ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/8 rup. 17
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bwoba bwemeza ko Yezu yari we Mesiya?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • “Twabonye Mesiya”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Kumenyesha imbere y’igihe ivyerekeye Mesiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Mesiya! ni we Imana ikoresha kugira ngo iturokore
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/8 rup. 17

Ibibazo vy’abasomyi

Twoba dushobora kumenya igitigiri nyezina c’ubuhanuzi bwerekeye Mesiya buri mu Vyanditswe vy’igiheburayo?

Gutohoza mu buryo bwitondewe Ivyanditswe vy’igiheburayo biradufasha kumenya ubuhanuzi bwinshi cane bwarangukiye kuri Yezu Kristu. Ubwo buhanuzi bwari bwaravuze ido n’ido amamuko ya Mesiya, igihe yoserukiyeko, ivyo yokoze, ukuntu yofashwe be n’ikibanza afise mu ndinganizo y’Imana. Bwose hamwe buradufasha kumenya ko Yezu ari we Mesiya. Ariko rero, turakeneye kwiyubara mu gihe turondera kumenya igitigiri nyezina c’ubuhanuzi bwerekeye Mesiya buri mu Vyanditswe vy’igiheburayo.

Abantu bose ntibavuga rumwe ku bijanye n’ubuhanuzi bwerekeye Mesiya. Uwitwa Alfred Edersheim, mu gitabu ciwe (The Life and Times of Jesus the Messiah) yavuze yuko inyandiko z’abarabi zari zarerekanye imirongo 456 yo mu Vyanditswe vy’igiheburayo ivuga ivyerekeye Mesiya, naho myinshi muri yo itavuga Mesiya mu buryo budomako. Umuntu yihweje yitonze iyo mirongo 456 biratuma yibaza nimba imwimwe muri yo ari ubuhanuzi bwerekeye Yezu Kristu. Nk’akarorero, Edersheim yavuze ko Abayuda babona yuko ibivugwa mw’⁠Itanguriro 8:11 vyerekeza kuri Mesiya. Bemera yuko rya “babi ry’umwelayo, rimwe ryazanwa n’inuma, yari irikuye ku Musozi wa Mesiya.” Uwo mwanditsi yaragize ico avuze kandi kuri Kuvayo 12:42. Mu gusigura ukuntu Abayuda batahura nabi ico canditswe, yanditse ati: “Nka kurya Musa yavuye mu bugararwa, ni ko na Mesiya yovuye i Roma.” Nta gukeka ko incabwenge nyinshi be n’abandi basanze bigoye kwerekeza kuri Yezu Kristu ivyo vyanditswe bibiri n’izo nsiguro zirimwo amakosa.

Mbere n’igihe twibanze ku buhanuzi bwarangukiye vy’ukuri kuri Yezu Kristu, biratugora kuvuga rumwe ku gitigiri cabwo. Nk’akarorero, rimbura ibivugwa muri Yesaya ikigabane ca 53, kino kikaba kirimwo ibintu bijanye n’ubuhanuzi bitari bike vyerekeye Mesiya. Muri Yesaya 53:2-7 hashikirijwe ubuhanuzi bugira buti: “Nta shusho y’agakomeye agira . . . Yarasuzugurwa kandi akinubwa n’abantu . . . Indwara zacu ubwiwe yaraziremetse . . . Yaracumitwa azira ukugabitanya kwacu . . . Yazanwa nk’intama igiye gukererwa.” Ico gice cose co muri Yesaya ikigabane ca 53, coba gikwiye kubonwa ko ari ubuhanuzi bumwe bwerekeye Mesiya, canke kimwekimwe cose muri ivyo bintu vyoranze Mesiya gikwiye kubonwa ko ari ubuhanuzi?

Rimbura kandi ibivugwa muri Yesaya 11:1, ahagira hati: “Agashami kazoshamika ata kabuza ku gishitsi ca Yese; kandi mu mizi yiwe hazova umunago urondoka.” Ubwo buhanuzi buraboneka kandi ku murongo wa 10 muri ayo majambo nyene. Twoba none dukwiye kubona ko iyo mirongo ibiri ari ubuhanuzi bubiri butandukanye canke ko ari ubuhanuzi bumwe bwasubiwemwo? Ivyiyumviro twoba twashitseko ku bijanye na Yesaya ikigabane ca 53 be n’ikigabane ca 11, nta gukeka ko vyotuma igitigiri c’ubuhanuzi bwerekeye Mesiya congerekana canke kigabanuka.

Vyoba vyiza rero twirinze kuvuga tudomako igitigiri c’ubuhanuzi bwerekeye Mesiya buri mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Ishirahamwe rya Yehova ryarasohoye ibisohokayandikiro birimwo intonde zerekana ubuhanuzi bwinshi cane bujanye na Yezu be n’ukuntu bwarangutse.a Izo ntonde zirashobora kudufasha no kuturemesha igihe turiko turiyigisha, igihe c’inyigisho y’umuryango be n’igihe tubwira abandi inkuru nziza. Vyongeye, ubuhanuzi bwinshi bwerekeye Mesiya, uko bwoba bungana kwose, buratuma tujijuka yuko Yezu ari Kristu, ni ukuvuga Mesiya.

[Akajambo k’epfo]

a Étude perspicace des Écritures, Igitabu ca 1, urupapuro rwa 1211; Igitabu ca 2, urupapuro rwa 272; “Toute Écriture est inspirée de Dieu et utile,” urupapuro rwa 343-344; Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? urupapuro rwa 200.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika