Ibirimwo
15 Kigarama 2009
Integuro y’ukwiga
IBIGANIRO VY’UKWIGA MU NDWI ZO KU WA:
1-7 Ruhuhuma 2010
Nutume iterambere ryawe ryibonekeza
URUPAPURO 11
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 123, 43
8-14 Ruhuhuma 2010
Tugumane umunezero mu bihe bigoye
URUPAPURO 15
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 19, 130
15-21 Ruhuhuma 2010
Mesiya! Ni we Imana ikoresha kugira ngo iturokore
URUPAPURO 20
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 105, 205
22-28 Ruhuhuma 2010
Dutsimbataze urukundo rutigera runanirwa
URUPAPURO 24
INDIRIMBO ZIKORESHWA: 35, 89
Intumbero y’ibiganiro vy’ukwiga
Ikiganiro c’ukwiga ca 1, 2 URUPAPURO 11-19
Abakirisu bose, ni ukuvuga abagabo, abagore n’abakiri bato, barashobora gutuma iterambere ryabo ryo mu vy’impwemu ryibonekeza. Ivyo biganiro biraca irya n’ino ingene ivyo twobishikako. Ukuntu dushobora kugumana umunezero no mu bihe bidurumbanye na vyo nyene biraza kurimburwa muri ivyo biganiro.
Ikiganiro c’ukwiga ca 3 URUPAPURO 20-24
Bibiliya iratanga ibimenyamenya vyerekana yuko Yezu ari we Mesiya yari yarasezeranywe. Yehova yarungitse Umwana wiwe ng’aha kw’isi kugira ngo izina ryiwe arikureko iceyi ryasizwe yongere yemeze ubusegaba bwiwe, tutibagiye no kugira ngo acungure abantu bagamburuka abakureko icaha n’urupfu. Ivyo bintu vy’ukuri birakwiye gukoreshwa cane mu busuku bwacu.
Ikiganiro c’ukwiga ca 4 URUPAPURO 24-28
Dushobora gute gutsimbataza urwo dukunda Yehova na Yezu? Urukundo rushobora gute kwihanganira ibintu vyose? Ni mu buryo ki dushobora kuvuga yuko urukundo rutananirwa? Iki kiganiro kirimburwamwo icanditswe c’umwaka wa 2010 kirishura ivyo bibazo.
IYI NOMERO IRIMWO KANDI:
URUPAPURO 3
Woba ushobora kujabuka ukaja i Makedoniya?
URUPAPURO 4
Kuba ufise vyinshi ukora kandi unezerewe mu murimo w’Imana
URUPAPURO 8
Bibiliya ishika muri rya Zinga rinini ry’Agahama
URUPAPURO 29
Ironderero ry’ibiganiro vy’Umunara w’Inderetsi wo mu 2009
URUPAPURO 32