ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w09 1/3 rup. 7-8
  • Igihe co kugira ihitamwo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe co kugira ihitamwo
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igihe co guhindura ibintu bikaba bishasha
  • Urashobora kuba kw’isi ibihe bidahera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
  • Ni ibiki Imana yakoze?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Urupfu rwa Yezu n’izuka ryiwe vyokumarira iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Umwansi wa nyuma ari we rupfu azokurwaho
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
w09 1/3 rup. 7-8

Igihe co kugira ihitamwo

“Imana irema umuntu mw ishusho yayo, mw ishusho y’Imana ni ho yamuremye; irema abantu bar’uburyo bubiri.”​—Itanguriro 1:27.

AYO majambo amenyerewe dusanga mu mpapuro za mbere za Bibiliya, arerekana kimwe mu bintu bihambaye gusumba ibindi Imana ‘yagize ciza mu gihe caco,’ na co kikaba ari ukurema umugabo n’umugore batunganye, ari bo Adamu na Eva. (Umusiguzi 3:11, NW) Kubera ko Yehova Imana ari we yari Umuremyi wabo, yababwiye ati: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi.”​—Itanguriro 1:28.

Muri ayo majambo Imana yabwiye abo bantu babiri ba mbere, yarabamenyesheje umugambi wayo. Bobwirijwe kurondoka bakongera bakabungabunga isi, bakayihindura Iparadizo ikwiye hose bobayemwo hamwe n’uruvyaro rwabo. Ntibari barashingiwe imbere y’igihe umwanya bobayeho be n’umusi bopfiriyeko. Ahubwo riho, Imana yari yabahaye icizigiro ciza igitangaza. Iyo bagira ihitamwo ryiza bakongera bakaguma bisunga Imana, bari gushobora kubaho ibihe vyose mu mahoro n’agahimbare ntangere.

Bahisemwo nabi, kandi ivyo vyatumye abantu bose bashikirwa n’ubusaza be n’urupfu. Nkako, sekuruza w’imiryango Yobu yariyemereye ati: “Umuntu yavyawe n’umugore amara imisi mike kand’adundubiwe n’amagorwa.” (Yobu 14:1) None ni igiki kitagenze neza?

Bibiliya isigura iti: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruza] biciye ku gicumuro, gutyo urupfu [rukwira] ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.” (Abaroma 5:12) Birumvikana ko uwo “muntu umwe” yari Adamu, uwahisemwo n’ibigirankana kurenga kw’itegeko ryoroshe yamara ritomoye ry’Imana. (Itanguriro 2:17) Mu kugira iryo hitamwo, Adamu yaratakaje akaryo yari afise ko kubaho ibihe bidahera mw’isi y’iparadizo. Yaratumye kandi abamukomotseko batakaza akaryo ko kuragwa ikintu c’agaciro maze abaraga umuvumo w’icaha n’urupfu. Vyasa n’uko vyose vyari birangiye. None vyoba koko vyari birangiye?

Igihe co guhindura ibintu bikaba bishasha

Haciye imyaka ibihumbi, umwanditsi wa zaburi yarahumekewe kwandika ati: “Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira.” (Zaburi 37:29) Mu gutanga icemeza c’uko umuhango Imana yatanze muri Edeni uzoranguka, Ijambo ryayo riradondora mu buryo bwiza igitangaza ivyo igiye gukora vuba, riti: “Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzokwongera kubaho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizokwongera kubaho. Ibintu vya kera vyagiye.” Imana ubwayo ica ivuga iti: “Ehe! Ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.”​—Ivyahishuwe 21:4, 5.

Kubera yuko ikintu cose cashingiwe igihe caco, ikibazo cumvikana gica kivyuka ni iki: None igihe c’ukwo guhindura ibintu bikaba bishasha kizogera ryari kugira ngo imihango myiza igitangaza Imana yatanze iranguke? Abasohora iki kinyamakuru, ni ukuvuga Ivyabona vya Yehova, bamye bakora uko bashoboye kugira ngo bamenyeshe abantu ko tubayeho mu gihe Bibiliya yita “imisi ya nyuma” be n’uko igihe cegereje c’uko Imana igira ico ikoze kugira ngo ‘ibintu vyose ibigire bishasha.’ (2 Timoteyo 3:1) Turaguhimirije usuzume Bibiliya wongere wige ibijanye n’imihango myiza igitangaza ushobora kwungukirako. Turaguhimirije kandi ngo witabire aka kamo kagira gati: “Ni murondere Uhoraho bigishoboka kw abonwa, ni mumwambaze akiri hafi.” (Yesaya 55:6) Ubuzima bwawe be n’ivyizigiro vyawe vy’ibihe bidahera ntibishingiye ku bintu Imana yoba yarakwandikiye, ahubwo riho bivana na wewe!

[Ifoto ku rup. 8]

“Ehe! Ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika