6 Hoba hari ico ryodufasha?
HOBA hari ico twungukira ku gutura isengesho? Bibiliya irerekana vy’ukuri yuko amasengesho y’abasavyi b’Imana b’abizigirwa agira ico abamariye koko. (Luka 22:40; Yakobo 5:13) Kukaba nkako, isengesho rirashobora kuturonsa ivyiza vyinshi mu vy’Imana, mu kuntu twiyumva, mbere no ku mubiri. Uti gute?
Dufate ko umwana wawe bamugabiye akantu. Woba womwigisha ko bihagije kwiyumvamwo gusa ko akenguruka? Canke womwigisha guserura ugukenguruka kwiwe? Guserura mu majambo inyiyumvo zihambaye biratuma zija ahabona, zikanarushiriza gukomera. Vyoba ari ko bimeze ku bijanye n’ukuyaga n’Imana? Cane rwose! Rimbura uturorero tumwetumwe.
Amasengesho y’ugushima. Igihe dushimiye Data wa twese ku vyiza turonka, tuba dushimitse ku mihezagiro twifitiye. Ivyo vyoshobora gutuma twumva turushirije gukenguruka, turushirije kuba abantu bahimbawe kandi tukarushiriza kubona ibintu mu buryo bwiza.—Abafilipi 4:6.
Akarorero: Yezu yaraseruye ko akenguruka ukuntu Se yumvise yongera arishura amasengesho yiwe.—Yohani 11:41.
Amasengesho y’ugusaba imbabazi. Igihe dusavye Imana imbabazi, biratuma dukomeza ijwi ryacu ryo mu mutima, tugatsimbataza cane agatima k’ukwigaya, tukongera tukarushiriza gutahura ukuntu icaha ari ikintu gikomeye. Turumva kandi ko turemuruwe umutwaro wo kwiyagiriza.
Akarorero: Dawidi yarasenze kugira ngo agaragaze ko yigaye kandi atuntuye.—Zaburi 51.
Amasengesho y’ugusaba ubuyobozi n’ubukerebutsi. Gusaba Yehova ngo atuyobore canke aturonse ubukerebutsi dukeneye kugira ngo dufate ingingo nziza, birashobora kudufasha kuba abantu bicisha bugufi vy’ukuri. Birashobora kutwibutsa ko ubushobozi bwacu buri n’aho bugarukira, bikanadufasha kurushiriza kwizigira Data wa twese wo mw’ijuru.—Imigani 3:5, 6.
Akarorero: Salomo yarasavye ubuyobozi n’ubukerebutsi kugira ngo ategeke neza Isirayeli.—1 Abami 3:5-12.
Amasengesho y’uguserura umubabaro. Dusutse ibiri mu mutima wacu imbere y’Imana igihe twarengewe n’umubabaro, turumva umutima wacu uruhutse maze tukizigira Yehova aho kwiyizigira ubwacu.—Zaburi 62:8.
Akarorero: Umwami Asa yarasenze igihe yari ahanganye n’umwansi ateye ubwoba.—2 Ngoma 14:11.
Amasengesho y’ugusabira abandi bari n’ivyo bakeneye. Mwene ayo masengesho aradufasha kurwanya agatima k’ubwikunzi, tugatsimbataza ikibabarwe n’impuhwe.
Akarorero: Yezu yarasabiye abayoboke biwe.—Yohani 17:9-17.
Amasengesho y’ugushemeza. Igihe dushemeza Yehova ku bw’ibikorwa vyiwe bitangaje na kamere ziwe zitangaje, turarushiriza kumwubaha no kumukengurukira. Mwene ayo masengesho arashobora kandi kudufasha kurushiriza kwiyegereza Imana yacu ikaba na Data.
Akarorero: Dawidi yarashemeje Imana abigiranye igishika kubera ivyo yaremye.—Zaburi 8.
Uwundi muhezagiro uva kw’isengesho ni “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.” (Abafilipi 4:7) Kwumva utekaniwe muri iyi si idurumbanye ni umuhezagiro w’imbonekarimwe koko. Biranatugirira akamaro ku mubiri. (Imigani 14:30) Ariko none, ivyo vyiza twoba tubironka kubera gusa utwigoro twacu bwite? Canke hoba hariho ikindi kintu gihambaye kuruta gituma tubironka?
Isengesho riratuma twironkera ivyiza vyinshi, haba ku mubiri, mu kuntu twiyumva, na canecane mu vy’Imana