Ikete rivuye muri Megizike
“Yehova yoba adukunda naho turi Abahindi?”
UMUGABO avuga ikinyawodamu (O’dam) yitwa Melesio, rimwe na rimwe yahora ava mu misozi akamanuka kurondera akazi. Yaritaba amakoraniro ya gikirisu agaca asubira inyuma ashiriye abantu b’iwabo ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Yarasaba ko hogira umuntu abagendera akabigisha vyinshi ku vyerekeye Bibiliya.
Abawodamu ni ubwoko bw’abantu baba ukwa bonyene hejuru ku misozi yitwa Sierra iri hagati muri Megizike amaja mu buraruko, ishengero ry’Ivyabona vya Yehova riri hafi yabo rikaba riri nko ku bilometero 240. Abatari bake muri twebwe barafashe ingingo yo kuja kubagendera.
Twararonse ikamyoneti, amahema, n’ibisaho vyo kuryamako, turatekera ibifungurwa n’igitoro bikwiye twokoresha mu misi itatu, maze turafata urugendo tuvuye mu gisagara ca Durango. Twahagurutse isaha cumi z’ijoro, tumara amasaha umunani turi muri iyo kamyoneti tuduga mw’ibarabara ry’ibivu rica ku musozi, turaduga gushika aho riherera. Aho ni ho akarere k’Abawodamu katangurira. Imbere yacu hari umwonga ushika epfo rwose hamwe n’uwundi musozi.
Twasize ya kamyoneti mu kagwati kari ukwa konyene (ranchito), duca tumara ayandi masaha atatu tugenda n’amaguru, tumanuka epfo muri wa mwonga tujanye ibikoresho vyacu. Twaciye dukambika ng’aho, turegeranya inkwi zihagije kugira ducane umucanwa mwinshi wo kwirukana ibikoko vyo mw’ishamba, maze tuza turaryama amasaha atatatatu dukurakuranwa kugira ngo wa mucanwa ntuzime.
Bukeye mu gatondo ka kare, twaciye dutangura kuduga wa musozi. Hari utuyira twinshi ku buryo twazimiye akatari gake. Umwe muri twebwe yaravuga ikinyawodamu gikeyi, tukaba rero twarashoboye kuyaga gatoyi n’abantu baba mu mihana yari ku nzira ibijanye na Bibiliya. Twaratangaye igihe abantu batangura kutubwira ko i Los Arenales, ari na ho twariko turaja, hariyo abantu bavuga ko ari Ivyabona vya Yehova kandi ko bagira amakoraniro ashingiye kuri Bibiliya. Iyo yari inkuru itangaje ariko iremesha.
Twashitse i Los Arenales twaturitse amabavu mu birenge. Ako karere karimwo amazu asabagiye yubakishijwe amatafari y’ivyondo asakajwe ibikarato bigumye, akaba ata mashure canke umuyagankuba vyaharangwa. Abantu baho wasanga baba kure y’abandi, bakaba bari bakenye cane, batunzwe n’udutsima tw’ibigori tubase. Twarabonanye na Melesio, umugabo mutomuto akiri muto. Atubonye, yararengewe n’umunezero. Yaraduhaye ikaze mu nzu yiwe ibayabaye maze atubwira ko imisi yose yama asaba Yehova ko yorungika Ivyabona vyiwe ngo bigishe Bibiliya umuryango wiwe hamwe n’abandi Bawodamu bagenziwe. Yumva adashoboye kwishura ibibazo vyose bari bafise.
Abawodamu bari mw’idini ry’abashamani (chamanisme). Barakoresha ibiheko nk’amubi n’amagufa vy’inkona, bagasenga inguvu zo mu bidukikije, kandi baratinya abaherezi babo babarya babicayeko. Melesio yasiguye ko igihe yari ku ngendo aja mu gisagara yamenye ko Yehova ari we Mana y’ukuri, aca araherengeteza ibigirwamana vyose yari afise. Abantu bari biteze ko imana zabo zomuhanye, zikamwica. Igihe babona ata co abaye, baciye batahura ko Yehova akomeye kurusha imana zabo. Baciye batangura kwitaba inyigisho ya Bibiliya Melesio yayoborera umuryango wiwe akoresheje ibitabu vyacu.
Melesio yavuze ati: “Nababwiye ko bategerezwa kubanza guturira ibiheko n’ibigirwamana vyose bari bafise.” Benshi baratsinze ugutinya ibintazi, bica bituma igitigiri c’abitaba iyo nyigisho ya Bibiliya ciyongera gishika ku bantu barenga 80. Ivyo vyaradutangaje duca dufata ingingo yo kugira ikoraniro kuri uwo muhingamo nyene. Twararungitse ubutumwa ku bantu bakoranira kwa Melesio badahorereza, abo tuburungikanye baca bagenda n’amafarasi. Naho hari mu ndwi hagati kandi akaba ata mwanya munini wari usigaye, abantu 25 baraje, bamwe baza n’amaguru abandi baza ku ndogoba.
Twaragize ikiganiro c’ibibazo n’inyishu gishingiye kuri Bibiliya, Melesio akaba yaza arabasobanurira mu rurimi rwabo. Babajije ibibazo nk’ibi: “Yehova yoba adukunda naho turi Abahindi?” “Yoba yumva amasengesho aturwa mu kinyawodamu?” “Harumagedoni niyaza, Yehova yoba azotwitwararika naho tuba kure cane y’ibisagara?” Twarahimbawe no gukura amazinda abo bantu baciye bugufi dukoresheje Bibiliya, turabereka ko Yehova yitwararika abantu bitonda, naho boba bavuga ururimi uruhe canke baba ukwa bonyene. Baratwinginze ngo tuzobarungikire umuntu yobigisha n’ibindi.
Inyuma y’iryo koraniro, twarasangiye ibifungurwa twari dufise n’abo bagenzi bashasha. Bwari bumaze kwira kandi kuri iyo misozi hari hakanye cane, tukaba rero twarahimbawe igihe baduha icumba mu nzu yari ikiriko irubakwa ngo abe ari co turaramwo. Bukeye baraduherekeje turamanuka hamwe twasiga ya kamyoneti duciye mu kayira ka hafi, maze dufata urugendo dusubira i Durango, turushe ariko duhimbawe.
Mbega ukuntu kari agateka kubonana n’abo bantu b’imitima nziraburyarya, benshi muri bo bakaba batazi gusoma no kwandika canke kuvuga igisupanyoli, ariko bakaba bashaka kumenya Imana y’ukuri no kuyisenga! Inyuma y’urwo rugendo, hari Ivyabona vya Yehova batandatu bagiye kuraba abo bantu, bamarayo indwi zitatu. Barafashije mu vy’Imana abantu nka 45 bipfuza vy’ukuri gukorera Yehova. Ubu bose baritaba amakoraniro badahorereza.
Ikintu ca nyuma gishimishije mwomenya ni uko akaduka kamwe rudende kari i Los Arenales katakidandaza itabi. Ivyo ni kubera ko abantu benshi bariko bariga Bibiliya bakaba rero bose barahevye itabi. Vyongeye barandikishije imibano yabo.
[Ifoto ku rup. 24]
Melesio ari kumwe n’umukenyezi wiwe, abakobwa biwe bane na inabukwe
[Amafoto ku rup. 25]
Inyigisho ya Bibiliya n’ikoraniro rya gikirisu i Los Arenales
[Abo dukesha ifoto ku rup. 25]
Servicio Postal Mexicano, Correos de Mexico