‘Nutume inzira yawe iroranirwa’—Wobigenza gute?
“KURORANIRWA” ni ijambo rikwegera! Bamwe baradugijwe igiti mu kazi maze bararoranirwa bimwe bikomeye mu kuba abatunzi no mu kuba ba rurangiranwa. Abandi baripfuje kuroranirwa mugabo bataha zirayoye.
Ukuroranirwa kuvana ahanini n’ico ushira imbere mu buzima bwawe. Ibindi bintu bibiri bihambaye biri mu bituma uroranirwa, ni ukuntu ukoresha umwanya n’inguvu vyawe hamwe no kuba uri umuntu yibwiriza.
Abakirisu benshi basanze kugira uruhara bimwe bishitse mu busuku vyaratumye bashira akanyota cane. Kwishingira umugambi wo gukora umurimo w’igihe cose vyarafashije abato n’abakuze kuroranirwa. Yamara, bamwebamwe boshobora kubona yuko hari ukuntu ubusuku bubarambira maze bakabushira mu kibanza ca kabiri mu buzima bwabo igihe bakurikirana iyindi migambi. Ni igiki coshobora gutuma ico kintu gishika? Wokora iki kugira ngo wirinde kuba utakibona igihambaye vy’ukuri ico ari co? Kandi ushobora gute “[gu]tuma inzira yawe iroranirwa”?—Yos. 1:8.
Ibikorwa be n’ivyo kwisamaza bigirwa inyuma y’ivyigwa
Abakirisu bakiri bato barakeneye kugira uburimbane hagati yo gukorera Imana y’ukuri no kugira uruhara mu bindi bikorwa. Ababigenza gutyo baba bariko baragana ku kuroranirwa mu buzima kandi barakwiye gukezwa cane.
Ariko rero, abakirisu bakiri bato bamwebamwe baratwarwa cane n’ibikorwa be n’ivyo kwisamaza bigirwa inyuma y’ivyigwa. Ibikorwa nk’ivyo vyoshobora kuba ubwavyo atari bibi. Ariko rero, abakirisu bakiri bato barakwiye kwibaza bati: ‘Ivyo bikorwa vyontwara umwanya ungana gute? Bite ho ku bijanye n’abo twifatanya? Ni ingeso izihe zoshobora kunyandukira igihe ndiko ndakora ivyo bikorwa? Kandi ni igiki nohava nsanga nshize imbere mu buzima bwanje?’ Ushobora kuba utahura yuko umuntu yoshobora gutwarwa rwose na mwene ivyo bikorwa ku buryo asigarana umwanya muto canke inguvu nkeyi bimufasha kuguma yitwararika ubucuti afitaniye n’Imana. Uca ubona rero igituma gushinga ibikwiye kuja imbere y’ibindi ari ikintu gihambaye.—Ef. 5:15-17.
Rimbura ivyashikiye Wiktor.a Yigana ati: “Igihe nari mfise imyaka 12, naragiye mu mugwi w’urukino rw’umupira w’amaboko rwitwa volleyball. Mu nyuma, naratsindiye udushimwe twinshi nongera ndashimwa cane. Nari mfise akaryo ko kuba rurangiranwa.” Mu nyuma, Wiktor yarahagaritswe umutima n’ukuntu ivyo gukurikirana urwo rukino vyariko biragira inkurikizi kuri kamere yiwe y’ivy’impwemu. Umusi umwe, yarisinziriyeko igihe yariko aragerageza gusoma Bibiliya. Vyongeye, yaratahuye ko atari akironka umunezero mwinshi mu busuku bwo mu ndimiro. Avuga ati: “Urwo rukino rwarantwara inguvu nyinshi, kandi sinatevye kubona yuko rwariko ruratuma ntakaza umwete nari mfise mu vy’impwemu. Nari nzi yuko ntariko ndakora ivyo nshoboye vyose.”
Amashure ahanitse
Umukirisu arafise ibanga ashingwa n’Ivyanditswe ryo kubungabunga umuryango wiwe, kandi ivyo birimwo kuwuronsa ivyo ukeneye mu vy’umubiri. (1 Tim. 5:8) Naho ari ukwo, ivyo none vyoba bisaba ko umuntu yiga amashure ahanitse?
Vyoba vyiza umuntu arimbuye ingaruka ivyo gukurikirana amashure ahanitse bishobora kugira ku bucuti afitaniye na Yehova. Nimuze tubitangire akarorero mu kwihweza umuntu avugwa mu Vyanditswe.
Baruki yari umunyamabanga w’umuhanuzi Yeremiya. Igihe kimwe, aho gushira umutima ku duteka yari yaratewe mu bijanye no gukorera Yehova, Baruki yarahahamiye itunga n’ubukuru. Yehova yarabibonye maze abicishije kuri Yeremiya amugabisha ati: “Uguma wironderera ibintu bihambaye. Ntugume ubirondera.”—Yer. 45:5.
None ivyo “bintu bihambaye” Baruki yaguma arondera vyari ibiki? Ashobora kuba yaragize agatima ko kurondera kuba rurangiranwa mu vy’Abayuda. Canke ivyo bintu bihambaye bishobora kuba vyari ugutera imbere mu vy’umubiri. Vyaba vyari ibiki, ntiyari akibona ibintu birushirije kuba ibihambaye ivyo ari vyo, ivyo na vyo bikaba vyari ivy’impwemu. (Flp. 1:10) Ariko rero, biragaragara ko Baruki yumvirije ingabisho Yehova yari yamuhaye abicishije kuri Yeremiya gutyo bituma anyaga amagara yiwe.—Yer. 43:6.
Ni igiki twokwigira kuri iyo nkuru? Impanuro Baruki yahawe irerekana yuko hariho ikitagenda neza. Yariko arironderera ibintu bihambaye. Nimba ufise uburyo bwo kwitunga, vyoba vy’ukuri bikenewe yuko ukoresha umwanya n’amahera be n’utwigoro mu kwiga ayandi mashure kugira gusa ngo ushike ku vyo wipfuza canke ku vyo abavyeyi bawe kibure izindi ncuti bipfuza?
Rimbura ivyerekeye Grzegorz, uno akaba akora igikorwa co gushira amaporogarama muri orodinateri. Ajijuwe n’abo bakorana, yaremeye gukurikirana ivyigwa vy’urutavanako kugira ngo aronke ukundi kumenyerezwa kudasanzwe. Budakeye na kabiri ntiyari akironka umwanya wo kwitwararika ivy’impwemu. Avuga ivyo yibuka ati: “Nama mpagaritse umutima. Ijwi ryanje ryo mu mutima ryarambuza amahoro kubera yuko ntashobora gushika ku migambi yo mu vy’impwemu nari narishingiye.”
Gutwarwa cane n’akazi
Ijambo ry’Imana riremesha abakirisu b’ukuri gukora cane no kuba abakozi be n’abakoresha bitwararika ibintu. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ico mukora cose, mugikore ata kwiziganya, nk’abakorera Yehova, atari nk’abakorera abantu.” (Kol. 3:22, 23) Ariko rero, naho gukora cane ari ikintu co gushimwa, hariho ikindi kintu gikenewe kuruta, ico na co akaba ari ukugiranira ubucuti bwiza n’Umuremyi wacu. (Ums. 12:13) Mu gihe umukirisu atwawe cane n’akazi, yoshobora bitagoranye gushira ivy’impwemu mu kibanza ca kabiri.
Hamwe umukirisu yotwarwa cane n’akazi vyoshobora gutuma ataronka inguvu akeneye kugira ngo we ubwiwe agume afise uburimbane mu vy’impwemu yongere afashe umuryango wiwe. Umwami Salomo yavuze yuko “amashi abiri y’igikorwa c’ubutame” akenshi usanga ari kumwe n’“ukwiyahagura ukurikira umuyaga.” Mu gihe umukirisu yitwararika akazi mu buryo burenze urugero, arashobora gusanga agize amaganya akomeye adahera. Umuntu nk’uwo arashobora mbere kuba umuja w’akazi gushika n’aho asigara yumva yasanzaye. Mu gihe ibintu vyifashe gutyo, yoba vy’ukuri ashobora “kunezerwa . . . [akongera] akabona iciza ku bw’igikorwa ciwe cose c’ubutame”? (Ums. 3:12, 13; 4:6) N’igihambaye kuruta, yoba yosigarana inguvu zo ku mubiri no mu mutima zihagije kugira ngo arangure amabanga ajejwe mu muryango yongere agire uruhara mu bikorwa vyo mu vy’impwemu?
