Woba ukwiye kuba inzirabugunge ibihe vyose?
ABANTU bose usanga ari inzirabugunge mu bihe bimwebimwe; kumbure abatari bake ugasanga ari inzirabugunge mu bihe nka vyose. Ariko none ni bangahe uzi bagerageza kuba inzirabugunge mu bihe vyose?
Muri kino gihe, ivyo kugunga bireze mu mice itari mike y’ubuzima. Yamara rero, ukuntu Imana ibona ibijanye no kuba inzirabugunge ni ikintu kizwi cane. Nk’akarorero, abantu benshi baramenyereye ibwirizwa rigira umunani muri ya Mabwirizwa Cumi, na ryo rikaba rivuga riti: “Ntukibe.” (Kuvayo 20:15) Ariko rero, abantu benshi babona ko ukuntu ibintu biba vyifashe bituma mu bihe bimwebimwe kwiba canke ubundi bwoko bwo kugunga biba ivyumvikana. Reka turimbure uburorero butatu bw’ubusuma bubonwa muri rusangi ko ata co butwaye.
Ubukene bwoba butuma kwiba biba ivyumvikana?
Hari umutegetsi umwe w’Umuroma yigeze kuvuga ati: “Ubukene ni bwo nkwezi y’ubukozi bw’ikibi.” Umuntu w’umukene yoshobora kwumva ko afise imvo yumvikana yo kwiba. Ababirabisha amaso boshobora gushigikira ico ciyumviro. None Yezu yabona gute ibijanye n’ico kintu? Yarafasha abari n’ivyo bakeneye abigiranye impuhwe nyinshi. Bibiliya ivuga ko “bamutera ikigongwe.” (Matayo 9:36) Yamara ntiyigeze na rimwe arenza uruho rw’amazi ku busuma. None umukene akwiye gukora iki?
Imana irafitiye impuhwe abagerageza kuyubaha bimwe bivuye ku mutima, kandi irahezagira utwigoro bagira kugira ngo baronke ivyo bakeneye. (Zaburi 37:25) Bibiliya isezerana iti: “Uhoraho ntazokundira umushaha w’umugororotsi k’ugira inzara, arikw akaruru k’abanyavyaha azogasunikira hirya.” (Imigani 10:3) Umuntu w’umukene yoba ashobora kwizigira ico kintu? Uwitwa Victorine aravyemera adakekeranya.
Kubera yuko Victorine ari umupfakazi afise abana batanu bari ku ntebe y’ishure, ntiyorohewe na gato. Aba mu gihugu kikiri mu nzira y’amajambere aho usanga leta idafasha cane abari mu bukene. Akenshi usanga yirirwa ariruka arondera icorirenza, ivyo bikaba bituma ashobora kuronka uturyo twinshi two kwiba. Yamara rero, Victorine ntakwegakwegwa n’icipfuzo co kwiba. Ahubwo, aragerageza kwirwanako mu gutembereza utuntu adandaza mw’ibarabara ata we agunga. None ni kubera iki aguma ari inzirabugunge?
Avuga ati: “Ubwa mbere, ndemera ko Imana ari iyo kwizigirwa be n’uko izomfasha idahemuka ninayigana. Ubwa kabiri, abana banje bashobora kwiga kuba inzirabugunge igihe gusa babona ko ndi inzirabugunge.”
None yaroraniwe gute? Avuga ati: “Turafise ivyo dufungura, ivyo twambara be n’aho dukika umusaya. Ariko rero mu bihe bimwebimwe, vyarabaye ngombwa ko nsaba abagenzi ngo bamfashe, nk’akarorero kugira ngo nshobore kugura imiti vyashika tugakenera ata vyo nari niteze. Imisi yose nararonka ivyo naba nkeneye. Uti kubera iki? Kubera yuko abo bagenzi banje bazi yuko ndababwiza ukuri uko ivyanje vyifashe be n’uko ntaba ndiko ngerageza kuronka ibirengeye ivyo mba nkeneye.”
Abandanya ati: “Abana bariko barakura ari inzirabugunge. Hari umubanyi aherutse kubona ibiceri ku meza yacu maze aca ambaza nimba ata bwoba nari mfise bw’uko abo bana bobitwara. Vyaramugoye kwemera igihe namubwira yuko abana banje batokwigera bakora ikintu nk’ico. Yaciye afata ingingo yo kubageza ntabizi. Yarasize mu mpisho ibiceri bibiri vy’amahera ijana ijana mu nzu iwacu, ahantu abo bana bashobora kubibona bitagoranye. Igihe yagaruka bukeye, yaratangajwe no kubona ko vya biceri vyari bikiri aho yabisize. Kugira abana b’inzirabugunge birazana ivyiza vyinshi kuruta kugira amatungo menshi.”
“Bose barabigira”
Ivyo kwiba ku kazi biramenyerewe henshi. Ivyo bica bituma benshi biyumvira bati: “None ko bose babigira, jeho kuki?” Igihushanye n’ivyo, Bibiliya ivuga iti: “Ntimuze muherēre ku ruhande rwa benshi bari mu nama y’ibibi.” (Kuvayo 23:2) Victoire yarumviye iyo ngabisho. Hoba hari ivyiza vyavuyemwo?
Igihe Victoire yari afise imyaka 19, yararonse akazi mw’ihinguriro rikora amamesa. Ntiyatevye kubona ko abagore 40 bahakorera bakoresha utuvumvu twabo kugira batware mu kinyegero intete z’ibigazi bazikuye muri iryo hinguriro. Buri mpera y’umushamvu, baca bagurisha izo ntete amahera angana n’ayo bahembwa mu misi itatu canke ine. Victoire avuga ati: “Emwe, mu vy’ukuri bose barabigira. Bari biteze ko nifatanya na bo ariko naravyanse, ndababwira yuko mu buzima bwanje nama ndi inzirabugunge. Barantyekeje, bavuga yuko ngo nohahombeye.”
Abandanya ati: “Umusi umwe, igihe twariko turasohoka tuva muri iryo hinguriro, twagiye tubona umuyobozi aduturako amaguru. Yarasatse muri twa tuvumvu maze asanga twose turimwo intete z’ibigazi kiretse akanje. Abafashwe bose bategerezwa guca birukanwa ubwo nyene canke gukora indwi zibiri badahembwa. Muri izo ndwi zibiri, ba bagore barajijutse yuko ntari nahomvye.”
“Barata baratora”
Wumva umerewe gute igihe utoye ikintu c’igiciro umuntu yataye? Ku bantu benshi, ivyo bituma baca ubwo nyene bumva ko ari icabo, bigatuma bikuramwo iciyumviro ico ari co cose co kugisubiza. Usanga bemera ca ciyumviro kivuga ngo “barata baratora.” Hari abokwiyumvira yuko ata kibi baba bakoze. Biyumvira ko nakare nyene ico kintu ata gukeka yuko ataba yiteze gusubira kugitora. Abandi bavuga yuko kurondera nyene ico kintu bitabaraba, ico kikaba ari igikorwa gishobora gusaba utwigoro twinshi.
None Imana ibona gute ibijanye n’ico kintu? Mu Gusubira mu vyagezwe 22:1-3 herekana ko umuntu yaba atoye ikintu atari akwiye kukigumya ngo bibe biheze, ahubwo riho ko yari akwiye kukigumya ‘gushitsa aho inaco azokironderera, agaca akimuha.’ Mu gihe nyene kugitora ataba yamenyesheje ko yagitoye, yarashobora kwagirizwa ko yivye. (Kuvayo 22:9) Ivyo vyoba bikora muri kino gihe? Uwitwa Christine aremera adakeka ko ari ukwo biri.
Christine ni umuyobozi w’ishure ry’abikorera utwabo. Umusi umwe ku wa gatatu, yarafashe umushahara wiwe w’ukwezi. Nk’uko abantu bo muri Afirika yo mu Burengero bamenyereye kubigira, yarazinze izo noti maze azitsindagirira mu gasakoshi kiwe. Yaciye ahagarika itagisi y’ipikipiki hanyuma agenda yihuta kw’ikoraniro rimwe. Ashitse, yarakabakavye muri ka gasakoshi kiwe arondera ibiceri kugira arihe umushoferi. Kubera ko hatabona, wa mukama w’inoti warakorokeye hasi atabizi.
Haciye iminuta mikeyi, umusore w’imyaka 19 yitwa Blaise, uno akaba atari amenyereye ako karere, yaramanukanye iryo barabara. Yari yumvikanye n’umugenzi ko bahurira kuri iryo koraniro nyene Christine yari yitavye. Yarabonye wa mukama w’inoti maze aca awushira mu mupfuko wiwe. Iryo koraniro rirangiye, yaramenyesheje wa mugenzi wiwe yuko hari ikintu yari yatoye hanze be n’uko uwari yatakaje ikintu wese yari gushobora kumuterefona hanyuma akavuga ico yataye ico ari co.
Igihe Christine yashika i muhira kuri uwo mugoroba, yarababajwe cane no kumenya yuko amahera yiwe y’umushahara w’ukwezi yari yatakaye. Haciye indwi, igihe yabwira umugenzi wiwe yitwa Josephine yuko yari yataye amahera, yamubwiye ko hari umuntu yari yaje kuri iryo koraniro yatoye ikintu. Christine yaraterefonye Blaise maze aramubwira ayo mahera yari yatakaje uko yangana be n’ayo ari yo. Yararyohewe cane igihe Blaise yamusubiza ayo mahera. Blaise we bite? Yari amaze indwi yose abitse ayo mahera, ariko yavuze ati: “Umunezero nagize kubera nasubije ayo mahera wari mwinshi kuruta uwo nari kugira iyo ndayagumana.”
Igituma bihatira kuba inzirabugunge ibihe vyose
Victorine, Victoire, be na Blaise baba mu mihingo itandukanye kandi ntibazinanyi. Ariko rero, hariho ikintu bahuriyeko. Ni Ivyabona vya Yehova, bano bakaba bisunga ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye no kuba inzirabugunge. Bararorereye iranguka ry’umuhango Imana yatanze werekeye isi nshasha, uno ukaba ugira uti: “Hariho ijuru rishasha n’isi nshasha turindiriye nk’uko umuhango wayo uri, kandi muri ivyo ni ho ubugororotsi buzoba.” Abantu bose bazoba bariho ico gihe bazoba ari abagororotsi kandi ari inzirabugunge.—2 Petero 3:13.
Victorine nta cizigiro kinini afise c’uko uko ivyiwe vyifashe mu vy’ubutunzi bizokwisununura rwose mu buryo na bumwe imbere y’uko Imana ihindura ibintu. Yamara rero, ni umutunzi mu bijanye n’ubucuti afitaniye n’Imana, ico kikaba ari ikintu amahera adashobora kugura. Abana biwe ni inzirabugunge kandi bafise imico myiza. Imisi yose ku w’iyinga baragira umunezero mwinshi igihe baba bariko baraganirira ababanyi babo ivyerekeye ukumera neza kw’Imana bongera basigura ukuntu izomara akanyota “aba[ya]mbaza mu vy’ukuri bose” ikongera ikazigama “aba[yi]kunda bose.”—Zaburi 145:7, 18, 20.
Victoire yahavuye aheba ka kazi ko muri rya hinguriro ry’amamesa. Yariyungunganije mu kudandaza kw’isoko utuntu twitwa garri (ubwoko bw’ibitumbura bikozwe mw’ifu y’imyumbati). Ukuba inzirabugunge kwiwe kwarakwegereye abakiriya benshi. Mu vy’ukuri, ntiyatevye kugabanya umwanya yamara kw’isoko maze ararushiriza kumara umwanya ariko arabwira abandi ibijanye n’icizigiro co kuba mw’isi itarimwo ubugunge. Mu nyuma yarubatse urwiwe, kandi we hamwe n’umunega wiwe ubu bakora ari abasuku b’igihe cose.
Christine yatakaje amahera yiwe imbere y’Ingoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova. Blaise nta bantu benshi yari azi mu bari bitavye rya koraniro, mugabo yari azi ko ari abavukanyi n’abavukanyikazi biwe bakirisu, bano bakaba bagerageza kuba inzirabugunge mu bihe vyose.
Ni abantu bangahe woba uzi bihata ata buryarya kugira ngo babe inzirabugunge mu bihe vyose? Niwiyumvire hamwe woba uri kumwe n’abantu 50, 100 canke 200 b’inzirabugunge. Ico ni ikintu gihimbaye Ivyabona vya Yehova bibonera bari mu Ngoro z’Ubwami zabo. Ubona gute ugiyeyo hanyuma ukamenyana na bo?
[Iciyumviro nyamukuru/Ifoto ku rup. 12]
“Kugira abana b’inzirabugunge birazana ivyiza vyinshi kuruta kugira amatungo menshi.”—VICTORINE
[Uruzitiro ku rup. 14]
Mu Migani 6:30 hoba herekana ko hariho imvo yumvikana yo kwiba?
Mu Migani 6:30 havuga hati: “Abantu ntibagaya umwivyi, iyo yibishwa no kumara akaruru kiwe ari n’inzara.” Ayo majambo yoba yerekana ko hariho imvo yumvikana yo kwiba? Uwokubesha. Amakikuro y’ico canditswe yerekana yuko Yehova aba akibona ko ico gisuma gikwiye kubazwa ibijanye n’ikosa ryaco. Umurongo ukurikira uvuga uti: “Arikw iy’afashwe ariha ibihetangabo ndwi; azokwoza urugo rwiwe rwose.” (Imigani 6:31) Naho igisuma ciba kibitumwe n’inzara coshobora kutabonwa nabi cokimwe n’uwivye abitumwe n’umwina canke akabigira afise intumbero yo kugirira nabi uwo yivye, uko bigenda kwose, kiguma kibwirizwa ‘kuriha.’ Abipfuza gushimwa n’Imana ntibakwiye kwagirwa n’ubusuma, naho ibintu vyoba vyifashe gute.