Ibirimwo
15 Nyakanga 2010
Integuro y’ukwiga
IBIGANIRO VY’UKWIGA MU NDWI ZO KU WA:
25-31 Gitugutu 2010
Nuronderane ubwira umuhezagiro wa Yehova
URUPAPURO 7
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 95 (136), 38 (103)
1-7 Munyonyo 2010
Ubumwe ni bwo buranga ugusenga kw’ukuri
URUPAPURO 12
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 20 (28), 121 (135)
8-14 Munyonyo 2010
Ubumwe bw’abakirisu buraninahaza Imana
URUPAPURO 16
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 119 (220), 73 (115)
15-21 Munyonyo 2010
‘Indongozi yanyu ni imwe, ni Kristu’
URUPAPURO 21
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 84 (156), 25 (200)
22-28 Munyonyo 2010
Indongozi yacu ikora cane muri iki gihe
URUPAPURO 25
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 120 (139), 98 (133)
Intumbero y’ibiganiro vy’ukwiga
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 1 URUPAPURO 7-11
Abasavyi b’Imana barakeneye umuhezagiro wayo kugira ngo bashitse ibintu bigororotse isaba. Ni akigoro akahe umuntu akeneye kugira? Impwemu nyeranda ya Yehova ishobora kudufasha gute gutsinda ingorane izo ari zo zose zodushikira?
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 2, 3 URUPAPURO 12-20
Ivyo biganiro bizodufasha gutahura ukuntu ari vyiza be n’ukuntu bihimbaye kubana mu bumwe n’abavukanyi bacu. Tuzobona igituma Yehova ari we wenyene ashobora gutuma abantu bo mu mahanga yose bunga ubumwe. Tuzoca turimbura ingene umwumwe wese muri twebwe ashobora kuremesha ubumwe mw’ishengero, gutyo bikaninahaza Imana.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 4, 5 URUPAPURO 21-29
Ivyo biganiro bibiri bizodufasha kurushiriza gutahura ingene Kristu, we Mwami wacu wo mw’ijuru, ariko araturōngōra abigiranye umwete. Aritwararika ibiriko biraba mw’ishengero rimwerimwe ryose ry’abigishwa biwe bo kw’isi muri iki gihe.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI:
Gusukura mu gihe c’iyongerekana ryiza igitangaza 3
Isekeza ridasanzwe ryagizwe muri Biligariya ryaravuyemwo ivyiza 30