Uwitwa Janusz, uno akaba aba mu Buraya bwo mu buseruko, yaratwawe n’igikorwa yakora co kubungabunga ubusitani. Avuga ivyo yibuka ati: “Abantu bo mw’isi barankunda rwose kubera yuko nari umuntu yibwiriza cane kandi arangiza igikorwa cose ashinzwe. Mugabo kamere yanje y’ivy’impwemu yarahaboneye, kandi nararetse kugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro. Bidatevye narahagaritse kwitaba amakoraniro. Narabaye umunyabwibone cane ku buryo nakengera impanuro mpawe n’abakurambere maze sinaba ncifatanya n’ishengero.”
Urashobora gutuma ubuzima bwawe buroranirwa
Twarimbuye ibintu bitatu umukirisu yoshobora gusanga yitwararitse birenze urugero ku buryo yirengagiza kamere yiwe y’ivy’impwemu. Hoba hari na kimwe muri vyo witwararika birenze urugero? Nimba kihari, ibibazo, ivyanditswe be n’amajambo bikurikira vyoshobora kugufasha kumenya nimba vy’ukuri uri mu nzira ishikana ku kuroranirwa.
Ibikorwa be n’ivyo kwisamaza bigirwa inyuma y’ivyigwa: Ivyo bikorwa uvyitwararika ku rugero rungana iki? Vyoba bigutwara umwanya wahora ukoresha mu kwitwararika ivy’impwemu? Woba ubona yuko kwifatanya n’abo musangiye ukwemera bitakigushimisha? Nimba ari ukwo biri, ubona gute wiganye Umwami Dawidi, we yatakambiye Yehova ati: “Numenyeshe inzira nkwiye kugenderamwo.”—Zab. 143:8.
Hari umucungezi w’umuzunguruko yafashije Wiktor, umwe twavuga mu ntango. Uwo mucungezi yamubwiye ati: “Wewe uravugana igishika cinshi ibijanye n’umwuga wawe wo gukina urukino rw’umupira w’amaboko (volleyball).” Wiktor avuga ati: “Ivyo vyaciye binkangura. Narabonye yuko nari nararengeje urugero cane. Bidatevye, nararetse kwifatanya n’abagenzi bo mw’isi bo muri uwo mugwi maze ndarondera abagenzi mw’ishengero.” Muri iki gihe, Wiktor akorera Yehova n’umwete mw’ishengero arimwo. Atugira inama ati: “Nubaze abagenzi bawe, abavyeyi bawe, canke abakurambere b’ishengero nimba babona ko ibikorwa bijanye n’ishure ukora bituma urushiriza kwiyegereza Yehova canke uja kure yiwe.”
Ubona gute ubwiye abakurambere b’ishengero urimwo yuko wipfuza gukwiza ibisabwa kugira ngo uterwe utundi duteka mu murimo urangurira Imana? Woba ushobora gushigikira abageze mu zabukuru bakeneye umuntu abaguma hafi canke abasahiriza, kumbure akabafasha gusuma utuntu canke gukora udukorwa two mu rugo? Imyaka iyo ari yo yose woba ufise, woshobora kugira uruhara mu busuku bw’igihe cose, ukabwira abandi ikintu gituma ugira umunezero.
Amashure ahanitse: Yezu yaragabishije ku bijanye no ‘kurondera ubuninahazwa bwawe bwite.’ (Yoh. 7:18) Amashure uhitamwo kwiga uko yoba angana kwose, woba “[wariyemeje] neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo”?—Flp. 1:9, 10.
Grzegorz, umwe akora igikorwa co gushira amaporogarama muri orodinateri, yaragize ivyo ahinduye mu buzima bwiwe. Yavuze ati: “Kubera yuko nafatanye uburemere impanuro abakurambere bampaye, naroroheje ubuzima bwanje. Naratahuye yuko ntari nkeneye kwiga ayandi mashure. Ivyo ntivyari kuntwara gusa umwanya n’inguvu.” Grzegorz yararushirije kwitwararika ibikorwa vy’ishengero. Mu nyuma, yararonse urupapuro rw’umutsindo muri rya Shure rimenyereza abasuku, ubu rikaba risigaye ryitwa Ishure ry’ivya Bibiliya rigenewe abavukanyi batubatse. Egome, ‘yaricunguriye umwanya’ wo kurushiriza kwironsa inyigisho iva ku Mana.—Ef. 5:16.
Akazi: Woba utwarwa cane n’akazi ku buryo uriko urirengagiza ivy’impwemu? Woba ufata umwanya ukwiye wo kuyaga n’umuryango wawe? Vyongeye, woba uriko uraryohora ibiganiro ushingwa gushikiriza mw’ishengero? Bite hoho ku bijanye no kugiranira n’abandi ibiyago vyubaka? “Tinya Imana y’ukuri kandi ugumye amabwirizwa yayo,” ni ho Yehova azoguhezagira cane ‘ukabona iciza kubera igikorwa cawe c’ubutame.’—Ums. 2:24; 12:13.
Janusz, umwe twavuga mu ntango, ntiyaroraniwe cane muri ca gikorwa yakora co kubungabunga ubusitani; ahubwo nyabuna, yarahomvye. Amaze kubona ko ata co yinjiza be n’uko afise amadeni menshi, yarituye Yehova. Janusz yaratunganije ivyiwe ubu akaba ari umutsimvyi asanzwe n’umukurambere w’ishengero. Avuga ati: “Iyo nemeye kubumbwa n’ibintu vya nkenerwa, muri ico gihe nyene nkitanga mu bikorwa vy’impwemu, ndagira amahoro yo mu muzirikanyi n’umutima utekanye.”—Flp. 4:6, 7.
Nufate akanya usuzume ata buryarya imvo zituma ukora ibintu be n’ivyo ushira imbere y’ibindi. Gukorera Yehova ni ingendo ishobora gutuma uroranirwa mu buzima bwawe bwose. Nubigire co kintu ushingirako ubuzima bwawe.
Vyoshobora kuba ngombwa ko ugira ivyo uhinduye, mbere ukareka ibintu bidakenewe kugira ngo wiyemeze neza “ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.” (Rom. 12:2) Mugabo urashobora “[gu]tuma inzira yawe iroranirwa” mu gukorera Imana n’ubuzima bwawe bwose.
[Akajambo k’epfo]
a Bamwebamwe si ko bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 31]
Ushobora gute gutuma inzira yawe iroranirwa?
Ko hariho ibintu vyinshi cane bishobora kugusamaza, wokora iki kugira ngo ntuhave usanga utakibona ibintu bihambaye vy’ukuri ivyo ari vyo? Nufate akanya usuzume imvo zituma ukora ibintu hamwe n’ivyo ushira imbere y’ibindi mu kuzirikana ibi bibazo bikurikira:
IBIKORWA VY’INYUMA Y’AMASAHA Y’IVYIGWA BE N’IVYO KWISAMAZA
▪ Ni ingeso izihe abo muri kumwe boshobora kukwandukiza igihe uri muri ivyo bikorwa?
▪ Bigutwara umwanya ungana gute?
▪ Vyoba bishobora kuba vyo bintu witwararika kuruta ibindi vyose mu buzima bwawe?
▪ Vyoba bigutwara umwanya wahora ukoresha mu kwitwararika ibintu vy’impwemu?
▪ Bite ho ku bijanye n’abo mwifatanya?
▪ Kwifatanya na bo vyoba bigushimisha kuruta kwifatanya n’abo musangiye ukwemera?
AMASHURE AHANITSE
▪ Nimba ufise uburyo bwo kwitunga, woba vy’ukuri ukeneye gukoresha umwanya, amahera, n’utwigoro mu kwiga ayandi mashure?
▪ Woba vy’ukuri ukeneye kwiga amashure ahanitse kugira ngo witunge?
▪ Ni ingaruka iyihe ivyo vyogira ku kuntu witaba amakoraniro?
▪ Woba “[wariyemeje] neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo”?
▪ Woba ukeneye kurushiriza kwizigira ubushobozi Yehova afise bwo kukuronsa ivyo ukeneye?
AKAZI
▪ Akazi uhitamwo gukora koba gatuma ‘unezerwa ukongera ukabona iciza ku bw’igikorwa cawe cose c’ubutame’?
▪ Woba usigarana inguvu zo ku mubiri no mu mutima zihagije kugira ngo urangure amabanga ujejwe mu muryango wongere ugire uruhara mu bikorwa vyo mu vy’impwemu?
▪ Woba ufata akanya gahagije ko kuganira n’umuryango wawe?
▪ Woba waratwawe cane n’akazi ku buryo ibintu vy’impwemu ubishira ku ruhande?
▪ Ako kazi koba gatuma udategura neza ibiganiro ushingwa gushikiriza?
[Ifoto ku rup. 30]
Yehova yaragabishije Baruki ku bijanye no kwironderera itunga n’ubukuru