvye, umuduga mwiza, be n’ibikoresho vyo mu buhinga bwa none bigezweho. Ariko rero, abakirisu babaho ari ingenzi ntibipfuza ibintu bidategereka kandi badashobora kuronka. Nkako, birashimishije kubona benshi birengagiza ivyo gutekanirwa mu vy’umubiri kugira ngo barushirize gukoresha umwanya wabo n’inguvu zabo mu gikorwa ca Yehova ari abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete. Abandi baraba abatsimvyi, abanyabeteli, abacungezi b’ingenzi, canke abamisiyonari. Ese ukuntu twese dukenguruka igikorwa abasavyi ba Yehova bagenzi bacu barangura n’umutima wabo wose!
14. Ni icigwa ikihe twokura kuri wa mugani wa Yezu werekeye umubivyi?
14 Muri wa mugani wa Yezu werekeye umubivyi, yavuze yuko “amaganya y’ivy’iki gihe be n’ububasha buhendana bw’ubutunzi” bishobora kunyoha ijambo ry’Imana riri mu mitima yacu bigatuma tuba ibirumbirane. (Mat. 13:22) Kuba duhimbarwa no kubaho turi ingenzi muri iyi si biradufasha kwirinda kugwa muri uwo mutego. Biratuma kandi dushobora kuguma dufise ijisho “riremuruye,” ‘tukaritumbereza neza,’ tukaraba “ahantu hamwe” ni ukuvuga ku Bwami bw’Imana tukongera tukabugumiza mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu.—Mat. 6:22.
“Isi iriko irahita”
15. Ni amajambo ayahe intumwa Yohani yavuze agira ico akoze ku kuntu abakirisu b’ukuri babona iyi si?
15 Ikintu nyamukuru gituma twebwe abakirisu b’ukuri tubona yuko turi “ba kavamahanga n’ingenzi” muri iyi si, ni ukuba twarajijutse yuko imisi yayo iharuye. (1 Pet. 2:11; 2 Pet. 3:7) Kubona ibintu muri ubwo buryo biragira ico bikoze ku mahitamwo tugira mu buzima, ku vyo twipfuza no ku migambi twishingira. Intumwa Yohani yahanuye abo basangiye ukwemera kudakunda isi canke ibiri muri yo kubera ko “isi iriko irahita, n’icipfuzo cayo [kukaba ari] ukwo, mugabo uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.”—1 Yoh. 2:15-17.
16. Twokwerekana gute yuko twarobanuwe ngo tube igisata gitandukanye n’ibindi?
16 Abisirayeli babwiwe yuko baramutse bagamburukiye Yehova, bocitse “inyegu [yiwe] idasanzwe mu bindi bisata vyose.” (Kuv. 19:5) Igihe Abisirayeli baba babaye abizigirwa, baratandukana n’ayandi mahanga mu bijanye no gusenga be no mu kuntu babayeho. No muri iki gihe nyene, Yehova yarirobanuriye igisata gitandukanye bimwe biboneka n’isi ya Shetani. Tubwirwa “kwikunkumura ukutibanga Imana n’ivyipfuzo vy’isi no kubaho dufise ukurorana kw’umuzirikanyi n’ubugororotsi n’ukwihebera Imana muri iki gihe, mu gihe turindiriye ca cizigiro c’ubuhirwe n’ukwigaragaza kuninahaye kwa ya Mana ikomeye n’ukw’Umukiza wacu Kristu Yezu, uwitanze ku bwacu kugira aturokore mu bugarariji bw’uburyo bwose yongere yihumanurire igisata yiharije, kigirira umwete ibikorwa vyiza.” (Tito 2:11-14) Ico “gisata” kigizwe n’abakirisu barobanuwe hamwe n’“izindi ntama” za Yezu amamiliyoni zibafata mu mugongo.—Yoh. 10:16.
17. Ni kubera iki abarobanuwe hamwe na bagenzi babo batazokwigera bicuza kuba barabayeho ari ingenzi muri iyi si mbi?
17 “Icizigiro c’ubuhirwe” abarobanuwe bafise ni ico gufatanya na Kristu kuganza mw’ijuru. (Ivyah. 5:10) Icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera nicaranguka ku bijanye n’abo mu zindi ntama, ntibazosubira kuba ingenzi mw’isi mbi. Bazoba bafise amazu mezameza hamwe n’ibifungurwa be n’ibinyobwa vyinshi cane. (Zab. 37:10, 11; Yes. 25:6; 65:21, 22) Ntibazomera nk’Abisirayeli kuko batazokwigera bibagira ko ivyo vyose biva kuri Yehova, we “Mana y’isi yose.” (Yes. 54:5) Baba abarobanuwe canke abo mu zindi ntama ntibazokwicuza kuba barabayeho ari ingenzi muri iyi si mbi.
Wokwishura gute?
• Ni mu buryo ki abantu b’abizigirwa ba kera babayeho ari ingenzi?
• Abakirisu bo mu ntango babona gute ibijanye n’isi?
• Abakirisu b’ukuri bakoresha gute isi mu buryo buri n’aho bugaru- kira?
• Ni kubera iki tutazokwigera twicuza kuba twarabayeho turi ingenzi muri iyi si mbi?
[Ifoto ku rup. 18]
Abakirisu bo mu ntango baririnda ukwinezereza kurimwo ubukazi n’ubuhumbu