Vyoba bishoboka ko umuntu akunda abansi biwe?
Yezu Kristu yavuze ati: “Jewe ndababwiye nti: Mushishikare gukunda abansi banyu no gusabira ababahama; kugira mwerekane ko muri abana ba So ari mw’ijuru, kuko atuma izuba rirasira ababi n’abeza, agatuma n’imvura igwira abagororotse n’abatagororotse.”—Matayo 5:44, 45.
WOBA ubona ko idini rituma habaho urukundo n’amahoro canke ubona ko rituma habaho urwanko n’ubukazi? Muri kino gihe, abantu benshi babona ko idini rituma habaho urwanko n’ubukazi, na canecane igihe ryisutse mu vya politike, mu vy’amacakubiri ashingiye ku moko, canke mu vyo kwishimira igihugu. Yamara rero, nk’uko ya majambo Yezu yavuga avyerekana, ‘abana b’Imana’ b’ukuri barigana urukundo rwayo, mbere bakarugaragariza n’abansi babo.
Uwundi musuku w’Imana yavuze ati: “Nimba umwansi wawe ashonje, mugaburire; nimba anyotewe, muhe ico anywa . . . Ntureke ngo utsindwe n’ikibi, ahubwo ugume utsindisha ikibi iciza.” (Abaroma 12:20, 21) Ariko none, urukundo nk’urwo rwoba vy’ukuri rushoboka muri ino si yuzuye amacakubiri? Ivyabona vya Yehova baremera bashikamye ko rushoboka! Rimbura akarorero ka Yezu be n’abayoboke biwe bo mu ntango.
Barakunda abansi babo
Yezu yarigishije ukuri kwerekeye Imana, kandi abantu benshi barahimbarwa no kumwumviriza. Ariko rero, abandi baramurwanya, bamwebamwe babitumwe n’ukutamenya. (Yohani 7:12, 13; Ibikorwa 2:36-38; 3:15, 17) Yamara, Yezu yabandanije abwira abantu bose ubutumwa yashikiriza burokora ubuzima, harimwo n’abamurwanya. (Mariko 12:13-34) Uti kubera iki? Yari azi ko hari aboshoboye guhindura ingeso zabo, bakemera ko ari Mesiya, maze bakabaho bisunga ukuri kwerekeye Imana kuri mw’Ijambo ryayo.—Yohani 7:1, 37-46; 17:17.
Mbere no muri rya joro yafatwa ahorwa ubusa n’abamurwanya bari bitwaje ibirwanisho, Yezu yaragaragarije abansi biwe urukundo. Nkako, yarakijije umwe mu bari baje kumufata, uwo intumwa Petero yari yakubise inkota. Muri ico gihe, Yezu yaravuze ingingo ngenderwako ihambaye iyobora abayoboke biwe b’ukuri no muri kino gihe. Yavuze ati: “Abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota.” (Matayo 26:48-52; Yohani 18:10, 11) Haciye nk’imyaka 30 ivyo bibaye, Petero yanditse ati: “Kristu yababajwe ku bwanyu, aba abasigiye akarorero kugira ngo mukurikire neza intambuko ziwe. . . . Igihe yababazwa, ntiyahiga, mugabo yaguma yiha [Imana].” (1 Petero 2:21, 23) Biratomoye ko Petero yari yarize ko urukundo ari rwo ruranga abayoboke b’ukuri ba Kristu, atari ukwihora.—Matayo 5:9.
‘Abakurikira neza intambuko za Yezu’ bose baragaragaza agatima yari afise karangwa urukundo n’ukumera neza. Muri 2 Timoteyo 2:24 havuga hati: “Umushumba w’Umukama ntabwirizwa kurwana, ahubwo abwirizwa kuba umuntu atekereza kuri bose, . . . akaguma yiyumanganije mu mibabaro.” Izo kamere zikwiye kwibonekeza mu buzima bw’umukirisu, buno bukaba burangwa amahoro n’umwumvikano.
‘Ivyariho vya Kristu’ b’abanyamahoro
Intumwa Paulo yandikiye abo basangiye ukwemera ati: “Turi ivyariho rero bisubirira Kristu . . . Bwa basubirira Kristu turinginga duti: ‘Nimusubize hamwe n’Imana.’” (2 Abakorinto 5:20) Ivyariho ntibisuka mu bijanye na politike be n’ivya gisirikare vyo mu bihugu bakoreramwo. Ahubwo nyabuna, baguma ataho bahengamiye. Igikorwa cabo ni ico guserukira no kuvuga neza intwaro baba bavugira.
