ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/5 rup. 10
  • Ibihe vyiza birimirije!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibihe vyiza birimirije!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Niwizigire ko kazoza ari keza
    Ibindi biganiro
  • Bibiliya—Igitabu c’ubuhanuzi bw’ukuri—Igice ca 8
    Be maso!—2012
  • Ukubaho mu mahoro mw isi nsha
    Ukubaho mu mahoro mw isi nsha
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/5 rup. 10

Ibihe vyiza birimirije!

“Hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho . . . Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”​—ZABURI 37:10, 11.

WOBA woshima kubona ubwo ubuhanuzi buvuzwe aho haruguru burangutse? Nta gukeka ko wobishima. Hariho imvo zikomeye zotuma twizera yuko vuba buzoranguka.

Ibiganiro vy’imbere y’iki vyaraciye irya n’ino ubuhanuzi bumwebumwe bwo muri Bibiliya bwerekana neza ko tubayeho mu “misi ya nyuma.” (2 Timoteyo 3:1-5) Imana yarahumekeye abanditsi ba Bibiliya ngo bavuge ivyo bintu imbere y’igihe kugira ngo tugire icizigiro. (Abaroma 15:4) Iranguka ry’ubwo buhanuzi rirerekana ko ingorane turimwo zigiye kurangira.

None ni igiki kizokurikira imisi ya nyuma? Ubwami bw’Imana buzotegeka abantu bose. (Matayo 6:9, 10) Rimbura ingene Bibiliya idondora ukuntu ibintu bizoba vyifashe kw’isi muri ico gihe:

● Inzara izokurwaho. “Hazoba umukimba w’intete kw’isi; kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara.”​—Zaburi 72:16.

● Indwara zizokurwaho. “Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”​—Yesaya 33:24.

● Isi izogirwa nshasha. “Agahinga be n’akarere kagadutse bizokwigina, kandi ikiyaya c’ubugaragwa kizonezerwa, gishurike nk’ishurwe ry’izafarani.”​—Yesaya 35:1.

Ubwo ni bukeyi gusa mu buhanuzi buremesha bwo muri Bibiliya bugiye kuranguka. Ubona gute usavye Ivyabona vya Yehova ngo bakwereke igituma bemera badakeka ko hariho ibihe vyiza cane vyimirije?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika