Twiyemeje gushinga intahe inogangije
“Yadutegetse kwamamaza ku bantu no gushinga intahe inogangije.”—IBIK. 10:42.
1. Igihe Petero yariko avugira imbere ya Koruneliyo, yashimitse ku gikorwa ikihe?
INTWAZANGABO imwe y’Umutaliyano yarakoranije incuti ziwe n’abagenzi biwe ku bw’ikintu kidasanzwe cabaye ihinduka rikomeye mu vyo Imana yakoranye n’abantu. Uwo mugabo yatinya Imana yari Koruneliyo. Intumwa Petero yabariye uwo mugwi w’abantu yuko intumwa zari zategetswe “kwamamaza ku bantu no gushinga intahe inogangije” yerekeye Yezu. Intahe Petero yashinze yaravuyemwo ivyiza vyinshi. Abanyamahanga batagenyerewe bararonse impwemu y’Imana, barabatizwa maze baja mu mugwi w’abazoba abami mw’ijuru bari kumwe na Yezu. Mbega ikintu ciza cavuye ku kuba Petero yarashinze intahe inogangije!—Ibik. 10:22, 34-48.
2. Tuzi dute ko itegeko ryo gushinga intahe ritahawe gusa kuri za ntumwa 12?
2 Ivyo vyabaye mu 36 G.C. Nk’imyaka ibiri imbere y’aho, umuntu w’ishaka ryinshi yari yahoze arwanya ubukirisu yari yashikiwe n’ikintu catumye agira ivyo ahinduye mu buzima. Sauli w’i Taruso yari ku rugendo aja i Damasiko igihe Yezu yamubonekera maze akamubarira ati: “Winjire mu gisagara, ico utegerezwa gukora na co uzokibwirwa.” Yezu yarakuye amazinda umwigishwa Ananiya yuko Sauli yoshinze intahe “ku mahanga no ku bami no ku bana ba Isirayeli.” (Soma Ibikorwa 9:3-6, 13-20.) Igihe Ananiya yari kumwe na Sauli, yavuze ati: “Imana ya ba sogokuruza bacu [yagutoye] . . . kubera ko utegerezwa kumubera icabona ku bantu bose.” (Ibik. 22:12-16) None Sauli, uwahavuye amenyekana kw’izina rya Paulo, ico gikorwa co gushinga intahe yagifatanye uburemere ku rugero rungana iki?
Yarashinze intahe inogangije!
3. (a) Ni inkuru iyihe tugiye gushimikako? (b) Ba bakurambere b’i Efeso bakiriye gute ubutumwa Paulo yari yabarungikiye, gutyo baba basize akarorero keza akahe?
3 Kwiga ido n’ido ry’ibintu vyose Paulo yakoze inyuma y’aho coba ari ikintu gihimbaye, ariko reka ubu dushimikire ku nsiguro yatanze nko mu 56 G.C., nk’uko iboneka mu Bikorwa ikigabane ca 20. Paulo yashikirije iyo nsiguro amaja mu mpera y’urugendo rwiwe rw’ubumisiyonari rugira gatatu. Yari yururukiye i Mileto, kino kikaba ari ikivuko co ku Kiyaga Égée, kandi yari yatumyeko abakurambere bo mw’ishengero ry’i Efeso. Efeso hari nko ku bilometero 50 uvuye kuri ico kivuko, naho urwo rugendo nyene rwashobora kuba rurerure kuruta umuntu aciye mu mabarabara yaho yarimwo amakorosi menshi. Urashobora kwiha ishusho y’ukuntu abo bakurambere b’i Efeso bahimbawe cane igihe baronka ubwo butumwa Paulo yari yabarungikiye. (Gereranya n’Imigani 10:28.) Naho bari banezerewe, bobwirijwe kugira ivyo batunganije kugira ngo bagire urwo rugendo rwabashikana i Mileto. Bamwebamwe muri bo vyoba vyarabaye ngombwa ko basaba uruhusha ku kazi canke ko bugara amaduka yabo? Abakirisu benshi muri iki gihe baragira ikintu nk’ico kugira ngo ntibazosibe ikiringo na kimwe c’ihwaniro ry’intara bagira ku mwaka ku mwaka.
