Ibirimwo
15 Munyonyo 2011
Integuro y’ukwiga
IBIGANIRO VY’UKWIGA MU NDWI ZO KU WA:
26 Kigarama 2011–1 Nzero 2012
“Ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite”
URUPAPURO 6
2-8 Nzero 2012
Nimba wipfuza ubuzima n’amahoro, nugende wisunga impwemu
URUPAPURO 10
9-15 Nzero 2012
URUPAPURO 16
16-22 Nzero 2012
Dufashe abagabo batere imbere mu vy’impwemu
URUPAPURO 24
23-29 Nzero 2012
Tumenyereze abandi kugira bakwize ibisabwa
URUPAPURO 28
Intumbero y’ibiganiro vy’ukwiga
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 1 URUPAPURO 6-10
Woba uriko urungukira bimwe bishitse ku ntunganyo Imana yashizeho ijanye n’isengesho? Uzomenya ukuntu isengesho rishobora kugufasha igihe uri mu bihe bitoroshe, igihe urondera gufata ingingo zihambaye canke igihe uriko uranyinyana n’ibigeragezo.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 2 URUPAPURO 10-14
Intumwa Paulo yarabwiye abakirisu b’i Roma ivyo bakwiye gushirako imizirikanyi yabo kugira ngo baronke ubuzima n’amahoro. Uzomenya ukuntu wokwungukira ku mpanuro yabahaye.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 3 URUPAPURO 16-20
Nk’uko vyerekanwa muri iki kiganiro, abagabo b’abizigirwa ba kera babaho ari “ingenzi.” Ukwo nyene ni ko vyari biri no ku bayoboke ba Yezu bo mu ntango. Ariko none tuvuge iki ku bijanye n’abakirisu b’ukuri bo muri iki gihe? Uzomenya ico bisobanura kubaho uri ingenzi muri iyi si mbi.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 4, 5 URUPAPURO 24-32
Harakenewe abagabo baja imbere abandi mu vy’impwemu. Yezu yarafashije abagabo benshi kwemera inkuru nziza hanyuma barakwiza ibisabwa vyatumye baterwa uduteka tw’umurimo. Nitwiga uburyo yakoresha, tuzomenya ukuntu twofasha abagabo duhura mu busuku be n’ukuntu twofasha abagabo babatijwe bo mw’ishengero gukwiza ibisabwa vyotuma bashingwa amabanga mw’ishirahamwe rya Yehova.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
3 Yehu ashigikira ugusenga gutyoroye
15 “Ndi ikimuga ubu, mugabo ntibizokwama gutyo!”
22 Woba uhimbarwa n’“agateka ko gutanga n’umutima ukunze”?