Ukwo nyene ni ko bimeze ku bijanye n’ivyariho vya Kristu n’abamuserukira. Babona ko Yezu ari Umwami kandi bakavuga neza Ubwami bwiwe bwo mw’ijuru mu gutangaza inkuru nziza mu buryo burangwa amahoro. (Matayo 24:14; Yohani 18:36) Ku bw’ivyo, Paulo yandikiye abakirisu bo mu gihe ciwe ati: “Ntiturwana intambara twisunga ico turi mu mubiri. Kuko ibirwanisho vy’intambara yacu atari ivy’umubiri, mugabo bigirwa ivy’ububasha n’Imana ku bwo gutembagaza . . . ivyiyumviro n’ikintu cose gihanitse gihagurukirijwe kurwanya ubumenyi bw’Imana.”—2 Abakorinto 10:3-5; Abanyefeso 6:13-20.
Igihe Paulo yandika ayo majambo, abakirisu bariko barahamwa mu bihugu vyinshi. Nta gukeka ko bari gushobora kugera ingere ku yindi. Aho kubigenza gutyo, barabandanije gukunda abansi babo no kubwira abo bose babumviriza ubutumwa bwerekeye ugusubiza hamwe. Inkoranyabumenyi imwe (Encyclopedia of Religion and War) ivuga iti: “Abayoboke ba mbere na mbere ba Yezu baramirira kure ivy’intambara n’imirimo ya gisirikare,” bakaba babona ko ivyo bintu “biteye kubiri n’urukundo Yezu yisunga be na rya tegeko risaba umuntu gukunda abansi biwe.”a
Nk’uko kw’abo bakirisu bo mu ntango, Ivyabona vya Yehova baremera ko Yezu ari Umwami wabo. Baremera kandi ko ari Umwami w’Ubwami bw’Imana, buno bukaba ari intwaro yo mw’ijuru igiye vuba kuzana kw’isi amahoro n’umutekano biramba. (Daniyeli 2:44; Matayo 6:9, 10) Ku bw’ivyo rero, nka kurya kw’ivyariho n’abaserukizi, baratangaza ukuntu ubwo Bwami ari bwiza igitangaza. Muri ico gihe nyene, barihatira kuba abanyagihugu beza mu bihugu babamwo, bakariha amakori kandi bakagamburuka amategeko igihe ataba ateye kubiri n’itegeko ry’Imana.—Ibikorwa 5:29; Abaroma 13:1, 7.
Ariko rero ikibabaje, nk’uko vyashikiye abakirisu bo mu ntango, rimwe na rimwe usanga Ivyabona batahurwa ukutari ko, bakambikwa ibara kandi bagahamwa. Naho ari ukwo, ntibigera bagera ingere ku yindi. Ahubwo riho, baragerageza “[kubana] amahoro n’abantu bose,” bizigiye ko bamwebamwe mu babarwanya boshobora “[gusubiza] hamwe n’Imana” maze bakagira icizigiro co kuronka ubuzima budahera.b—Abaroma 12:18; Yohani 17:3.
[Utujambo tw’epfo]
a Iyo nkoranyabumenyi ivuga kandi iti: “Abanditsi b’abakirisu babayeho imbere ya Konsitantino [umwami w’abami w’Umuroma yabayeho mu 306-337 G.C.] bariyamiriza ata n’umwe avuyemwo ibijanye no kwica abantu mu ntambara.” Ibintu vyagiye guhinduka igihe ubuhuni bwari bwaravuzwe muri Bibiliya bwakwiragira.—Ibikorwa 20:29, 30; 1 Timoteyo 4:1.
b Nka kumwe kw’abakirisu bo mu kinjana ca mbere, Ivyabona vya Yehova baraburanira imbere y’amategeko umwidegemvyo wabo wo mu vy’idini igihe biba bikenewe.—Ibikorwa 25:11; Abafilipi 1:7.
Woba umaze kuvyibaza?
◼ Abakirisu bakwiye gufata gute abansi babo?—Matayo 5:43-45; Abaroma 12:20, 21.
◼ Igihe Yezu yaba ahamwe, yavyifatamwo gute?—1 Petero 2:21, 23.
◼ Ni kubera iki abakirisu bo mu ntango bataja mu ntambara?—2 Abakorinto 5:20; 10:3-5.