4. Ni ingendo iyihe Paulo yari yarakurikiranye igihe yamara imyaka nk’ingahe i Efeso?
4 Wibaza ko Paulo yakoze iki mu kiringo c’imisi itatu canke ine yamaze i Mileto abo bakurambere batarashika? Wewe wari gukora iki? (Gereranya n’Ibikorwa 17:16, 17.) Amajambo Paulo yabariye abakurambere b’i Efeso aradufasha kuronka inyishu. Yaradondoye ivyaranze ubuzima bwiwe mu myaka n’iyindi, ushizemwo n’igihe yatangura kuza i Efeso. (Soma Ibikorwa 20:18-21.) Yaravuze azi neza ko ata womuharirije, ati: “Murazi neza ingene kuva umusi wa mbere nahonyoje ikirenge mu ntara ya Aziya . . . nashinze intahe inogangije.” Vy’ukuri, yari yiyemeje gushitsa igikorwa yashinzwe na Yezu. None yakiranguye gute aho i Efeso? Uburyo bumwe yabigizemwo, ni mu gushinga intahe ku Bayuda, ivyo akabigira mu kuja aho yashobora kubasanga ari benshi. Luka avuga yuko igihe Paulo yari i Efeso nko mu 52-55 G.C., ‘yashikirije insiguro yongera akoresha ukwumvisha’ mw’isinagogi. Aho Abayuda “babandanirije kwikomantaza ntibizere,” Paulo yaciye yitwararika abandi, aja ahandi hantu muri ico gisagara, ariko aguma yamamaza. Muri ubwo buryo, yarashinze intahe ku Bayuda no ku Bagiriki muri ico gisagara kinini.—Ibik. 19:1, 8, 9.
5, 6. Ni kubera iki dushobora kwemera tudakeka Paulo igihe yaba ariko aramamaza inzu ku nzu yabwira abatemera?
5 Bamwebamwe mu bantu Paulo yabwiye ubutumwa i Mileto bagacika abakirisu, bahavuye bakwiza ibisabwa baraba abakurambere. Paulo yarabibukije uburyo yari yarakoresheje, ati: “Nta na kimwe naretse kubabwira mu bintu vyose vy’ingirakamaro canke ngo ndeke kubigisha ku mugaragaro be no mu nzu no mu yindi.” Muri iki gihe, hari abavuga yuko Paulo ngaho yariko yerekeza gusa ku kugendera cungere abari basanzwe bemera. Ariko si ukwo biri. Imvugo ngo “[kwi]gisha ku mugaragaro be no mu nzu no mu yindi” ahanini yerekeza ku kwamamaza mu bantu batemera. Ivyo biragaragarira mu majambo avuga ubukurikira. Paulo yavuze yuko yashinze intahe “ku Bayuda no ku Bagiriki yerekeye ukwigaya ku Mana n’ukwizera Umukama wacu Yezu.” Biratomoye rero ko Paulo yari yarashinze intahe ku batemera, abari bakeneye kwigaya be no kwizera Yezu.—Ibik. 20:20, 21.
6 Mu mwihwezo umwe urimwo ivyiyumviro vyinshi wagizwe ku Vyanditswe vy’ikigiriki, incabwenge imwe yavuze ku bijanye n’Ibikorwa 20:20 iti: “Paulo yari yamaze imyaka itatu i Efeso. Inzu zose yarazigendeye, canke n’imiburiburi yoba yaramamaje ku bantu bose (umurongo wa 26). Ico ni ikintu gishingiye ku vyanditswe cerekana ko kwigisha injili inzu ku nzu be no kuyigisha mu makoraniro agirwa ku mugaragaro vyemewe.” Paulo, yaba yaragendeye inzu zose koko nk’uko iyo ncabwenge ibivuga, canke atazigendeye zose, ntiyipfuza ko abakurambere b’i Efeso bibagira ukuntu yari yarashinze intahe be n’ivyiza vyavuyemwo. Luka yavuze ati: “Ababa mu ntara ya Aziya bose bumva ijambo ry’Umukama, Abayuda n’Abagiriki.” (Ibik. 19:10) Mugabo none, ni mu buryo ubuhe abantu “bose” bo muri Aziya bashobora kuba barumvise ijambo ry’Umukama, kandi ivyo bishobora kutwereka iki ku kuntu dushinga intahe?
7. Ni gute igikorwa Paulo yaranguye co kwamamaza gishobora kuba caragize ico gikoze no ku bantu we ubwiwe atabwiye ubutumwa?
7 Kubera ko Paulo yamamaje mu bibanza bihuriramwo abantu benshi be n’inzu ku nzu, abatari bake barumvise ubutumwa yashikiriza. Wibaza ko vyoba bishoboka yuko abantu bose bumvise ubwo butumwa boba bagumye i Efeso ntihagira n’umwe aja ahandi nko gukora ivy’urudandaza, kuramutsa incuti canke kurondera ahandi hantu ho kuba hatekanye? Habe namba. Abantu benshi muri iki gihe barimutse kubera izo mpamvu; kumbure na wewe woba urimwo. N’ikindi kandi, ico gihe abantu bo mu yindi mihingo baraza i Efeso baje kuramukanya canke kugira ivy’urudandaza. Igihe bari ngaho bashobora kuba barahuye na Paulo canke bakamwumva ariko arashinga intahe. Ni ibiki vyoshitse none basubiye iwabo? Abobaye bemeye ukuri boshinze intahe. Abandi na bo bashobora kuba batacitse abemera, yamara birashoboka yuko bavuga ivyo bumviye i Efeso. Ku bw’ivyo, incuti, ababanyi canke abakiriya barumvise ukuri kandi bamwebamwe bashobora kuba barakwemeye. (Gereranya na Mariko 5:14.) None ivyo bitwereka iki ku bijanye n’ivyiza bishobora kuva mu gikorwa urangura co gushinga intahe inogangije?
8. Abantu bo hirya no hino mu ntara ya Aziya, ukuri gushobora kuba kwabashikiriye gute?
8 Ku bijanye n’ubusuku yari yaranguriye i Efeso ubwa mbere, Paulo yanditse yuko “[y]ugururiwe umuryango munini ujana ku gikorwa.” (1 Kor. 16:8, 9) None uwo muryango ni uwuhe kandi yawugururiwe gute? Ubusuku Paulo yagumye arangurira i Efeso bwatumye inkuru nziza ikwiragira. Rimbura nk’akarorero ibisagara bitatu vyari kure ugereranije na Efeso ari vyo Kolosayi, Lawodiseya be na Hiyerapoli. Paulo ntiyigeze agendera ivyo bisagara, ariko inkuru nziza yarashitseyo. Epafura yava muri ivyo bice. (Kol. 2:1; 4:12, 13) Epafura yoba yarumvise Paulo ariko arashinga intahe i Efeso maze agacika umukirisu? Bibiliya ntibitomora. Ariko igihe Epafura yakwiragiza ukuri mu bice vy’iwabo, ashobora kuba yabigize nk’uwuserukira Paulo. (Kol. 1:7) Ubutumwa bwa gikirisu bushobora kandi kuba bwarashitse mu bisagara nka Filadelufiya, Sarudi na Tiyatira mu kiringo Paulo yamaze ariko arashinga intahe i Efeso.
9. (a) Ni icipfuzo kivuye ku mutima ikihe Paulo yari afise? (b) Icanditswe c’umwaka wa 2009 ni ikihe?
9 Ku bw’ivyo, abakurambere b’i Efeso bari bafise imvo yumvikana yo kwemera amajambo Paulo yavuze, agira ati: “Simbona ubuzima bwanje nk’uburi n’ico bumaze, nk’aho ari ubw’agaciro kuri jewe, ahubwo riho icompa nkarangiza urugendo rwanje n’ubusuku nahawe n’Umukama Yezu, ni kwo gushingira intahe inogangije inkuru nziza ya bwa buntu ata wari abukwiriye bw’Imana.” Uwo murongo urimwo iciyumviro kiremesha kandi gituma umuntu agira ico akoze kigize icanditswe c’umwaka wa 2009, ikigira giti: ‘Dushingire intahe inogangije inkuru nziza.’—Ibik. 20:24.
Turashinga intahe inogangije muri iki gihe
10. Tuzi dute yuko dutegerezwa gushinga intahe inogangije?
10 Itegeko rijanye no “kwamamaza ku bantu no gushinga intahe inogangije” ryahavuye riraba n’abandi bantu uretse intumwa. Igihe Yezu, uwari amaze kuzurwa yabwira abigishwa bari bakoraniye i Galilaya, abashobora kuba barashika 500, yategetse ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda, mubigisha gukurikiza ibintu vyose nabategetse.” Iryo tegeko riraraba abakirisu b’ukuri bose muri kino gihe, nk’uko amajambo ya Yezu avyerekana, ayagira ati: “Ehe ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.”—Mat. 28:19, 20.
