Ibirimwo
15 Nyakanga 2011
Integuro y’ukwiga
IBIGANIRO VY’UKWIGA MU NDWI ZO KU WA:
24-30 Gitugutu 2011
URUPAPURO 7
31 Gitugutu 2011–6 Munyonyo 2011
Woba ureka Yehova akakubera umuturi?
URUPAPURO 11
7-13 Munyonyo 2011
Niwiruke muri rya siganwa wihanganye
URUPAPURO 16
14-20 Munyonyo 2011
“Nimwiruke ku buryo mugashikira”
URUPAPURO 20
21-27 Munyonyo 2011
URUPAPURO 25
Intumbero y’ibiganiro vy’ukwiga
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 1, 2 URUPAPURO 7-15
Yehova yashaka kuvuga iki igihe yabwira Abalewi ngo: “Ni jewe muturi wawe”? (Guh. 18:20) Abalewi boba ari bo bonyene bari baratewe ako gateka? Yehova yoba ashobora kutubera umuturi muri iki gihe? Nimba bishoboka, ni mu buryo nyabaki? Ibi biganiro vy’ukwiga bibiri bizokwerekana ukuntu Yehova ashobora kubera umuntu umuturi.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 3, 4 URUPAPURO 16-24
Ibi biganiro bizodufasha kubona ingene dushobora gutahukana agashimwe k’ubuzima budahera mw’isiganwa turimwo. Ni igiki codushigikira kikongera kikaturemesha? Ni intambamyi izihe be n’ibintu bitwizingirako ibihe dukwiye kwirinda? Ni ibiki bizodufasha gutera tuja imbere gushika kw’iherezo?
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 5 URUPAPURO 25-29
Yehova arazi abasavyi biwe b’abizigirwa kandi arabashima. Ni kamere izihe zodufasha kuguma tuboneka muri ubwo buryo budasanzwe imbere ya Yehova? Iki kiganiro kizofasha umwe wese muri twebwe kwisuzuma.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
3 Gusoma Bibiliya vyarambereye isôko ry’inkomezi mu buzima bwanje bwose
30 Woba ushobora kwigana Finehasi igihe ushikiwe n’ibintu bitoroshe?