Ibirimwo
15 Myandagaro 2010
Integuro y’ukwiga
IBIGANIRO VY’UKWIGA MU NDWI ZO KU WA:
27 Nyakanga 2010–3 Gitugutu 2010
Ingene Yezu ashimagiza ubugororotsi bw’Imana
URUPAPURO 8
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 33, 195
4-10 Gitugutu 2010
URUPAPURO 12
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 207, 168
11-17 Gitugutu 2010
“Itegeko ry’ubuntu bwuzuye urukundo” nirizigame ururimi rwawe
URUPAPURO 21
18-24 Gitugutu 2010
Ni nde ashobora gukiza abariko baratakamba?
URUPAPURO 28
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 188, 47
Intumbero y’ibiganiro vy’ukwiga
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 1, 2 URUPAPURO 8-16
Niwige ingene Shetani yaharirije Imana. Rimbura ukuntu Yezu yashigikiye akongera akaninahaza ukugororoka kw’ubusegaba bwa Yehova. Zirikana ku co vyasavye kugira ngo inkuka y’incungu ya Yezu iboneke, wongere ubone ingene ishobora kugukiza. Ivyo vyiyumviro birarimburwa muri ibi biganiro.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 3 URUPAPURO 21-25
Niwige ico ari co ubuntu bwuzuye urukundo be n’ingene bushobora kugira ico bukoze ku kuntu umuntu akoresha ururimi. Nuzirikane kandi ku buryo butandukanye iyo kamere iva ku Mana ishobora kugaragazwa mu mvugo ya misi yose.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 4 URUPAPURO 28-32
Uturorero tw’ukuntu Ingoma y’imyaka igihumbi y’Umwana w’Imana ari we Yezu Kristu izoba imeze, turatangwa muri Zaburi ya 72. Uzokwumva weze umutima igihe uzoba uriko uriga iki kiganiro wongera uzirikana ku kuntu Yehova Imana azokoresha Salomo Mukuru kugira ngo akize abariko baratakamba.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI:
Nunanire akosho k’ivyiyumviro vy’abantu 3
Uratumiwe! 17
Kubera iki wokwubahiriza umwanya? 25