11. Ivyabona vya Yehova bazwi ko bakora ikihe gikorwa gihambaye?
11 Abakirisu b’abanyamwete barabandanya kugamburuka iryo tegeko, bakihatira “gushingira intahe inogangije inkuru nziza.” Uburyo nyamukuru bwo kubigira ni bumwe Paulo yabwira abakurambere b’i Efeso, ni ukuvuga kwamamaza inzu ku nzu. Mu gitabu kimwe co mu 2007 kivuga ibijanye n’igikorwa kivamwo ivyiza abamisiyonari barangura, uwitwa David G. Stewart, Jr., yavuze ati: “Uburyo Ivyabona vya Yehova bakoresha mu kwigisha abantu ukuntu bobwira abandi ivyo bemera bwaravuyemwo ivyiza biruta kure n’iyo ibiva mu nyigisho zitumvikana kandi zidahuye n’ibintu bibaho koko [zigishirizwa imbere ku mikiruruko y’amasengero]. Ku Vyabona vya Yehova benshi, kubwira abandi ivyo bemera ni igikorwa bakunda cane.” None ivyo bivamwo iki? Abandanya ati: “Mu 1999, ibice biri hagati ya 2 na 4 kw’ijana vy’abantu nabajije ibibazo mu mirwa mikuru ibiri yo mu Buraya bwo mu Buseruko, ni bo gusa bavuze ko bimaze gushika bakagenderwa n’abamisiyonari bo mw’idini ry’abitwa Aberanda bo mu misi ya nyuma, abakunze kwitwa ngo ni aba Mormon. Abarenga ibice 70 kw’ijana bobo bavuze yuko umwumwe wese muri bo yagendewe n’Ivyabona vya Yehova, akenshi bikaba incuro zitari nke.”
12. (a) Ni kubera iki tugendera imihana yo mu cibare cacu “incuro zitari nke”? (b) Wotubwira icabonywe c’umuntu yahinduye ukuntu yahora abona ubutumwa dushikiriza?
12 Abantu b’aho iwanyu na bo nyene boshobora kuvuga nk’ukwo. Birashoboka ko wabigizemwo uruhara. Igihe ‘wagendera umuntu umwumwe wese’ uriko urarangura ubusuku bw’inzu ku nzu, waraganiriye n’abagabo, abagore be n’abana ku mihana yabo. Bamwebamwe bashobora kuba batakwumvirije mbere naho woba warabagendeye “incuro zitari nke.” Abandi na bo bashobora kuba barakwumvirije gatoyi igihe wariko urabereka umurongo wo muri Bibiliya canke iciyumviro gishingiye ku Vyanditswe. Yamara ku bandi, warashoboye gushinga intahe nziza kandi baravyakira neza. Ivyo vyose ni ibintu bishobora gushika igihe “[du]shingira intahe inogangije inkuru nziza.” Nk’uko ushobora kuba ubizi, hariho uburorero bwinshi bw’abantu berekanye ko bashimishwa buhoro naho bagendewe “incuro zitari nke,” mugabo mu nyuma baragira amahinduka. Kumbure hari ikintu cabashikiye, canke gishikira uwabo, kigatuma imizirikanyi yabo n’imitima yabo birushiriza kwitegurira kwakira ukuri. Ubu ni abavukanyi n’abavukanyikazi bacu. Ku bw’ivyo rero, ntutane n’akabando mbere no mu gihe utoba uherutse kuronka abantu benshi bavyakira neza. Ntitwiteze ko abantu bose bazoza mu kuri. Mugabo ivyo Imana itwitezeko ni uko tubandanya gushinga intahe inogangije uko dushoboye kwose, tubigiranye umwete.
Ivyiza tutari tuzi ko bizovamwo
13. Igikorwa co gushinga intahe turangura, gishobora gute kuvamwo ivyiza tutari twiteze?
13 Ubusuku Paulo yaranguye ntibwagize ico bukoze gusa ku bo we ubwiwe yafashije bakaba abakirisu; eka no kuri twebwe ni ukwo. Turaraba neza ko tugira uruhara mu busuku bw’inzu ku nzu tudahorereza, tugashinga intahe ku bantu benshi bashoboka uko dushoboye kwose. Turabwira inkuru nziza ababanyi bacu, abo dukorana, abo twigana be n’incuti zacu. Twoba none tumenya ivyiza vyose bizovamwo? Kuri bamwe, hoshobora kuvamwo ivyiza ubwo nyene. Mu bindi bihe na ho, imbuto z’ukuri zoshobora kumara igihe zitaranaga mugabo mu nyuma ugasanga zirashinze imizi mw’ivu riri mu mutima w’umuntu hanyuma zigakura. Mbere naho ivyo bitoshika, abantu tubwira inkuru nziza boshobora kubwira abandi ivyo twavuze, ivyo twemera be n’ukuntu dukora ibintu. Ni vyo, vyoshoboka yuko, batanabizi, bashobora gutuma izo mbuto zironka ivu ryiza ahandi hantu.
14, 15. Intahe yashinzwe n’umuvukanyi umwe yavuyemwo ivyiza ibihe?
14 Kugira ngo tubitangire akarorero kamwe gusa, rimbura ivyerekeye Ryan n’umukenyezi wiwe Mandi, baba muri Floride, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ku kazi, Ryan yarashinze intahe akaryo kizanye ku wo bakorana. Uwo mugabo, uwakuriye mw’idini ry’Abahindu, yarashimishwa n’ukuntu Ryan yambara be n’ukuntu yavuga. Mu biyago bagiranye, Ryan yaravuzemwo ibijanye n’izuka be n’ukuntu abapfuye bamerewe. Umusi umwe ku mugoroba wo muri Nzero, nya mugabo yarabajije umukenyezi wiwe yitwa Jodi ivyo yari azi ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova. Uwo mukenyezi yari umugatolika, akaba yavuze yuko ikintu conyene azi ku Vyabona ari “ukwamamaza inzu ku nzu.” Jodi yaciye yandika ijambo “Ivyabona vya Yehova” muri orodinateri yiwe ikoresha bwa buhinga bwa Internet, bimushikana ku muhora wacu ari wo www.watchtower.org. Jodi yamaze amezi nk’angahe asoma amayagwa kuri uwo muhora, ushizemwo na Bibiliya be n’ibiganiro vyaba bimushimishije.
15 Mu nyuma, Jodi yahavuye ahura na Mandi, narirya bompi bari abaforomakazi. Mandi yarahimbawe no kwishura ibibazo vya Jodi. Haciye igihe Jodi na Mandi baraganiriye ku bintu vyinshi bishingiye kuri Bibiliya. Jodi yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana. Bidatevye yaratanguye kwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami. Muri Gitugutu, Jodi yarabaye umwamamaji atarabatizwa, maze abatizwa muri Ruhuhuma. Yandika ati: “Ubu ko namenye ukuri, ubuzima bwanje burahimbaye cane kandi numva nshize akanyota.”
16. Ivyashitse kuri wa muvukanyi wo muri Floride bitwereka iki ku bijanye n’utwigoro tugira two gushinga intahe inogangije?
16 Ryan ntiyari azi yuko intahe yashinze ku mugabo umwe yotumye uwundi muntu amenya ukuri. Ego ni ko, ku bimwerekeye, yaramenye ivyavuye ku mwiyemezo wiwe wo “[gushinga] intahe inogangije.” Yamara, vyoshobora gushika ugashinga intahe ku muhana, ku kazi, kw’ishure canke akaryo kizanye maze utanabizi bigatuma ukuri gushika ku bandi bantu. Nka kurya nyene Paulo atamenye ivyiza vyose vyavuye mu ntahe yashinze mu “ntara ya Aziya,” woshobora kutamenya ivyiza vyose biva mu gikorwa urangura co gushinga intahe inogangije. (Soma Ibikorwa 23:11; 28:23.) Ariko rero, ese ukuntu bihambaye ko ubandanya ubigira!
17. Ni igiki wiyemeje gukora mu 2009?
17 Mu 2009, ese twese twokwitwararika ata gufyina igikorwa twashinzwe co gushinga intahe inzu ku nzu be no mu yindi mice! Gutyo, tuzoshobora guserura inyiyumvo nk’izo Paulo yaseruye, uwavuze ati: “Simbona ubuzima bwanje nk’uburi n’ico bumaze, nk’aho ari ubw’agaciro kuri jewe, ahubwo riho icompa nkarangiza urugendo rwanje n’ubusuku nahawe n’Umukama Yezu, ni kwo gushingira intahe inogangije inkuru nziza ya bwa buntu ata wari abukwiriye bw’Imana.”
Wokwishura gute?
• Intumwa Petero na Paulo be n’abandi bantu bo mu kinjana ca mbere bashinze gute intahe inogangije?
• Ni kubera iki ivyiza biva mu gikorwa turangura co gushinga intahe bishobora kuba ari vyinshi kuruta ivyo twoba tuzi?
• Icanditswe c’umwaka wa 2009 ni ikihe, kandi ni kubera iki wumva ko kibereye?
[Ifoto ku rup. 19]
Icanditswe c’umwaka wa 2009 kizoba kigira giti: ‘Dushingire intahe inogangije inkuru nziza.’—Ibik. 20:24.
[Ifoto ku rup. 17]
Abakurambere b’i Efeso bari bazi akamenyero Paulo yari afise ko gushinga intahe inzu ku nzu
[Ifoto ku rup. 18]
Ivyiza biva mu gikorwa urangura co gushinga intahe inogangije bishobora gushika kure ku rugero rungana iki?