Ibirimwo
15 Nzero 2010
Integuro y’ukwiga
IBIGANIRO VY’UKWIGA MU NDWI ZO KU WA:
1-7 Ntwarante 2010
Ni kubera iki wokwiyegurira Yehova?
URUPAPURO 3
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 13, 217
8-14 Ntwarante 2010
Kuba aba Yehova ni ubuntu tutari dukwiriye
URUPAPURO 7
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 207, 53
15-21 Ntwarante 2010
Niwerekane ko uri umuyoboke nyakuri wa Kristu
URUPAPURO 12
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 172, 156
22-28 Ntwarante 2010
Uburyo Shetani ategeka nta co bushobora gushikako
URUPAPURO 24
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 171, 195
29 Ntwarante 2010–4 Ndamukiza 2010
Uburyo Yehova ategeka buremezwa ko ari bwo bubereye!
URUPAPURO 28
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 21, 187
Intumbero y’ibiganiro vy’ukwiga
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 1, 2 URUPAPURO 3-11
Ivyo biganiro biraca irya n’ino ico kwiyegurira Yehova bisobanura be n’igituma umuntu akwiye gutera iyo ntambwe. Turaza kurimbura kandi igituma dushobora kwizigira tudakeka yuko tuzoshobora gushitsa ivyo Yehova atwitezeko. N’ikindi kandi, tuzokwiga ibijanye n’imihezagiro abo bose bahitamwo kuba aba Yehova bironkera.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 3 URUPAPURO 12-16
Ico kiganiro kiraca irya n’ino imice itanu ihambaye umwumwe wese muri twebwe akwiye kwihatira kwiganamwo Kristu. Nitwabigenza gutyo, tuzogaragaza ko turi abayoboke nyakuri ba Kristu kandi tuzoba abantu bashoboye gufasha abameze nk’intama kugira ngo bamenye ishengero ry’abakirisu b’ukuri.
IKIGANIRO C’UKWIGA CA 4, 5 URUPAPURO 24-32
Ikiganiro c’ukwiga ca kane, kirarimbura igituma ubutegetsi bw’abantu butisunga Imana bwavuyemwo ingaruka z’agahomerabunwa be n’ukuntu bwatumye vyibonekeza neza yuko uburyo Yehova ategeka ari ntangere. Ikiganiro c’ukwiga ca gatanu kiraca irya n’ino ukuntu dushobora kugaragaza ko twamaze kwemera uburyo Yehova ategeka.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI:
Nufashe abana bawe kuvyifatamwo neza mu ngorane nyinshi zibashikira 16
Nukoreshe umusi wose w’ukubaho kwawe ku bw’ubuninahazwa bw’Imana 21