Ibirimwo
15 Ndamukiza 2011
Integuro y’ukwiga
IBIGANIRO VY’UKWIGA MU NDWI ZO KU WA:
30 Rusama 2011–5 Ruheshi 2011
Nukorere Yehova ata gufyina namba
URUPAPURO 9
6-12 Ruheshi 2011
Nufate ingingo zitera iteka Imana
URUPAPURO 13
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 112, 104
13-19 Ruheshi 2011
“Icamwa c’impwemu” kiraninahaza Imana
URUPAPURO 18
20-26 Ruheshi 2011
Woba ureka impwemu y’Imana ikakuyobora?
URUPAPURO 23
Intumbero y’ibiganiro vy’ukwiga
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 1 URUPAPURO 9-13
Mw’isi iremesha agatima ko kutitwararika ibintu, abakirisu barakwiye kubona ibijanye n’ubuzima mu buryo butarimwo ugufyina. Ivyo birahambaye canecane mu bijanye n’ugusenga Yehova kwacu. Iki kiganiro kizodufasha kubona mu buryo buri ku burimbane kandi bushingiye ku Vyanditswe ukuntu dukwiye kuba abantu badafyina ku bijanye n’amabanga ya gikirisu tujejwe.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 2 URUPAPURO 13-17
Abantu benshi babona yuko gufata ingingo ari ikintu kigoye. Iki kiganiro kizodufasha gusuzuma igituma bihambaye ko twiga gufata ingingo nziza. Vyongeye, kizoca irya n’ino ibintu ngirakamaro twokora kugira ngo twiyemeze neza yuko ingingo dufata zitera iteka Imana.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 3, 4 URUPAPURO 18-27
“Icamwa c’impwemu” ni iki? Twogitsimbataza gute? Kandi ni kubera iki dukwiye kugitsimbataza? Uzoronka inyishu z’ivyo bibazo igihe tuzoba turiko turaca irya n’ino imice icenda y’icamwa c’impwemu. Ibi biganiro birimwo kandi inama ngirakamaro zizofasha benshi.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI
3 Woba ubona ikimenyamenya c’uko Imana iriko iratanga ubuyobozi?
6 Ingene woguma ugororotse mw’isi itagororotse
29 Nararonse ibintu vyiza vyinshi