ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/1 rup. 30-31
  • Umugabo yicisha bugufi akagira n’umutima rugabo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umugabo yicisha bugufi akagira n’umutima rugabo
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Icigwa ku bijanye n’imbabazi z’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ugusangangurwa kw’i Sodomu n’i Gomora
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yezu akiza abantu ku gitangaro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yezu ananira ibigeragezo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/1 rup. 30-31

Ku bw’urwaruka

Umugabo yicisha bugufi akagira n’umutima rugabo

YONA​—IGICE CA 1

Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Nugire inyiyumvo nk’iz’abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru. Nutume iyo nkuru uriko urasoma iba nzima.

1 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.​—SOMA YONA 1:1-17; 2:10–3:5.

Wiyumvira ko urwamo rw’ico gihuhusi rwari rumeze gute kandi ko caboneka gute?

_______

Wiyumvira ko ijwi rya Yona be n’amajwi y’abasozabwato yagaragaza inyiyumvo bwoko ki?

_______

Dondora ivyo Yona ashobora kuba yariyumviriye igihe yariko aranyika mw’ibahari be n’igihe yamirwa na rwa rufi runini. (Soma Yona 2:1-9.)

_______

2 NURUSHIRIZE KWIMBA.

I Ninewe haba abantu bameze gute, kandi ni kubera iki Yona yabanje kugonanwa kubegera? (Nahumu 3:1)

_______

Wibaza ko Ninewe cari “igisagara kinini ku Mana” mu buryo ki? (Yona 3:3, NW; 2 Petero 3:9)

_______

Ukuba Yona yaravuze atarya umunwa ivyerekeye amakosa yiwe hamwe n’ivyerekeye Imana yiwe bihishura iki ku bimwerekeye? (Subira usome Yona 1:9, 10.)

_______

Yona ashobora kuba yamenye gute ivyashitse mu bwato inyuma y’aho bamutereye mu mazi? (Subira usome Yona 1:15, 16.)

_______

3 NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .

Ugutinya.

_______

Ukwicisha bugufi.

_______

Umutima rugabo.

_______

Ukuntu Yehova abona abantu, mbere n’abo twebwe twoba tubona ko ari babi.

_______

4 NI UMUCE UWUHE W’IYI NKURU UHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?

_______

Nimba ushaka kugira ubundi bushakashatsi, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero 2009, urupapuro rwa 25-28.

NIMBA UDAFISE BIBILIYA NUYISOME KU MUHORA WA INTERNET, KURI www.watchtower.org

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika