ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/10 rup. 9
  • 5 Umwanya n’ikibanza, hari ico bitwaye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 5 Umwanya n’ikibanza, hari ico bitwaye?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Isengesho rirakomeza ubucuti ufitaniye n’Imana
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Yezu aratwigisha gusenga
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Kuganira n’Imana mw’isengesho
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ni kubera iki dukwiye gusenga ubudasiba?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/10 rup. 9

5 Umwanya n’ikibanza, hari ico bitwaye?

ATA gukeka uramaze kubona yuko amadini menshi yitwararika cane ivy’ukugira amazu yo gusengeramwo yubatswe mu buryo buhinyanyuye kandi bagashinga amasaha kanaka amasengesho akwiye guturirwako. None Bibiliya yoba ivuga ko dukwiye gusenga turi mu bibanza kanaka no ku masaha kanaka gusa?

Bibiliya irerekana vy’ukuri ko hariho ibihe bibereye vyo gutura isengesho. Nk’akarorero, imbere y’uko Yezu afungurira hamwe n’abayoboke biwe, yarakengurukiye Imana mw’isengesho. (Luka 22:17) Vyongeye, igihe abigishwa biwe bakoranira hamwe ku bwo gusenga, baraturiye isengesho hamwe. Gutyo, barabandanije ikintu cari caramaze igihe kigirwa mu masinagogi y’Abayuda no mu rusengero rw’i Yeruzalemu. Imana yagomba ko urwo rusengero ruba “inzu yo gusengeramwo ku mahanga yose.”​—Mariko 11:17.

Igihe abasavyi b’Imana bahuye bagasengera hamwe, intakambo zabo zirashobora kuba kirumara. Nimba uwo mugwi w’abantu uhuje inama, isengesho batura bisabira na ryo rikaba rihuje n’ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe, Imana irahimbarwa. Iryo sengesho ryoshobora mbere gutuma Imana ikora n’ivyo itari gukora. (Abaheburayo 13:18, 19) Ivyabona vya Yehova bama basenga igihe bakoraniye hamwe. Uratumiwe n’igishika cinshi kuza ku Ngoro y’Ubwami iri hafi yawe maze nawe wiyumvire mwene ayo masengesho.

Ariko rero, Bibiliya ntisaba ko amasengesho aturwa ku mwanya munaka canke mu kibanza kinaka gusa. Muri Bibiliya turasoma inkuru z’abasavyi b’Imana batari bake bariko barasenga mu bihe bitandukanye, bari mu bibanza bitandukanye. Yezu yavuze ati: “Igihe usenga, niwinjire mu cumba cawe ciherereye hanyuma umaze kwugara umuryango, usenge So ari mu mpisho; maze So araba mu mpisho azobikwishura.”​—Matayo 6:6.

None ico si ikintu gishimishije wokora? Emwe, urashobora kwiyegereza Segaba w’ijuru n’isi igihe cose, mw’ibanga ntangere, kandi ugahera amazinda yuko agutega ugutwi. Ntibitangaje rero kubona Yezu akenshi yararondera kuba ukwa wenyene kugira ngo asenge! Igihe kimwe, yarakesheje ijoro ryose asenga Imana, bikaba biboneka ko yariko arondera ubuyobozi ku bijanye n’ingingo ihambaye cane yagomba gufata.​—Luka 6:12, 13.

Hari abandi bagabo n’abagore bavugwa muri Bibiliya basenze igihe bagomba gufata ingingo ziremereye canke igihe bari bahanganye n’ingorane ziteye ubwoba. Rimwe na rimwe barasenze n’ijwi ryumvikana ikindi gihe na ho bagasenga mu gacerere; barasenze bari kumwe n’abandi canke ari bonyene. Igihambaye ni uko basenze. Imana mbere iratera akamo abasavyi bayo iti: “Musenge ubudahengeshanya.” (1 Abatesalonika 5:17) Iriteguriye gutega yompi idahengeshanya abakora ivyo igomba. None ako si akamo karanga urukundo ga yemwe?

Ariko ntiwumve, mw’isi ya kino gihe irimwo abantu buzuye amakenga, hari benshi bibaza niba isengesho rifise akamaro vy’ukuri. Woshobora kubaza uti: ‘Ubwo isengesho hari ico ryomfasha koko?’

Twoshobora gusenga igihe ico ari co cose, tugasengera aho ari ho hose

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika