ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/3 rup. 23
  • Woba wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Woba wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • “Umugore w’agahebuza”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • “Umugore w’agahebuza”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/3 rup. 23

Woba wari ubizi?

“Abo mu rugo kwa Sezari” barungikiye indamukanyo za gikirisu Abafilipi biciye kuri Paulo bari bande?

▪ Intumwa Paulo yandikiye ishengero ry’Abafilipi ari i Roma nko hagati y’umwaka wa 60 n’uwa 61 G.C. (G.C. bisobanura mu Gihe Cacu), uwo Sezari avugwa na we akaba yari Umwami w’abami Nero. Ariko none ni bande mu bo mu rugo kwa Nero bari kurungikira indamukanyo za gikirisu Abafilipi?​—Abafilipi 4:22.

Kwoba ari ukwihenda twiyumviriye yuko imvugo ngo “abo mu rugo kwa Sezari” itegerezwa kuba isobanura incuti za hafi z’uwo mwami w’abami. Ahubwo riho yerekeza ku bantu bose, ushizemwo abashumba n’abari basigaye ari abidegemvya, baba ab’i Roma canke abo mu zindi ntara, basukurira uwo mwami w’abami. Urwo ‘rugo rwa Sezari’ rero rushobora kuba rwarimwo abasuku ibihumbi n’ibihumbi. Baritwararika amabanga atandukanye yo guhagarikira ibikorwa canke gukora ibikorwa biciye bugufi mu birimba vy’uwo mwami w’abami, mu matongo no mu matungo yiwe. Bamwebamwe barashobora mbere kugira uruhara mu bijanye n’intwaro.

Bamwebamwe mu basuku b’uwo mwami w’abami b’i Roma biboneka ko bacitse abakirisu. Nta wuzi niba ivyo vyavuye ku gikorwa co kwamamaza Paulo yaranguriye i Roma. Uko biri kwose, biboneka ko bitwararika ishengero ry’Abafilipi bimwe bidasanzwe. Kubera ko Filipi cari igisagara catwarwa n’Abaroma kibamwo abasoda benshi bakukurutse n’abandi benshi bahoze ari abasuku bakorera umwami, birashoboka ko abakirisu bamwebamwe baho bari abagenzi b’abo Paulo yatangiye indamukanyo.

Ivy’uko umuntu acura umugore wa mwene wabo bivugwa muri rya Tegeko rya Musa vyari ibiki?

▪ Muri Isirayeli ya kera, bishitse umugabo agapfa ata kana k’agahungu asize, vyitegwa ko mwene wabo aca yubakana n’uwo mupfakazi kugira ngo haboneke uruvyaro rwo guhonora umuryango w’umuhisi. (Itanguriro 38:8) Iyo ntunganyo y’uko umuntu acura umugore wa mwene wabo, yahavuye ishirwa muri rya Tegeko rya Musa. (Gusubira mu vyagezwe 25:5, 6) Ivyo Bowazi yakoze bidondorwa mu gitabu ca Rusi birerekana ko n’izindi ncuti z’igitsina-gabo z’uwo muhisi zasabwa gushitsa iryo banga igihe ata mwene wabo n’umwe yaba akiriho.​—Rusi 1:3, 4; 2:19, 20; 4:1-6.

Kuba ivy’uko umuntu acura umugore wa mwene wabo vyaragirwa mu gihe ca Yezu birerekanwa n’uko Abasadukayo babivuze, nk’uko tubisanga muri Mariko 12:20-22. Umutohozakahise w’Umuyuda wo mu kinjana ca mbere yitwa Flavius Josèphe yavuze ko uwo mugenzo utazigama gusa izina ry’umuryango, ariko kandi ko watuma itongo ry’umuryango ritaja mu wundi muryango ukongera ugatuma ineza y’umupfakazi yitwararikwa. Umugore nta burenganzira yari afise bwo gutorana ibisigi vy’umugabo wiwe. Ariko rero, umwana yavyawe n’umugore yacuwe na muramuwe yarashobora gusigarana intoranwa nya muhisi yasize.

Rya Tegeko rya Musa ryaremera ko umuntu yanka gucura umugore wa mwene wabo. Ariko rero bishitse umuntu akanka “kwubaka urugo rwa mwene wabo,” vyabonwa nk’agaterasoni.​—Gusubira mu vyagezwe 25:7-10; Rusi 4:7, 8.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika