ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/3 rup. 24-25
  • Icigwa ku bijanye n’imbabazi z’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Icigwa ku bijanye n’imbabazi z’Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Umugabo yicisha bugufi akagira n’umutima rugabo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ugusangangurwa kw’i Sodomu n’i Gomora
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yezu akiza abantu ku gitangaro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yezu ajoreza abamwumviriza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/3 rup. 24-25

Ku bw’urwaruka

Icigwa ku bijanye n’imbabazi z’Imana

YONA​—IGICE CA 2

Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Nugire inyiyumvo nk’iz’abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru. Nutume iyo nkuru uriko urasoma iba nzima.

1 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.​—SOMA YONA 3:1–4:11.

Wibaza ko Yona yumvise amerewe gute igihe yinjira mu gisagara ca Ninive?

_______

Wumva ijwi rya Yona riserura inyiyumvo izihe igihe yariko atangaza urubanza rwa Yehova?

_______

Yona ategerezwa kuba yumvise amerewe nabi mu buryo ubuhe igihe yicara hanze y’ico gisagara? (Raba Yona 4:5-8.)

_______

2 NURUSHIRIZE KWIMBA.

Ni kubera iki Yona yashaka ko Yehova asangangura Ninive nk’uko yari yabivuze?

_______

Ukoresheje ibikoresho ushobora kuronka vyo kugira ubushakashatsi, nugerageze kugira ico umenye ku bijanye (1) n’ukuntu ikibonobono gisa be n’ibikiranga, hamwe (2) n’ukuba bihambaye kubona umwami wa Ninive yarambaye igunira akicara no hasi mu minyota.

_______

Naho mu ntango Yona yabanje kugonanwa kuvuga ubuhanuzi i Ninive, ni kubera iki ashobora kwitwa ko ari umuhanuzi w’umwizigirwa kandi afise umutima rugabo? (Matayo 21:28-31)

_______

3 NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .

Kuba abantu bashobora guheba gukora ikibi.

_______

Imbabazi za Yehova.

_______

Kuba bikenewe ko tuba abanyembabazi.

_______

4 KU BIJANYE N’IYI NKURU, NI IGIKI UBONA KO GIHAMBAYE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?

_______

Ushaka kugira ubundi bushakashatsi, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza 2009, urupapuro rwa 14-18.

NIMBA UDAFISE BIBILIYA NUYISOME KU MUHORA WA INTERNET, KURI www.watchtower.org

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika